Arsene Wenger agiye kuva muri Arsenal

Arsene Wenger

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Arsene Wenger niwe mu myenereza abirambiyemwo kurusha abandi muri Premier League

Umumenyereza w'ikipe y'umupira w'amaguru, Asenal, yo mu Bwongereza, Arsene Wenger, yatangaje ko agiye kuva muri iyo kipe nyuma y'imyaka 22 ayimenyereza.

Bwana Wenger yavuze ko yumva bibereye ko yogenda amahiganwa y'iki kiringo ca 2017-2018 arangiye.

Wenger yatsindiye ibikombe vy'Ubwongereza bitatu hamwe n'icishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri ico gihugu, FA, inshuro indwi.

Yavuze ko azokwama akunda Arsenal ngo kandi afane iyo kipe gushika kw'iherezo.

Niwe mumenyereza abirambiyemwo kurusha abandi mw'ihiganwa rya Premier League ryo mu Bwongereza.

Uwufise igice kinini c'ikipe ya Arsenal, Stan Kroenke, yavuze ko ari umwe mu minsi igoye amaze kugira mu nkino.

Arsenal kuri ubu iri mu kibanza ca gatandatu muri Premier League, ikaba kandi iri mu ca kabiri c'ihiganwa rya Buraya, Europa League.