Russia - Ukraine: Amwe mu makuru womenya none kuwa gatatu kuri iyi ntambara

Zelensky avuga ko Uburusiya bumaze gutakaza ibitagira urugero kuva intambara yaduka

Ahavuye isanamu, Ingabo za Ukraine

Insiguro y'isanamu, Zelensky avuga ko Uburusiya bumaze gutakaza ibitagira urugero kuva intambara yaduka

Umukuru w'igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky avuga ko ingabo z'Uburusiya gushika ubu zimaze gutakaza "ibitagira urugero" kuva butanguye igitero cabwo, haraciye imisi 48.

Mu butumwa yasohoye aciye kuri videwo, Zelensky avuga ati: "Muribuka ingene Uburusiya bwirata ko bwari kuba bwafashe Kyiv mu masaha 48? Mu masaha 48 yavuyemwo imisi 48, igisirikare c'Uburusiya kimaze gutakaza ku rugero rusumba ivyo Reta Zunze Ubumwe z'Abasoviyeti zatakaje mu myaka cumi y'intambara muri Afghanistan".

Integuro y'ubwa mbere y'Uburusiya y'ugufata bidatevye umugwa mukuru Kyiv igihe intambara itangura ku wa 24 ruhuhuma (2) yaranse, inyuma y'aho ingabo zabwo zinaniwe kubishikako.

Abihweza ibintu n'ibindi babona ko Moscou yasuzuguye inguvu n'ubushobozi bw'igisirikare gito ca Ukraine.

Uburusiya kandi ntibworohewe mu kuronswa ivya nkenerwa. Ingabo zahuye n'ikibazo co kubura igitoro, indya n'amasasu. Imodoka zarapfuye ziratabwa, hanyuma za tingatinga za ukraine zikaba ari zo zaje kuzikwega zirazitwara.

Ingabo z'Uburusiya zose ubu zaramaze kuva mu micungararo y'umugwa mukuru Kyiv ubu zikaba ziriko ziriyubaka mu turere twa Donetsk na Luhansk turi mu buseruko.

Ibigendajuru vyerekana ingabo z'Uburusiya ziriko ziyegeranya

Amakuru hamwe n'amasanamu y'ibigendajuru yerekana ko Uburusiya buriko burarundarunda ingabo n'ibikoresho n'imiburiburi mu bibanza bitatu biri ku rubibe rwa Ukraine: mu turere twa Belgorod na Voronezh, hamwe no mu micungararo y'igisagara ca Matveev Kurgan amaja mu bumanuko.

Hagati muri Ukraine, Uburusiya burakomeje ibitero mu micungararo ya Izyum bukaba buriko butegura igitero mu bumanuko kugira bwigarurire Slovyansk, nk'uko bivugwa n'ikigo gishinzwe ubushakashatsi ku bijanye n'intambara (Study of War).

Mu gihe vyokunda, ingabo z'Uburusiya zokworoherwa mu gusatira ingabo za Ukraine ziri mu buseruko canke mu bumanuko bushira ubuseruko.

Mu gihe zokwigarurira Mariupol, ingabo z'Uburusiya zoca zitangura gutera zija mu buraruko kugira zizingurize rwose ingabo zitari nke za Ukraine.

Zimwe mu ngabo zimenyereye intambara kandi zifise ibikoresho bikomeye zivugwa ko ziri mu buseruko.

Ziratsimbataye ku birindiro vyazo, abihweza ibintu n'ibindi bakabona ko abasirikare b'Uburusiya bashobora kutoroherwa kuzomora.

Russia

Ibintu bishobora kumera gute mu buseruko?

Donbas

Mu gihe hitezwe igitero gishasha c'Uburusiya mu ntara ya Donbas iri mu buseruko, Dr Aglaya Snetkov, Umurusiyakazi w'umuhinga mu bijanye n'umutekano, ku bijanye n'ingene intambara ishobora kugenda muri ako karere, ashikiriza uko abibona.

Uburusiya buzokora gute?

Snetkov ati: "Ubu turiko tubona intambara yo gusambura igenda bukebuke".

"Abarusiya bazokwibanda ku gusambura ibirindiro vy'ingabo za Ukraine hamwe n'inyubakwa".

Uyu mupfasoni avuga ko Putin azotera ava mu majaruguru no mu gisagara ca Mariupol kiri mu bumanuko - asatira kugira ngo aronke ivyo ashaka.

None iyi ntambara izoba imeze gute?

Snetkov yemeza ko Uburusiya bushobora kuzokwibanda cane ku gusambura inyubakwa n'amabarabara y'indarayi, ariko afise ubwoba ko hashobora no kuzoba abasivire bahasiga ubuzima.

"Gushika ubu, ntituramenya nimba bategura kwigarurira uturere two mu buseruko mu kuducucagira amabombe".

Avuga ko bizofata igihe kugira ngo ibikoresho vya gisirikare biremereye bishike i Donbas, cane cane mu gihe vyoba ari ibizova muri Bielorussie canke mu Burusiya.

Ingene ibintu bishobora guhinduka

Hagati aho, avuga ko ibikorwa vya gisirikare vy'Uburusiya ubu bishobora gufata umurongo mwiza gusumba, inyuma y'igenwa rya Jenerali Alexander Dvornikov ngo arongore iki gitero - aho abajenerali bake ari bo bashobora kurungikwa ku rubuga rw'intambara.

Ati: "Ikintu gitangaje ni uko gushika ubu Abarusiya ata wurongoye intambara bari bafise, canke nibura ntitwari tuzi uwo ari we".

Amashusho y'ibigendajuru aheruka kwerekana urukurikirane rw'imodoka za gisirikare rw'ibirometero hafi 13 zica mu gisagara ca Velykyi Burluk muri Uiraine, mu karere ka Khrkiv mu buraruko bwa Donbas

Ahavuye isanamu, Maxar Technologies

Insiguro y'isanamu, Amashusho y'ibigendajuru aheruka kwerekana urukurikirane rw'imodoka za gisirikare rw'ibirometero hafi 13 zica mu gisagara ca Velykyi Burluk muri Uiraine, mu karere ka Khrkiv mu buraruko bwa Donbas

Mu masanamu: Mariupol isigaye ari umunyota mu gihe ibitero vy'Uburusiya vyiyongereye

Iyi sanamu yerekana inzu ya sinema yasambuwe i Mariupol, itewe ikibombe ku wa 16 Ntwarante, ikaba yafashwe ku wa 12 Ndamukiza 2022

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iyi sanamu yerekana inzu ya sinema yasambuwe i Mariupol, itewe ikibombe ku wa 16 Ntwarante(3), ikaba yafashwe ku wa 12 Ndamukiza (4) 2022

Igisirikare ca Ukraine kirugaranywe muri Mariupol mu gihe ingabo z'Uburusiya zitera zisagiriza iki gisagara kiri mu bumanuko nk'uko vyandikwa kuri Twitter na Mykhaylo Podolya, umutegetsi wo mu biro vy'umukuru w'igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky.

"Abasirikare bacu baracazibiriwe muri ico gisagara kandi bafise ingorane yo kuronswa uburyo", niko yandika, akongerako y'uko bariko barihweza ingene ibintu bigenda.

Kuva mu ntango z'ukwa gatatu, Mariupol ibandanya iterwa amabombe y'urutavanako n'ingabo z'Uburusiya.

Uyu mugabo yariko atembera n'ikinga hagati muri Mariupol ku wa 12 Ndamukiza, 2022, mu gihe ingabo z'Uburusiya zongereje umuriro kugira zigarurire iki gisagara

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uyu mugabo yariko atembera n'ikinga hagati muri Mariupol ku wa 12 Ndamukiza, 2022, mu gihe ingabo z'Uburusiya zongereje umuriro kugira zigarurire iki gisagara

Iki gisagara kiri hagati y'uturere twiyonkoye twa Donetsk na Luhansk dufashwe mu mugongo n'Uburusiya hamwe n'intara ya Crimea bwigaruriye mu bumanuko.

Kwigarurira Mariupol yamye mu ntego nyamukuru muri iki gitero c'Uburusiya.

Zelensky avuga ko abantu baharurwa mu bihumbi mirongo bashobora kuba barishwe i Mariupol.

Abantu mw'ibarabara ry'i Mariupol ku wa 12 Ndamukiza, 2022

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu mw'ibarabara ry'i Mariupol ku wa 12 Ndamukiza, 2022

BBC ntirashobora guhinyuza ibi bitigiri, ariko amakuru ava muri ako karere hamwe n'impunzi zihunga ico gisagara bavuga ko hari ibiziga birambaraye mu mabarabara n'inyubakwa nka zose zononekaye canke zasambuwe.

Iyi sanamu yafatiwe mu kirere ku wa 12 Ndamukiza 2022 yerekana igisagara ca Mariupol, igihe igisirikare c'Uburusiya gitera Ukraine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iyi sanamu yafatiwe mu kirere ku wa 12 Ndamukiza 2022 yerekana igisagara ca Mariupol, igihe igisirikare c'Uburusiya gitera Ukraine

Mariupol, 'umutima w'iyi ntambara'

Hari ibimenyetso bibandanya vyiyongera vyerekana ko Uburusiya bushobora kuba buri hafi yo kwigarurira iki gisagara kiri ku nkengera y'inyanja mu bumanuko bwa Ukraine, kimaze amayinga atandatu kiri mu mahano atagira izina.

Igisirikare ca Ukraine kivuga ko kibandanya civuna kandi ko "kibandanya kivugana" n'ingabo ziri ku rubuga. Ariko baremera ko Uburusiya buriko bugerageza kucigarurira cose.

Ingabo za Ukraine zivuga ko zaherewe n'amasasu. Bivugwa ko zasubijwe inyuma gushika ku kivuko c'ico gisagara kiri mu bumanuko be no ku ruganda rw'ivyuma rwa Azovstal, ari ho bamaze amayinga bategurira ibitero vyo kwivuna.

Mu gihe Uburusiya bubandanya bwugariza iki gisagara, ntivyoroshe ko ingabo za Ukraine zironswa imfungurwa, amazi n'amasasu, canke ngo bahungishe inkomere.

Amerika ivugwa ko igiye kurungika ibindi birwanisho

Umusirikare wa Ukraine afise misire yo mu bwoko bwa Javelin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Maison Blanche/White House iriko irategura kurungikira Ukraine ibindi birwanisho vy'imiriyoni 750 y'amadorari y'abanyamerika, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya Amerika.

Ikinyamakuru NBC kivuga ko irungikwa ry'ibi birwanisho rishobora kwemezwa muri ino ndwi, mu gihe Reuters nayo ivuga ko rishobora kwemezwa kuri uwu wa gatatu.

Umutegetsi wa Amerika atashatse kumenyekana izina yabwiye Reuters ko integuro yo kurungika ibi bikoresho iriko irarangira, kandi ko mu bizorungikwa hazobamwo ibirwanisho bikomakomeye vyo mu ntambara yo hasi, harimwo ubwoko bwa vya muzinga buzwi nka howitzers.

Uwundi mutegetsi na we nyene ativuze izina yabwiye NBC ko muri ivyo bikoresho hashobora kuba harimwo indege zitagira abapilote - zizwi nka drones zo mu mazi canke drone z'ubwato - hamwe na za kajugujugu zo mu bwoko bwa Mi-17.

Uwundi mutegetsi na we nyene ativuze izina yongeyeko ati: "Dushaka ko Uburusiya butsindwa iyi ntambara".

Amerika imaze gutanga imfashanyo ya gisirikare ingana n'imiriyaridi 1.7 z'amadorari y'abanyamerika kuva iyi ntambara itanguye.

Kuri uwu wa gatatu, abategetsi ba Pentagon biteze kugiriranira inama n'amahinguriro y'ibirwanisho ya Amerika kubera ibirwanisho biriko biraronderwa cane biturutse ku ntambara yo muri Ukraine.