Ubushinwa na Biélorussie bisaba amahoro muri Ukraine

Alexander Lukashenko, i bubamfu yarabonanye na Xi Jinping ejo ku wa gatatu

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Alexander Lukashenko, i bubamfu yarabonanye na Xi Jinping ejo ku wa gatatu
    • Umwanditsi, Tessa Wong & George Wright
    • Igikorwa, BBC News

Abarongoye ibihugu vy’Ubushinwa na Biélorussie berekanye ko bashigikiye cane umugambi w’amahoro ufise intumbero yo kurangiza intambara muri Ukraine.

Umukuru w’igihugu c’Ubushinwa n’indongozi ya Biélorussie, Alexander Lukashenko, incuti ya hafi cane ya Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya, bamenyesheje ibi inyuma y’ibiganiro bagiriraniye i Pékin/Beijing.

Lukashenko avuga ko igihugu ciwe “gishigikiye cane” umugambi w’amahoro wa Pékin mu ntumbero yo kurangiza intambara yo muri Ukraine.

Ubushinwa bwatangaje uyu mugambi w’amahoro mu ndwi iheze, busaba kwubahiriza ubwigenge bw’ibihugu.

Uru rugendo rwaje inyuma y’aho Ubushinwa burungikiye umushikiranganji wabo ajejwe imigenderanie Wang Yi kubonana na Putin.

Umubonano wa Lukashenko na Xi wahuriranye kandi n’urugendo rw’umunyamabanga wa Reta ajejwe imigenderanire ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika Antony Blinken mu bihugu vyo muri Aziya yo hagati kugira bavugane ku ntambara yo muri Ukraine.

Ejo ku wa gatatu, Ubushinwa na Biélorussie vyarerekanye “impungenge nyinshi” bifise kuri ino ntambara “n’icipfuza cavyo c’uko yorangira vuba kugira Ukraine igire amahoro”, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta Belta.

Lukashenko yarafashije umukuru w’igihugu c’Uburusiya mu ntambara yiwe muri Ukraine, abihweza ibintu n’ibindi bakabona ko urugendo rwiwe i Pékin ari ikindi kimenyetso c’uko Ubushinwa buriko bwiyegereza Uburusiya n’incuti zabwo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iyi ndongozi ya Biélorussie irashima umugambi w’amahoro w’Uburusiya.

Iyi nteguro y’ibice 12 isaba ko “ubwigenge bw’ibihugu vyose bwubahirizwa”. Ntivuga mu buryo bwihariye ko Uburusiya butegerezwa gukura ingabo zabwo muri Ukraine kandi iranegura ibihano vyafatiwe Uburusiya, ibi bikaba vyerekana ko incuti za Ukraine zo mu burengero zinegurwa.

Lukashenko avuga ko ashigikiye cane utwigoro tujanye n’umutekano w’isi twatanguje na Xi, nk’uko biri mw’ijambo rirangiza inama ryashizwe ahabona n’abafasha biwe.

Ingingo za poritike “zategerezwa imbere ya vyose kuzibira kugira ngo ntihabe itana mu mitwe hagati y’ibihugu aho ata n’umwe yohava atsinda”, nk’uko yabibwiye Perezida Xi.

Iyi nteguro y’Ubushinwa ku mugambi w’amahoro ntiyashimwe n’ibihugu vy’Uburengero muri rusangi.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko yemeranya n’ibice bimwe bimwe vy’iyi nteguro, akavuga ko ari ikimenyetso c’uko Ubushinwa bufise ishaka ryo guterera. Gushika ubu, Pékin ntaco irishura ku mugaragaro ku cipfuzo ca Zelensky co kubonana na Xi.

Umukuru w’igihugu c’Ubushinwa asaba ko bakuraho “ivyiyumviro vyose vy’intambara y’urwikeko”, nk’uko biri mu cegeranyo casohowe n’Ubushinwa ku mubonano na Lukashenko.

Perezida Xi yongerako y’uko ibihugu vyokwirinda gukinira poritike ku bukungu bw’isi ahubwo ko vyokora ibintu vyofasha guhagarika intambara, no kuyitorera umuti biciye mu mahoro.

Uru rugendo rw’imisi itatu rwa Lukashenko rwaje inyuma y’aho Ubushinwa butsimbatarije imigenderanire yabwo na Biélorussie muri Nyakanga (9), inyuma y’amezi atari make Uburusiya butanguye intambara muri Ukraine.

Biélorussie ni incuti pfa mpfe y’Uburusiya kuva intambara itangura, aho yemereye Moscou gukoresha urubibe rwa Biélorussie na Ukraine mu gutegura igitero kuri Kyiv, n’aho ataco cashitseko.

Hagati aho, Ubushinwa bwaragerageje kutagira aho bwegamiye mu kumenyesha ko bushigikiye ubwigenge hamwe n’uburenganzira bwo kwubahiriza umutekano w’igihugu, ibi bikaba ari inyungu za Ukraine n’Uburusiya.

Ariko kandi, Pékin yaranse kwiyamiriza Moscou mbere inashigikira intambara yayo mu buryo butigaragaza. Ibinyamakuru vy’Ubushinwa vyegamiye reta vyaramamaje cane ivyiyumviro vy’Uburusiya kuri ino ntambara, nk’uko abatari bake mu bihweza ibintu n’ibindi babivuga .

Ubushinwa buriyamiriza bushimitse ivyavuzwe na Amerika mu ndwi iheze ko bwariko burihweza ingene bwoha ibirwanisho Uburusiya.

Abajijwe kuri ibi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Ubushinwa bujejwe imigenderanire Wang Wenbin , yishuye ati: "Ntidushobora kwemera ko Amerika idutunga urutoke ku migenderanire hagati y’Ubushinwa n’Uburusiya, tutibagiye agahato n’igitsure”.

Amakompanyi y’Ubushinwa kandi yagirizwa ko aha Uburusiya ubuhinga bushobora gukoreshwa mu vya gisivire na gisirikare.

Uru rugendo rw’ejo ku wa gatatu rwaje mu gihe Amerika nayo yongereje akariro mu gisata c’imigenderanire, aho blinken yagendeye Kazakhstan na Uzbekistan. Mw’ijambo yashikirije muri Uzbekistan, yavuze ko ingwano "yongereje impungenge mu karere kose" anashimangira ko Amerika yiyemeje kwubahiriza ubwigenge.

Ati: "Impera n’imperuka, iyo igihugu rutura gishatse gufuta imbibe z’igihugu kibanyi cigenga hakoreshejwe inguvu, ni igiki cokibuza kubikorera n’ibindi? Ibihugu vyo muri Aziya yo hagati biratahura ibi”.

Ibihugu vyose bitanu vyo muri Aziya yo hagati biri mu vyari bigize icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti (URSS/USSR) bikaba bifitaniye ubucuti bwa hafi n’Uburusiya hamwe n’Ubushinwa. Ariko ku rugero rutari ruto, vyagumye hagati na hagati muri ino ntambara, binashigikira ibihano Uburusiya bwafatiwe n’ibihugu vy’uburengero kandi binamenyesha ko bitishimiye igitero c’Uburusiya kuri Ukraine, nayo nyene yahoze iri mu cahoze citwa URSS.