Ukraine – Russia: Amerika ivuga ko Ukraine iriko irakoresha ‘neza’ bombe à sous munitions

Ahavuye isanamu, Magnum Photos
Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziremeza ko Ukraine iza yamaze gutangura gukoresha vya bibombe bitekeye utundi tubombe dutoduto mu guhangana n’ingabo z’Uburusiya muri ico gihugu.
Umuvugizi w’Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano, John Kirby, yavuze ko amakuru ya mbere yerekana ko biriko birakoreshwa ‘neza’ ku birindiro vy’ingabo z’Uburusiya.
Ibi bibombe bizwi nka armes à sous-munitions/bombes à sous-munitions canke Cluster bombs mu congereza, iyo bituritse, bisanzaza utubombe dutoduto irya n’ino, bikaba ari ibirwanisho vyaciwe mu bihugu birenga 100 kubera amabi bikora ku basivire.
Amerika yemeye kubitanga mu buryo bwo kwongerereza inguvu Ukraine kuko amasasu ariko arayikehana.
Ukraine yemeye ko aya mabombe azokoreshwa gusa mu gutuza ingabo z’Uburusiya aho zizoba zirundaniye.
Kirby ati: "Bariko barabikoresha uko bikenewe. Babikoresha neza kandi mu vy'ukuri biriko bigira ingaruka ku birindiro vy'ingabo z’Uburusiya ndetse no mu mayeri y’Uburusiya yo kwivuna. Nibaza ko nogarukiriza ng’aha”.
Amerika yafashe ingingo yo kurungika ubwoko bw’ibi birwanisho inyuma y’aho Ukraine igabishirije ko yariko irakehanirwa n’amasasu mu gitero irimwo co kwivuna umwansi, kiriko kigenda bukebuke cane kandi gitwara uburyo bwinshi gusumba uko vyari vyitezwe.
Perezida Joe Biden yavuze ko yabaye “ingingo itoroshe”, mu gihe incuti za Amerika, Ubwongereza, Canada, Nouvelle-Zelande na Espagne ziyamirije ikoreshwa ryavyo.
Ibi birwanisho bifise akarusho kanini iyo bikoreshejwe ku ngabo zinyegeje mu myobo no ku birindiro bikomeye, kuko bituma uturere twagutse bitoroha kudukoreramwo gushika dukuwemwo utu tubombe dutoduto tuba twasanzajwe irya n’ino.

Ahavuye isanamu, Reuters
Uburusiya busanzwe bukoresha ubu bwoko bw’izi bombe muri Ukraine kuva butanguye intambara muri iki gihugu mu mwaka uheze, harimwo mbere no mu turere dutuwemwo n’abasivire.
Avuga kuri ino ngingo ya Amerika yo kurungika izi bombe, Perezida Vladimir Putin yavuze ko igihugu ciwe gifise ibirwanisho nk’ibi nyene kandi ko kizobikoresha “mu gihe vyokoreshwa kuri twebwe”.
Oleksandr Syrskyi, intwazangabo ya Ukraine irongoye urugamba mu buseruko bw’igihugu, yabwiye BBC mu ndwi iheze ko ingabo ziwe zari zikeneye ibi birwanisho kugira ngo zishobore “guhasha umwansi ku butaka”.
"Twipfuza gutera intambwe yihuta cane, ariko mu vy’ukuru ntibikunda. Uko abasirikare bazobandanya bapfa ku bwinshi, niko imiryango yabo mu Burusiya izobandanya ibaza iti ‘kubera iki’?”
Yongeyeko ko izi bombe à sous-munitions zitazorangiza “ingorane zacu zose”.
Yaremeye kandi ko ikoreshwa ry’ubu bwoko bw’ibi birwanisho riteje impari, ariko yongerako ati: “Iyo Abarusiya bataba babikoresha, kumbure natwe umutimanama ntiwari kutwemerera kubikoresha natwe”.











