Ukraine-Russia: Incuti za Amerika ntizerekwa imfashanyo ya bombes à sous-munitions irungikiwe Ukraine

Akabombe katurikijwe kavuye mu kibombe kinini c’Uburusiya muri Ukraine

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Akabombe katurikijwe kavuye mu kibombe kinini c’Uburusiya muri Ukraine
    • Umwanditsi, Na Kathryn Armstrong & Antoinette Radford
    • Igikorwa, BBC News

Ibihugu bitari bike vy’incuti za Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyerekanye ko bitishimiye ingingo ya Washington yo kurungikira Ukraine ya mabombe yiyamirizwa n’ibihugu bitari bike.

Ku wa gatanu, Amerika yaremeje ko igiye kurungikira Ukraine aya mambombe atekeye utundi tubombe dutoduto, azwi nka cluster bombs/ bombes à sous-munitions, Perezida Joe Biden akavuga ko yabaye “ingingo itoroshe na gato”.

Mu kwishura kuri ino ngingo, Ubwongereza, Canada na Espagne vyaciye bimenyesha ko bidashigikiye ikoreshwa ry’ibi birwanisho.

Cluster bombs canke bombes à sous-munitions, armes à sous-munitions/ Cluster munitions zaraciwe mu bihugu birenga ijana kubera akaga ziteza ku basivire. Aya mabombe arekura utubombe dutoduto dushobora kwica benshi tutavanguye mu karere kanini.

Ibi birwanisho kandi vyateje impari kubera urugero runini rw’utu tubombe dutoduto tudaheza ngo duturike uwo mwanya turekuriweko. Iyo tudaturitse, dushobora kumara imyaka n’imyaka turi ku butaka, tukazoturika mu rudavagi.

Umuhanuzi wa Amerika mu bijanye n’umutekano Jake Sullivan yabwiye abamenyeshamakuru ko urugero rwa bombes à sous-munitions za Amerika zirungitswe muri Ukraine zidaturika ruri hasi cane ugereranije n’iziriko zirakoreshwa n’Uburusiya muri iyo ntambara.

Mu kiganiro na CNN ku wa gatanu, Perezida Biden yavuze ko yavuganye n’ibihugu vy’incuti kuri ino ngingo iri mu bigize imfashanyo ya gisirikare ifise agaciro k’imiriyoni 800 z’amadorari y’abanyamerika.

Yavuze ko vyamufashe igihe kugira yemere gufata iyi ngingo, ariko ko yayifashe kubera "abanya-Ukraine bariko barahererwa n’amasasu”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Amashiramamwe aharanira agateka ka zina muntu yaciye yihutira kunegura iyi ngingo, aho nka Amnesty International ivuga ko bombes à sous-munitions ziteza “akaga gakomeye ku buzima bw’abasivire, kandi igihe kirekire inyuma y’intambara”.

Hanyuma kandi ejo ku wa gatandatu, bimwe mu bihugu vy’incuti za Amerika zo mu burengero zaranse gushigikira iyi ngingo.

Abajijwe aho ahagaze ku ngingo ya Amerika, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak yasiguye ko Ubwongereza buri mu bihugu 123 vyateye igikumu ku masezerano ajanye n’aya ma bombes à sous-munitions azwi nka Convention sur les armes à sous-munitions/Convention on Cluster Munitions, akaba abuza guhingura no gukoresha ibi birwanisho.

Umushikiranganji wa Espagne ajejwe kwivuna abansi Margarita Robles yashitse kure, aho yabwiye abamenyeshamakuru ko igihugu ciwe “ciyemeje cane” ko ibirwanisho bimwe bimwe n’amabombe amwe amwe bidashobora kurungikwa muri Ukraine.

Ati: "Oya kuri bombes à sous-munitions, ego ku burenganzira bwa Ukraine bwo kwivuna umwansi, tugatahura ko budashobora gukorwa hakoreshejwe bombes à sous-munitions”.

Reta ya Canada ivuga ko ifise impungenge nyinshi ku ngaruka aya mabombe ashobora kugira ku bana, na rirya ashobora kumara imyaka myinshi ataraturika.

Cluster bomb

Canada ivuga kandi ko idashigikiye ikoreshwa ry’ibi bibombe kandi ko ikurikira amasezerano abuza ikoreshwa ryavyo. “Dufata nka nkama ivyo twiyemeje muri ano masezerano mu guhimiriza ko amakungu yose ayemeza”, niko ivuga mw’itangazo.

Amerika, Ukraine n’Uburusiya ntibiratera igikumu kuri ano masezerano, mu gihe Mosco na Kyiv, impande zompi zikoresha ibi birwanisho muri ino ntambara.

Hagati aho, mu gihe Ubudagi, igihugu naco nyene cateye igikumu kuri ano masezerano, buvuga ko budashobora kurungikira Ukraine ibi birwanisho, buratahura ingingo ya Amerika.

Umuvugizi wa reta Steffen Hebestreit yabwiye abamenyeshamakuru i Berlin ati: "Turazi ko bagenzacu ba Amerika batorohewe mu gufata iyi ngingo yo kurungika ibirwanisho nk’ibi”.

Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi arahumuriza ko izi bombes à sous-munitions zizokoreshwa gusa mu kumenera mu birindiro vy’umwansi, ko zitazokoreshwa mu turere tw’ibisagara.

Ingingo ya Biden izoba iteye kubiri n’itegeko rya Amerika ribuza igingurwa, ikoreshwa canke irungikwa ry’izi bombes à sous-munitions zifise urugero rurenga 1% rwo kudaturika.

Ariko Jenerali Sir Richard Shirreff, yahoze ari icegera c’umukuru wa OTAN i Bulaya, arashigikira iyi ngingo, akavuga ko irungikwa ry’ibi birwanisho bizotuma Ukraine yoroherwa mu kumenera mu birindiro vy’ingabo z’Uburusiya.

Avuga ko iyo Uburengero buba bwararungitse ibikoresho vuba, ibi birwanisho ntibiba bikenewe ubu.

Ishirahamwe rya Amerika, Cluster Munition Coalition, rimwe mu mashiramahwe ari mw’isekeza mpuzamakungu rifise intego yo gutuza ibi birwanisho, rivuga ko bizoteza “amahano atagira izina, uno musi no mu myaka mirongo iri imbere”.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka zina muntu navyo nyene biranegura iyi ngingo, aho umuserukizi wavyo avuga ko “ikoreshwa ry’ibi birwanisho rikwiye guhagarara vuba bwango kandi ntibikoreshwe ahantu na hamwe”.

Insiguro ya video, Videwo y'igisirikare ca Amerika yerekana ingene cluster bombs/armes à sous-munitions ziturika

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi avuga ko iyi ngingo ari “ingingo yo guta wakuba” kandi “yerekana ko ata kigenda mu ntambara ya Ukraine yo kwikura umwansi ihayagizwa cane”.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe imigenderanire nawe Maria Zakharova avuga ko ivyo Ukraine yiyeza ko itazokoresha izi bombes à sous-munitions ata na kimwe bivuze.

Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya aherutse kwagiriza Amerika n’incuti zayo ko vyakobeje mu ntambara yavyo vyinyegeje inyuma ya Ukraine.

Igitero ca Ukraine co kwivuna umwansi catanguye mu kwezi guheze kirabandanya buke buke mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko hamwe na Zaporizhzhia iri mu bumanuko bushira ubuseruko.

Mu ndwi iheze, umukuru w’igisirikare ca Ukraine Valery Zaluzhny yavuze ko urugamba ruzingamitswe n’uko ata bikoresho bikwiye bafise. Yarerekanye akababaro k’uko Uburengero bugenda bukwega amaguru mu kurungika ibikoresho bwemeye.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine wewe arashimira Amerika ku mfashanyo ya gisirikare “nkenerwa cane ije hageze”.