Kubera iki n’ubu Afrika itabona kumwe igitero c’Uburusiya kuri Ukraine?

Russia and Ukraine flags

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Anne Soy
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC Africa

Umwaka urarangiye kuva Uburusiya butanguye intambara kuri Ukraine, bisa nk’aho ata kintu kinini cahindutse ku vyerekeye n’aho ibihugu vya Afrika bihagaze.

Ibihugu 30 – birenzeko bibiri gusa ku vyo mu mwaka uheze – ni vyo vyemeje umwanzuro w’inama y’ibihugu bigize ishirahamwe ONU wo kwiyamiriza Uburusiya, gushigikira ubusugire bwa Ukraine, no gusaba ko haba amahoro.

Madagascar na Afrika y’Epfo, vyompi bikaba vyari vyashimye kwigumya mu mwaka uheze igihe hemezwa umwanzuro nk’uwu, ubu vyawemeje. Maroc nayo nyene ntiyagiye mu matora y’umwaka uheze, ariko mu matora yo ku wa kane yaratoye kandi iremeza uwu mwanzuro.

Ibihugu vya Afrika bingana hafi igice c’ibihugu vyashimye kwifata. Gabon yari mu bihugu vya Afrika 15 vyifashe inyuma y’aho ihinduriye aho ihagaze igahakana umwanzuro wo mu mwaka uheze washigikira Ukraine.

Ibi bihugu bivuga ko bitegamiye ku Burusiya canke kuri Ukraine ishigikiwe n’Uburengero.

N’aho ibihugu vy’Uburengero vyongereje akariro mu gufata ivyemezo, abashikiranganji bajejwe imigenderanire ba Ukraine n’Uburusiya bagakora ingendo nyinshi kuri uno mugabane, ntaco vyahinduye.

Umusi umwe imbere y’uko haba ikoraniro rya ONU riheruka, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yaravuganye na mugenziwe wa Uganda, Yoweri Museveni – ariko uwu mubonano wo ku munota nyuma nta kintu wahinduye muri aya matora.

Namibia, mu gihe muri kino gihe yakiriye umutambukanyi w’umukuru w’igihugu wa Amerika Jill Biden mu rugendo rwiwe rwa mbere muri Afrika muri ino ndwi, nayo nyene ntiyahinduye.

"Nta kintu na kimwe biriko bihindura”, niko umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken yabwiye ikinyamakuru The Atlantic co muri Amerika, aho yemera ko Uburengero butorohewe mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika mu twigoro two kurondera ivyoshigikira Ukraine.

Hagati aho, yerekanye icizere ko Afrika y’Epfo – ubu isanzwe iriko iberamwo imyimenyerezo rusangi ya gisirikare y’imisi cumi ihurikiyemwo n’Ubushinwa hamwe n’Uburusiya – iriko "irikura bukebuke" ku Burusiya.

Abategetsi ba Afrika y’Epfo barahakana ko iyi myimenyerezo ya gisirikare yoba yateguwe n’ibigirankana kugira ngo ihurirane n’isabukuru ya mbere y’igitero c’Uburusiya kuri Ukraine.

Kubera iki ubucuti n’Uburusiya bukomeye mu bice bimwe vya Afrika

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibihugu bimwe bimwe vya Afrika vyari bifise ubucuti bwamaze imyaka mirongo n’icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti (URSS/USSR). Inyuma y’aho busenyukiye mu 1991, ubu bucuti bwarabandanije hagati yavyo n’Uburusiya, aho abategetsi batari bake barwaniye ukwikukira kw’ibihugu vyabo bavuga ko ibirwanisho hamwe n’imyimenyerezo ya gisirikare URSS yabaha vyabaye kirumara mu rugamba rwo kurwanya ubutegetsi bw’inkehwa z’abazungu hamwe n’ubukoloni.

Muri Afrika y’Epfo, mu rugamba rwo kurwanya bwa butegetsi bw’ivangura buzwi nka apartheid, intwaro ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yashize umuhari Africa National Congress (ANC) – ubu ukaba ari wo mugabwe uri ku butegetsi – ku rutonde rw’imihari y’iterabwoba.

Abategetsi bawo, harimwo na Nelson Mandela, nabo nyene barashizwe ku rutonde rw’abantu bakora iterabwoba.

N’aho yatsindiye ka gashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel mu 1993, akagasangira n’umukuru w’igihugu wa nyuma wa apartheid Frederik de Klerk, akaba umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure wa Afrika y’Epfo kuva mu 1994 gushika 1999, Mandela yagumye kuri uru rutonde rw’abakora iterabwoba kw’isi rwakoze na Amerika, gushika igihe rusubiriwemwo mu 2008.

Blinken yabwiye The Atlantic ati: "Ni vyo, birababaje kandi birarengeye ukubabaza, ko Amerika yari ifitiye impuhwe nyinshi cane ubutegetsi bw’ivangura bwa Afrika y’Epfo, rero, murabizi, aka kahise ntigashoka gafudika mw’ijoro rimwe”.

Nelson Mandela na Winnie Mandela (hagati) bariko bavugana n'intumwa za URSS/USSR mu birori vy'ukwikukira kwa Namibia mu 1990

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nelson Mandela na Winnie Mandela (hagati) bariko bavugana n'intumwa za URSS/USSR mu birori vy'ukwikukira kwa Namibia mu 1990

Ariko kahise k’ubukoloni siko konyene gasigura ubu bucuti, nibura mu bihugu bimwe bimwe.

Ibihugu nka Eritrea hamwe na Mali – vyompi bisa n’ivyiyonkoye ku makungu – biherutse kuronka incuti yavyo mu Burusiya.

Biri mu bihugu vya Afrika biherutse kwakira umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya Sergei Lavrov, kandi vyompi vyaranse umwanzuro wa ONU ushigikira Ukraine.

Mu mwaka uheze, abategetsi ba gisirikare ba Mali bategetse ko ingabo zose z’Ubufaransa ziva mu gihugu, maze baca batumako wa murwi Wagner w’abacangero b’Abarusiya kugira ngo uzisubirire mu ntambara yo kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam zigisibije muri iki gihugu ca Afrika y’Uburengero.

Ibindi bihugu indwi vya Afrika - Senegal, Tanzania, Guinée Equatoriale, Burkina Faso, Eswatini, Guinée Bissau na Cameroun – ntivyatoye. Mu mwaka uheze, bitatu vya mbere vyahisemwo kutagira aho vyegamiye.

Hagati aho, ntushobora gufata ko umugabane ugizwe n’ibihugu birenga 50 wifata kumwe ukiyumvira kumwe.

Buri gihugu gifise imvo zaco zituma gitora uko gitora.

Kandi mu gihe ata tegeko ritegeka gushira mu ngiro ivyavuye mu matora nk’aya, biragaragara neza ko azobandanya kugira uruhara mu migenderanire hagati y’ibihugu mu mezi n’imyaka iri imbere.