Intambara ya Gaza: Israel irahanzwe n’ivyemezo vya sentare ya ONU – ariko none ubwo izoyumvira?

Benshi mu banyagihugu ba Gaza barataye izabo

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Benshi mu banyagihugu ba Gaza barataye izabo
    • Umwanditsi, Na Paul Adams
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu bijanye n'imigenderanire

Ingingo ya Sentare Mpuzamakungu ya ONU, ICJ ,ntiyabaye intsinzi yuzuye kuri Afrika y’Epfo canke ku banya-Palestina.

Iyi sentare ntiyashoboye gutegeka Israel guhagarika ibitero vyayo – ibi bikerekana ko isa n’iyemera ko ari uburenganzira bwa Israel bwo kwivuna, mu kwihora igitero co ku wa 7 Gitugutu (10) umwaka uheze.

Ariko ino sentare, urwego rw’ikirenga rwa ONU mu bijanye n’amategeko, yemeye ko ibintu vyifashe nabi cane muri Gaza.

Cane cane, imbere y’uko ino sentare ishikiriza icemezo ca nyuma ku vyagiriji vy’ihonyabwoko, yavuze ko ibintu "biri hafi cane yo kuyangara gusumba".

Ibi vyatumye isaba Israel ibintu bitari bike, muri rusangi ifatiye ku “ngingo icenda” Afrika y’Epfo yari yasavye ko zifatwa.

Ku gitigiri kinini, abacamanza 17 b’ino sentare bafashe icemezo ko Israel itegerezwa gukora ivyo ishobora vyose kugira ngo ireke kwica abanya-Palestina, kubababaza ku mubiri no mu mutwe, kubata mu buzima bubi muri Gaza, canke kuzibira n’ibigirankana imvyaro ku banya-Palestina.

Ivuga kandi ko Israel ikwiye gukora gusumba kugira “izibire yongere ihane” abakokeza ihonyabwoko, igafatira ku majambo y’umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wo kwivuna abansi.

Yasavye kandi ko hofatwa "ingingo zihuta kandi nyazo" zo gutorera umuti ikibazo c’ubutabazi muri Gaza.

Ntiyasavye ko intambara ihagarara, ariko yasavye ibintu bitari bike ku buryo bishizwe mu ngiro vyohindura cane ibikorwa vya gisirikare vya Israel muri Gaza.

Israel iriyamiriza yivuye inyuma ibirego vy’ihonyabwoko, ikavuga ko Hamas ari yo ikwiye kubibazwa kuko ifata abasivire b’abanya-Palestina ikabagira inkinzo.

Ivuga ko Hamas ikorera hagati no musi y’ibisagara n’amakambi y’impunzi vya Gaza bituwemwo n’abantu benshi, bigatuma Israel idashobora kwirinda kwica abasivire.

Ivuga kandi ko igenda iburira uko ishoboye kwose abasivire kwirinda kwita mu kaga.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abayahudi hafi bose muri ico gihugu bemera ko Israel ari yo ifise "igisirikare ca mbere kw’isi kigengwa n’ubuntu".

Ariko kuva mu ntango za Gitugutu 2023, ibikorwa vya Israel vyatumye hafi 83% vy’abanyagihugu ba Gaza bangana n’imiriyoni 2.3 bata izabo.

Abahunga intambara barondera ubuhungiro mu bibanza vyarengewe kubera ubwinshi bw’abantu bihaye indaro, bitagira ubuvuzi buhagije canke vya nkenerwa vyo kubabeshaho.

Haciye akanya gato umukuru w’ino sentare, Umunyamerika Joan Donoghue, atanguye kuvuga, vyaciye bigaragara ko ikibazo ca Gaza ari co ca mbere kiyiraje ishinga kandi ko Israel yari yananiwe mu twigoro twayo two kurondera ko uru rubanza ruteshwa agaciro.

Umucamanza Donoghue yatanze incamake y’umubabaro abanya-Palestina barimwo muri Gaza. Uno mupfasoni yavuze ko amahano abana barimwo “ateye umubabaro utagira izina”.

Si icemezo ntabanduka c’ino sentare kw’ihonyabwoko – iki ni ikibazo kiboneka ko kizofata imyaka n’iyindi.

Ariko ingingo zaraye zifashwe ziri mu ntumbero yo gukingira abanya-Palestina muri Gaza ku rugero kanaka, mu gihe abacamanza bariko bariga iki kirego gikomeye ca Afrika y’Epfo kuri Israel.

Ubu Israel itegerezwa gufata ingingo ku kungene yokwitwara. Ivyemezo vy’ino sentare bitegerezwa kwubahirizwa n’ibihugu bibifatiwe, ariko ingorane ni uko ata buryo ifise bwo gutegeka ishirwa mu ngiro ryavyo. Israel ishobora guhitamwo kwihoza burundu aba bacamanza.

Mu gihe inzira z’ibiganiro ubu zisa z’izibanda ku kungene hoba agahengwe k’amezi abiri, kandi hakaba hari utwigoro two kurondera ingene imfashanyo zokwinjira muri Gaza, Israel ishobora kwisigura ivuga ko iza yatanguye gufata ingingo zo gushira mu ngiro ivyo isabwa n’ino sentare.

Ariko n’aho ibintu vyokworoha – ariko nta kimenyetso na kimwe kihari – ukuri ni uko Israel ibandanya yagirizwa ihonyabwoko, urubanza ino sentare ivuga ko rufise ishingiro, ko rero ari ngombwa ko rwigwa.

Israel, igihugu cavutse mu munyota w’ihonyabwoko rya mbere ry’agahomerabunwa kw’isi, itegerezwa kubaho izi ko iriko irakurikiranwa n’ubutungane gushika aho ino sentare izotangira icemezo cayo.