Ingene Uburusiya n'Uburengero biriko birarwanira Afrika

Ahavuye isanamu, EPA
Mu gihe Uburusiya bwaciwe n’ibihugu vy’Uburengero kubera intambara yabwo muri Ukraine, umushikiranganji w’imigenderanire wabwo, Sergei Lavrov, yasasiwe indava mu rugendo rwiwe yakoze mu bihugu bine vya Afrika.
Urugendo rwa Lavrov rwerekanye ko Uburusiya bugifise inguvu mu bijanye n’imigenderanire ku buryo bushobora guhangana n’Uburengero mu kwigarurira imitima y’abategetsi ba Afrika, ni mu gihe yari mu rugendo mu Misiri, muri Ethiopia, Uganda na Congo-Brazzaville.
Ibihugu hafi vyose vya Afrika – harimwo Nigeria na Kenya, ibihugu bitunze vya Afrika y’Uburengero na Afrika y’Ubuseruko uko bikurikirana – vyaratoye icemezo c’shirahamwe ONU ciyamiriza igitero c’Uburusiya mu kwa gatatu, kinasaba Uburusiya kuva muri Ukraine.
Hagati aho, hafi igice c’ibihugu biterekanye aho vyegamiye – 17 – ni ivya Afrika.
Muri ibi harimwo Afrika y’Epfo – ibona ko ifitiye ideni Moscou kubera yayishigikiye muri rwa rugamba rwo kurwanya intwaro y’abazungu bari inkehwa – hamwe na Uganda, igihugu citeze kurongora umuhari w’ibihugu ataho vyegamiye (Mouvement des Non-Alignes/ Non-Aligned Movement ), ishirahamwe mpuzamakungu ryashinzwe muri ca gihe c’intambara yo kwikekana (Guerre Froide/Cold War) n’ibihugu bitashaka kwisanga mu ndyane zari hagati y’ibihugu vy’Uburengero n’ibihugu vya gikomunista.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ari kumwe na Lavrov, Perezida Yoweri Museveni wa Uganda yashimangiye ingingo yiwe yo kutagira aho yegamiye mu ntambara ya Ukraine.
Ati: "Ntabwo twemera kuba abansi b’umwansi w’umuntu”.

Ahavuye isanamu, Reuters
Kuri Lavrov, uru rugendo rwari nkenerwa mu kurwanya amajambo avugwa ko Uburusiya buriko “burateza intambara” muri Afrika. Ariyamiriza ibihano Uburusiya bwafatiwe n’ibihugu vy’Uburengero vyatumye ibiciro vy’intete biba umurengera.
Nta mfashanyo yemereye ibihugu vya Afrika mu gutorera inyishu ingaruka z’ikibazo c’ubuzima buzimvye.
Ibi bitandukanye n’ibiherutse gushikirizwa na Amerika, aho yemerera ibihugu vya Afrika imiriyaridi 1.3 z’amadorari y’abanyamerika mu ntumbero yo kurwanya inzara, canke n’akigoro k’Ubufaransa gaciye mw’ishirahamwe Food and Agriculture Resilience Mission (FARM) mu ntumbero yo gufasha igisata c’uburimyi muri Afrika.
Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa nawe muri ino ndwi ari mu rugendo muri Afrika, aho agendera Cameroun, Benin na Guinea-Bissau.
Muri Cameroun yavuze ati: "Turagirizwa na bamwe bamwe bavuga ko ibihano vyafashwe n’Ubulaya ari vyo vyateje ikibazo c’imfungurwa kw’isi, harimwo na Afrika. Ibi si vyo na gato. Imfungurwa, co kimwe n’ibitoro, vyabaye ikirwanisho c’Uburusiya”.

Ahavuye isanamu, EPA
Mu kubeshuza ibi, Lavrov yavuze ko ikibazo c’imfungurwa catanguye mu gihe ca Covid, ariko akaba yaremeye ko “ingorane ya Ukraine yongereje ingaruka mbi kw’isoko ry’imfungurwa”.
Mu Misiri, Lavrov yarijeje ko abashora intete hanze bazoshira mu ngiro ivyo “biyemeje”.
Ubutunzi bwa Misiri buragendera cane ku Burusiya gusumba ubw’ibindi bihugu vya Afrika bitari bike. Hafi 80% y’ingano zayo zinjira mu gihugu ziva mu Burusiya na Ukraine, mu gihe ica gatatu c’ingenzi ziva hanze ari Abarusiya.
Uburusiya kandi bwatanguje umushinge wo kwubaka ikigo ca nikleyeri mu Misiri kizotwara imiriyaridi 26 z’amadorari y’abanyamerika.
Kuva kera, urudandaza hagati ya Moscou na Afrika rushingiye ku bijanye no kwivuna abansi – kuva ku nkoho gushika ku ndege z’intambara. Ubu bwa vuba, abacangero b’abarusiya bararungitswe muri Mali na Centrafrique gufasha ingabo za reta kurwanya inyeshamba.
Mu rugendo rwiwe, Lavrov yarashimikiye ku nama ihuza Uburusiya na Afrika yiteze kubera muri Ethiopia mu kw’icumi, aho hashobora guterwa ibikumu ku masezerano mu vyo ubudandaji n’ukwivuna abansi mu ntumbero yo gukomeza ubucuti.
Uwundi nawe ari inyuma y’iwe ni intumwa idasanzwe ya Amerika mu karere k’ihembe rya Afrika Michael Hammer, na we nyene ariko aragendera Misiri na Ethiopia, mu gihe uwuserukira Amerika muri ONU, Linda Thomas-Greenfield na we yitezwe muri Uganda na Ghana mu ndwi iza.
Uburengero buripfuza cane kwiyerekana neza, hanyuma kumbure no kwibutsa ibihugu vya Afrika ko ari bwo butanga vyinshi mu buryo bw’urudandaza n’imfashanyo.










