''Twahisemwo gufata uruhande rw'inyishu aho gufata urw'ibibazo''-Shingiro

Sergei Lavrov na Albert Shingiro i Bujumbura ku wa 30 Rusama 2023

Ahavuye isanamu, Photos/Russia Foreign Ministry

Insiguro y'isanamu, Sergei Lavrov (i bubamfu) yakiriwe i Bujumbura na mugenziwe w'Uburundi Albert Shingiro

Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov yagize urugendo i Bujumbura mu Burundi, urwa mbere rw’umutegetsi w’Uburusiya kuri urwo rwego agize mu Burundi mu myaka 60 ivyo bihugu bimaze bifitaniye imigenderanire.

Lavrov yabonanye na mugenziwe w’Uburundi Albert Shingiro, nawe yaheruka kugendera Uburusiya mu kwezi kwa Ntwarante (30) guheze.

Uburusiya na Ukraine bisanzwe biri mu ntambara birijukiye kugendera ibihugu vya Afrika mu kigaragara nk’ukurondera umwe umwe wese kubishira ku ruhande rwiwe muri iyo ntambara.

Lavrov yagiye mu Burundi avuye muri Kenya mu gihe ku ndwi iheze umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Dmytro Kuleba nawe yagendeye Urwanda, Ethiopia na Maroc.

Uburundi buhagaze he ku ntambara y’Uburusiya na Ukraine?

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru Lavrov na Shingiro bahejeje kubonana, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire yavuze ko baganiriye ku bibazo bitandukanye vyo gufashanya.

Shingiro yamenyesheje ko amasezerano y’ivyo bumvikanye azoterwako umukono mu gihe c’inama ihuza Uburusiya na Afrika izobera mu Burusiya mu kwezi kw’indwi.

Uburundi n’Ubusiya bisanzwe bifashanya kuva kera na cane cane mu vy'inyigisho za gisirikare n’ayandi mashure asanzwe.

Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe gufashanya yavuze ko we na mugenziwe baravye ingene uko gufashanya kwaguka, kimwe mu bindi bishasha rikaba ikoreshwa ry’inguvu za nikereyeri (nucleaire) mu bisata bitari ivy’ibigwanisho.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku kibazo c’intambara hagati ya Ukraine n’Uburusiya, Shingiro yavuze ko Uburundi bwahisemwo "kuja ku ruhande rw’inyishu aho kuja ku ruhande rw’ibibazo" mu kudahengamira ku ruhande na rumwe, kandi "niho ibihugu vyinshi vya Afrika bihagaze", nk’uko yabandanije avuga.

Shingiro yavuze ko Uburundi buhanura impande zirwana haba muri Ukraine canke ahandi gufata inzira y'ibiganiro vuba hashoboka.

''Kuko nk'uko mubizi nta n'umwe yungukira mu ntambara''.

Yavuze ko Uburundi bwahisemwo poritike y'imigenderanire n'ibindi bihugu aho vyose ari ''ibigenzi [...] nta mwansi nta mukunzi [...] ariko igihugu kimwe kimwe cose kirafise ivyo cisangije, ivyo turabifatirako.''

Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov yavuze ko ashima ''cane'' kuba Uburundi buri hagati na hagati ku kibazo ca Ukraine no kuba ''butahura imvo'' zateye ibiriko biraba.

Yavuze ko vyatewe n'ibihugu vy'iburengerazuba bishaka ''gukoresha reta ya Kyiv'' mu kugeramira umutekano w'Uburusiya ku mbibe zabwo n'abifuza kugira umuco w'ikirusiya.

Lavrov yavuze ko intambara yo muri Ukraine idashobora kurabwa idafatiwe mu buryo bwagutse bw'ingene ''ibihugu vy'iburengerazuba biguma bishaka kubandanya kwiganza kw'isi''.