Intambara ya Ukraine na Russia: Ibarabara rya Bucha ryuzuye ibifaru vyaturiwe be n'ibiziga

Ahavuye isanamu, BBC/Lee Durant
- Umwanditsi, Na Jeremy Bowen
- Igikorwa, BBC News, Bucha
Ibarabara riri ku nkengera ya Bucha ryabaye rimwe mu hahambwe icizere c'Abarusiya co kuzingira no kwigarurira Kyiv kugira ngo bashobore gusenyura reta ya Perezida Volodymyr Zelensky.
Ibi vyabaye inyuma y'imisi ibiri canke itatu igihe ingabo za mbere z'Uburusiya zinjira muri Ukraine ku wa 24 z'ukwa kabiri, igihe ingabo za Ukraine zituririye rw'ibifaru n'amamodoka y'intambara vy'Uburusiya vyari biciye mu gisagara ca Bucha bitera bija ku mugwa mukuru Kyiv.
Aya mamodoka yasambuwe mu mutego umwe mu mitego ya mbere muri myinshi y'abanya Ukraine mu kuzibira Abarusiya.
Abanyamakuru ba BBC bashoboye gushika i Bucha kubera ku musi wa gatanu ariho abasirikare ba nyuma b'Abarusiya bagenda, kimwe mu vyo Kremlin ivuga ko biri mu nteguro yayo yo gushira inguvu zose mu buseruko bwa Ukraine.
Moscou ivuga ko intego z'igitero cayo hagati muri Ukraine yamaze kuzishikako, kandi ko ivyo gufata Kyiv bitarimwo.
Ukuri ni uko Ukraine yihagarayeko bigakomera, irarwanya Abarusiya mu buryo batari bavyiteze, biranka ko bashika ku mugwa mukuru, ibi bikerekanwa n'ibisigarira vy'ibimodokari vyasambuwe ubu bikaba biriko biraborera kuri iryo barabara vyatuririweko.

Ahavuye isanamu, BBC/Kathy Long
Haciye indwi zibiri canke zitatu iyo ntambara, Abarusiya bateye ico gihugu baciye batangura gucika intege. Kw'ibarabara rya Bucha urashobora kubona igituma.
Ingabo zidasanzwe z'Uburusiya zirwanira mu kirere zinjiye muri ico gisagara ziri mu mamodoka ya burende (blindes) ahwahutse ku buryo ashobora gutwarwa n'indege. Bari bavuye ku kibuga c'indege ca Hostomel, ku birometero bikeya, cari catewe congera cigarurirwa n'abasirikare b'Abarusiya barwanira mu kirere binjiye na kajugujugu ku musi wa mbere w'iki gitero. Ariko n'aho nyene barahanganye bikomeye n'ingabo za Ukraine.
Igihe izo modokari zari ziciye i Bucha zitera zija i Kyiv, zaguye mu mutego.
Ni ibarabara ryaga kandi rigoroye, ahantu horoshe gutega umutego. Ababibonye bavuga ko abanya Ukraine bateye izi modoka bakoresheje za ndege zitagira abadereva (drones) zizwi kw'izina rya Bayraktar zaguzwe muri Turukiya. Abandi nabo bavuga ko abakorerabushake b'abanya Ukraine bajejwe gucungera igihugu nabo nyene bari muri ako karere.
Uko babikoze kwose, imodoka zari imbere hamwe n'izindi zari inyuma nizo zabanje gusamburwa, zica zizibira izindi. Ibisigarira vy'ibimodoka vy'intambara na vya muzinga vyasambuwe biracari aho.
Abarikiri bakiri bato barataye bariruka, batakamba, nk'uko bivugwa n'ababa muri ako karere, ko batobatanga ku ngabo za Ukraine. Umugabo w'imyaka yababa 70 yiyita Hrysha ati: "Ni ukuri narabumviye ikigongwe. Bari bakiri bato cane, imyaka 18 gushika kuri 20, bagifise amahirwe yo kugira ubuzima bwiza muri kazoza.
Hagati aho, bisa n'uko igihe Abarusiya bategura kuva i Bucha bobo ata mpuhwe nk'iyo bagize. Ibiziga n'imiburiburi 20 vyari bisanzagaye mw'ibarabara igihe ingabo za Ukraine zinjira muri ico gisagara. Bamwe muri bo bari babohewe amaboko mu mugongo. Umukuru w'igisagara avuga ko bahamvye abantu 280 mu binogo rusangi.
Abasivire bakeya bahagumye bavuga ko bagerageje kwinyegeza Abarusiya. Bavuga ko bubatse amaziko hanze y'amazu yabo yubatswe ku ngoma ya Khrushchev, ariyo bakoresha mu guteka kubera gaze, umuyagankuba n'amazi vyari vyaciwe.
Abagiraneza bariko bazana imfashanyo bazivanye i Lyiv mu burengero bwa Ukraine, be no mu bihugu vya kure.
Afise isashe irimwo udukate, umugore umwe yitwa Maria avuga ati: "Uwu ni wo mukate wa mbere turonse mu misi 38 yose".
Abenshi mu bahungiye mu turere twari dutuje canke hanze bagiye bugaye imyango y'amazu yabo ku buryo ata muntu yashobora kwugurura. Abarusiya barayibomoye.

Ahavuye isanamu, BBC/Kathy Long
Ku birometero bike uvuye ng'aho, hari ibarabara rigana ku kibuga c'indege ca Hostomel ryuzuye ibisigarira vy'intambara. Ingabo z'Uburusiya zirwanira mu kirere zari zagerageje kugikoresha nk'ikirindiro cazo mu rugamba rwo gufata Kyiv.
Imbere y'aho indege ya mbere nini kw'isi yari yasambuwe. Igisenge c'ikigangara kinini cane cayo cari cuzuye ibitorobo vy'ibisasu vya muzinga. Ibisigarira vy'iyo ndege yari izwi mu rurimi rw'iki Ukraine nka Mriya (indoto) biracari aho, ibihimba vyayo bisanzaye irya n'ino. Ivyayibayeko nivyo vyerekana ibibera muri Ukraine.
Iyo ndege cari ikintu Ukraine yari yishimiye cane, ikimenyetso c'ubushobozi bw'iki gihugu bwo kurangura imigambi ikomeye mu mpande zose z'isi.

Ahavuye isanamu, BBC/Jeremy Bowen











