Uwari icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Russia yakomerekeye mu gitero ca Ukraine

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwahoze ari umutegetsi w’Uburusiya azwi cane mu gihugu, akaba yahora arongoye igisata kijejwe ikirere, akaba yaranabaye icegera c’umushikiranganji wa mbere, avuga ko yakomerekeye mu gitero ca Ukraine kw’ihoteri.
Dmitry Rogozin avuga ko yakomeretse mu mugongo hafi y’ibitugu mu gisagara ca Donetsk mu karere kagenzurwa n’Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine.
Uwagenywe n’Uburusiya ngo arongore intara ya Donetsk na we nyene yakomeretse mu gihe uwundi mugabo na we avugwa ko yishwe.
Mu bibera ahandi, mu bumanuko bwa Ukraine, abategetsi bashizweho n’Uburusiya bavuga ko ikibombe cari catezwe mu modoka caturitse kigahitana umutegetsi w’akarere.
Ingabo za Ukraine ni zo zagirizwa ico gitero kuri Andrei Shtepa mu kigwati co mu buseruko bw’uruzi Dnipro mu ntara ya Kherson.
Uburusiya bwaravuye ku ruhande rw’uburengero bw’urwo ruzi muri Munyonyo (11), ariko bubandanya bugenzura akarere kose gasigaye ko muri iyo ntara yo mu bumanuko.
Kherson ni imwe mu ntara zine za Ukraine Vladimir Putin aherutse gutangaza ko zegukira Uburusiya, n’aho yananiwe no kwigarurira intara n’imwe yose.
Dmitry Rogozin avuga ko yakomeretse ku mugoroba wo ku wa gatatu biturutse ku muntu yamenye ibanga ko we n’abandi bariko barafungurira hamwe kw’ihoteri Shesh-Besh iri ku nkengera ya Donetsk amaja mu bumanuko.
Umukozi yabwiye ibinyamakuru vy’Uburusiya ko iyo hoteri yatewe igisasu ntahusha, gishobora kuba carashwe n’inkoho yo mu bwoko bwa howitzer yakozwe n’Ubufaransa.
Ejo ku wa kane, yanditse kuri Twitter ati: "Wari umubonano w’akazi n’incuti za hafi. Twari tumaze ano mezi yose muri ino hoteri, kandi mu myaka umunani yose, umwansi ntiyari bwigere atera kino kibanza”.
Mu nyuma yavuze ko hari agapande k’icuma kamugumyemwo.
Ati: "Ni ngombwa ko mbagwa. Abantu batari bake b’incuti zanje na bo nyene bakomeretse”.
Rogozin arazwi cane mu majambo y’urwanko ku Burengero, kandi azwi ko ashigikiye cane igitero c’Uburusiya kuri Ukraine. Ku wa gatatu, niho yuzuza imyaka 59, ariko akaba ahakana amakuru avuga ko yari mu kirori c’isabukuru yiwe ico gihe.
Mu ci riheze yarasubirijwe nk’umukuru w’ikigo kijejwe ikirere, Roscosmos, inyuma y’aho bivugiwe ko Kremlin yari kumuha igiti gikomeye mu turere twigaruriwe n’Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine. Ahubwo, asa n’uwurongoye ishirahamwe ry’abakorerabushake ryitwa Tsar's Wolves rifasha ingabo zegamiye Uburusiya mu buseruko.
Kuva mu 2014, Donetsk igenzurwa n’abategetsi begamiye Uburusiya, babandanya bagiriza ingabo za Ukraine ko ziguma zitera ico gisagara.
Umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare w’Uburusiya, Jenerali Valery Gerasimov, yavuze ejo ku wa kane ko intumbero nyamukuru ubu kwari ukwigarurira intara yose ya Donetsk. N’aho bigaruriye uduce two mu bumanuko kuva igitero gitanguye mu kwa kabiri, urugamba rusa n’urutararenga igisagara ca Donetsk.










