Ukraine: Kyiv ivuga ko Uburusiya buriko butegura igitero rutura mu ntango z’umwaka uza

Ahavuye isanamu, EPA
Na Marita Moloney
BBC News
Ukraine yagiriza Uburusiya ko buriko butegura igitero rutura co ku butaka mu ntango z’umwaka buca dutangura, n’aho igisirikare cabwo giherutse gutakaza ku rubuga rw’intambara.
Perezida Volodymyr Zelensky n’abategetsi bakuru baragabisha ko Kyiv n’incuti zayo badategerezwa kwijajara.
Intwazangabo nkuru mu gisirikare zivuga ko ico gitero gishobora kuba mu karere ka Donbas, mu bumanuko canke mbere gitera kija mu mugwa mukuru Kyiv.
Abihweza ibintu n’ibindi bo mu burengero bavuga ko ubushobozi bw’Uburusiya bwo gukora igitero co ku butaka kikagenda neza bugenda bugabanuka cane.
Muri ino ndwi, intwazangabo ikuriye igisirikare c'Ubwongereza Admiral Sir Tony Radakin yavuze ko intambara ishobora kugenda imera nabi kuri Moscou avuga ko ubu igenda ikehanirwa cane n’uburyo.
Mu rukurikirane rw’ibiganiro yagiye aha abanyamakuru, umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi, Oleksii Reznikov, avuga ko ivyemezo vyerekana ko Uburusiya butegura igitero gishasha gikomeye bigenda vyongerekana, n’aho buherutse gutakaza bikomeye ku rubuga rw’intambara.
Abona ko iki gitero gishobora kuba mu kwa kabiri igihe inusu y’abarikiri 300.000 Uburusiya bwinjije mu gisirikare mu kw’icumi kugira baje gufasha ku rugamba muri Ukraine bazoba bahejeje imyimenyerezo.
Reznikov yabwiye ikinyamakuru the Guardian ati: "Iyindi nusu ya kabiri, hafi 150.000…izokwitegura mu kiringo c’amezi hafi atatu. Ibi bisigura ko bariko bagerageza gutangura ikindi gitero nko mu kwa kabiri nk’uko vyagenze mu mwaka uheze. Izi nizo nteguro zabo”.
"Kremlin iriko igerageza kurondera ayandi mayeri y’ukungene yotsinda intambara”, niko avuga, akongerako y’uko yiteze ko Uburusiya bugiye guhamagara abandi banyagihugu kwinjira mu gisirikare.
Igitero gishasha ca Moscou gishobora kuba nko mu kwa mbere ariko cane cane mu gihe c’impeshi, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru the Economist, aho kivuga ko uyu ari umwihwezo wa Perezida Zelensksy, Jenerali Valery Zaluzhny na Jenerali Oleksandr Syrskyi mu biganiro baherutse gutanga.
Umukuru w’igisirikare ca Ukraine, Jenerali Zaluzhny avuga ati: "Abarusiya bariko bategura izindi ngabo nshasha zababa 200.000. Nta nkeka mfise ko bazosubira bakagerageza gufata Kyiv”.
Avuga ko Uburusiya “buriko buritegura ijana kw’ijana”, akongerako y’uko “igikorwa nyamukuru kuri Ukraine…ari ugushiraho ingabo z’integabizoza ikitegurira intambara ishobora kuba mu kwa kabiri, ariko cane cane mu kwa gatatu, canke mbere no mu mpera z’ukwa mbere”.
Ati: "Ishobora kudatangurira muri Donbas, ariko igatera ija muri Kyiv, amaja muri Biélorussie/Belarus, ariko kandi kigashobora kuba amaja mu bumanuko”.

Impande zompi zanse agahengwe ka Noweli kandi nta biganiro vyo kurondera kurangiza intambara bihari.
Abahinga ba gisirikare bavuga ko igihe c’ubukonje gishobora guhagarika ibikorwa, n’aho intambara zikomeye zibandanya, cane cane mu ntara ya Donetsk, aho Abarusiya bariko basatira kugira ngo bigarurire igisagara ca Bakhmut.
Ukraine yaratsimbataje igisata cayo kijejwe gukingira ikirere mu ntumbero yo guhangana n’ibisasu vya misire vy’Uburusiya, ifashijwe n’Uburengero, ariko ikaba ibandanya isaba ibindi birwanisho rutura.
Ejo ku wa kane, incuti zayo zo mu burengero zariyemeje kuyiha izindi mfashanyo z’amafaranga n’inyigisho za gisirikare.
Abategetsi b’umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya bemeye kurekura imiriyarigi 18 z’ama-euro yo gufashisha Ukraine mu mwaka uza, no gufatira Moscou ibindi bihano ku ncuro igira icenda.
I Washington, igisirikare ca Amerika gitangaza ko kigiye kwigishiriza ingabo za Ukaine mu Budagi.
Kuva mu kwa mbere, ingabo 500 buri kwezi zizohabwa inyigisho, zizogenda ziyongera ku basirikare barenga 15.000 ba Ukraine bamaze kwigishwa na Amerika n’incuti zayo kuva mu kwa kane.










