Wenger ngo habaye amakosa menshi yatumye batsindwa na Newcastle

Matt Ritchie yinjije igitsindo ciwe ca gatatu ca Premier League uno mwaka bakina na Arsenal

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Matt Ritchie yinjije igitsindo ciwe ca gatatu ca Premier League uno mwaka bakina na Arsenal

Umugwi wa Newcastle wirahiye umugwi wa Arsenal ku bitsindo 2-1, umumenyereza w'uwo mugwi akaba yemeye ko aba Gunners bakoze amakosa menshi.

Igitsindo ca Arsenal cinjijwe na Alexandre Lacazette ku munota wa 14 bahanahanye na Pierre-Emerick Aubameyang, umugwi wa Newcastle ugombora ku munota wa 29 ku gitsindo ca Ayoze Pérez.

Umugwi wa Arsenal uri mu kibanza ca gatandatu n'amanota 54, nturigera uronka inota na rimwe mu nkino z'inyuma y'ikibuga ca Emirates Stadium uno mwaka.

Matt Ritchie niwe yahaye intsinzi umugwi Newcastle ku gitsindo yinjije ku munota wa 68, uwo mugwi uca ugira amanota 41.

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger yavuze ko abakinyi biwe bari bakirushe kubera inkino bamazemwo iminsi, ubu bakaba bashitse mu gice ca kabiri ca Europa League aho bazohura n'umugwi wa kabiri muri la liga muri Espagne, Atletico, urukino benshi basanga Arsenal itazorohegwa.

Uwo mumenyereza yemeye ko umugwi wiwe wakoze amakosa mu rukino rw'uno munsi, muri rusangi ngo abakinyi ntibigeze barondera gusatira.

Wenger yavuze ko urukino rw'uno munsi rusa n'izindi nkino z'uno mwaka.

"Vyagenze nkuku ihiganwa ry'uno mwaka, kugumya umupira 70%, 1-0, amahirwe menshi, munyuma ukibaza ingene watsinzwe.

Umumenyereza wa Newcastle Rafael Benitez yashimiye aba Magpies kuri iyo ntsinzi no kuba umugwi udashobora gukorokera mu mahiganwa yo munsi uko vyogenda kwose.

Bubaye ubwa kane umugwi Newcastle utsinze wikurikiranya.