RD Congo - Rwanda: Uburusiya buriteguye gufasha mu gihe bwobisabwa – Lavrov

Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire avuga ko igihugu ciwe citeguriye gufasha mu guhuza impande zihanganye muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) mu ntumbero yo kugarukana amahoro mu buseruko bw'iki gihugu.

Mu kiganiro n'abanyamakuru ejo ku wa kabiri, umushikiranganji Sergei Lavrov, yavuze ko ata cizere kihari c'uko intambara irangwa mu buseruko bwa DR Congo irangira ubu bwa vuba kubera ibibazo nkoramutima bisanzwe bihari bitaratorerwa umuti.

Lavrov yagize ati: "Dusanzwe dufitaniye imigenderanire myiza na Congo hamwe n'Urwanda, kandi turipfuza kubona izi ndyane hagati yavyo zirangiye. Ariko, mvugishije ukuri, ivy'uko ino ntambara yoba iriko irarangira ubu bwa vuba, nta birimwo.

"Ari nka hamwe twosabwa kuba umuhuza, nta n'umwe tuzokwankira".

Imyaka ine igiye kurangira Uburusiya ubwabwo buri mu ntambara muri Ukraine, imwe mu ntambara yeruye imaze imyaka myinshi mu kinjana turimwo, kandi utwigoro tw'ibiganiro vyo kuyihagarika ntaco turashikako.

Kuva mu 2021 umuhari M23 wagarutse mu ntambara na leta ya Kinshasa, gushika ubu hamaze kuba utwigoro tutari duke two kugarukana amahoro, kuva i Nairobi ukaja i Luanda, kuva i Doha muri Qatar ukaja i Washington muri Amerika, ariko gushika ubu ntaco turashikako.

Muri ico kiganiro, Lavrov yabajijwe igituma gushika ubu intambara itarashobora guhagarara burundu mu gihe hari amasezerano y'amahoro aheruka guterwako igikumu i Washington hagati ya Perezida Félix Tshisekedi wa DR Congo na Perezida Paul Kagame w'Urwanda.

Lavrov yishuye ati: "Ku vyerekeye utwigoro twa Donald Trump, eka mbere iyi ntambara iri mu ntambara umunani kw'isi avuga ko amaze kurangiza, ariko wibuke ko aherutse kwivugira we nyene ko iyi ntambara yasubiye kwaduka.

"Hari ibibazo bikomeye, bimaze igihe kirekire cane. Rero bidatorewe umuti ntushobora kuvuga uko nyene ngo twashitse ku masezerano, kandi ibintu bimeze neza.

"Hampande y'ibindi bibazo vyinshi, hariho uno muhari M23, si ukuvuga ko wemewe n'amategeko, ariko ni umuhari ufise inguvu.

"Ndasubiyemwo, ari nka hamwe twosabwa [intererano mu gutorera umuti iyi ntambara], twovyihweza tukaraba ico twofasha".

Mu masezerano aheruka ubu bwa vuba, Perezida Tshisekedi na Perezida Kagame barateye igikumu ku masezerano y'amahoro ku wa 4 Kigarama (12) umwaka waraye urangiye, ariko nticabujije ko inyuma y'aho haba intambara zikarishe, zatumye M23 yigarurira igisagara ca Uvira ku wa 10 z'uko kwezi nyene.

Reta ya DR Congo, abahinga ba ONU hamwe n'ibihugu vy'uburengero, harimwo na Amerika, bagiriza Urwanda ko ari rwo rufatiye umuriro M23, mu kuyiha uburyo n'abarwanyi, ari na co gituma ari rwo rutungwa urutoke.

Reta ya Kigali yoyo ibandanya ibihakana, ikavuga gusa ko yafashe "ingamba zo kwikingira" ingaruka z'iyi ntambara.

Kigali, n'abahinga ba ONU na bo bagiriza Kinshasa ko ihaye indaro kandi igakorana n'inyeshamba za FDLR zirondera gusenyura ubutegetsi bwa Paul Kagame. Kinshasa na yo irabihakana, mbere ikaba yaranagabishije umusirikare uwo ari we wese yofatwa akorana na yo ko azohanwa bikomeye.

Inyuma y'imisi itanu M23 ifashe Uvira, yatangaje ko yari igiye kuva muri iki gisagara kiri ku kiyaga Tanganyika, inyuma y'igitsure gikomeye catewe Urwanda, ariko bikaba bitabujije ko intambara zibandanya mu mitumba ikikuje Uvira.

Hagati aho, ku wa gatandatu w'indwi iheze, hari kw'igenekerezo rya 18 Nzero (1), ni ho M23 yatangaje ko ivuye muri Uvira mu buryo bwuzuye, bukeye bwaho ingabo za reta na zo zikaba zaje kumenyesha ko ari zo zigenzura iki gisagara.

Kuva iyi ntambara isubiye kwaduka, M23 yagiye yigarurira uturere tutari duke tw'intara za kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo, harimwo n'imigwa mikuru yazo, Goma na Bukavu, yagiye kwigarurirwa mu ntambara zikomeye cane zabaye mu ntango z'umwaka uheze wa 2025.

Mu gihe utwigoro twose two kugarukana amahoro muri ako karere k'Ubuseruko bwa Congo ataco turashikako, vyitezwe ko mu misi iri imbere hazoba ibiganiro bizohuza Abanyekongo ubwabo kugira ngo barondere amahoro, nk'uko vyatangajwe n'umuvugizi wa reta ya Kinshasa.