Israel yagiriza Afrika y'Epfo kwerekana ibintu uko bitari mu rubanza rwa jenoside muri ICJ

Ahavuye isanamu, Reuters
Israel ivuga ko Afrika y'Epfo kwerekana ibintu uko bitari mu rubanza ruriko rurabera muri sentare mpuzamakungu, aho yagiriza Israel gukora jenoside.
Umushingwamanza wa Israel Tal Becker yabwiye ICJ ko igihugu ca Afrika y'Epfo yavuze "uko ibintu bitameze na gato" mu ntambara iriko irahuza Israel na Palestine.
Afrika y'Epfo yemeje ko Israel iriko irakora jenoside ku banye Palestine mu ntambara iriko irabera mu karere ka Gaza.
Yasavye kandi iyo sentare gutegeka Israel guhagarika ibitero vyayo.
ICJ ni yo sentare nkuru ya ONU, ifise icicaro i la Hague muri Hollande. Ingingo zayo zotegerejwe ku bisanzwe gukurikizwa nabayemera - harimwo Israel na Afrika y'Epfo - ariko nta tegeko rihari ryo kuzishira mu ngiro.
Israel iriko iriregura muri iyo sentare inyuma y'ivyashikirijwe na Afrika y'Epfo muri urwo rubanza.
Hanze y'ahariko harabera urubanza muri ICJ, igipolisi cazitiye kugira imigwi y'abanye Palestine na Israel ishamiranye igume kure na kure.
Afrika y'Epfo yagiriza iki Israel?
Umugambi wa Israel wo "gusambura" Gaza uva ku "bategetsi bo ku rwego rwo hejuru rw'ico gihugu, nk'uko vyabwiwe sentare nkuru ya Onu.
Ivyo vyagiriji bitangwa n'ababuranira igihugu ca Afrika y'Epfo igihe bari mu rubanza bagiriza Israel gukora jenoside muri sentare mpuzamakungu.
Igihugu ca Afrika y'Epfo kandi casavye sentare gutegeka Israel guhagarika ibikorwa vya gisirikare mu karere ka Gaza.
Israel - iza kwishura kuvyo yagiriza kuri uyu wa gatanu - yahakanye yivuye inyuma ivyo yagirizwa ko " ata shingiro bifise".
Tembeka Ngcukaitobi, umushingwamanza wo muri sentare nkuru ya Afrika y'Epfo, yabwiye sentare mpuzamakungu (ICJ) ko "intumbero ya Israel yo gukora jenoside" igaragara "uhereye ku kuntu ibitero vya gisirikare biriko birakorwa".
Yagize ati:"Intumbero yo gusambura Gaza yateguriwe ku rwego rwo hejuru rw'igihugu."
Uwundi aserukira Afrika y'Epfo muri urwo rubanza muri sentare, Adila Hassim, agira ati: "Buri musi abantu bapfa, ibintu vyononekara haba agateka kabo n'ubuntu kubanye Palestine, biguma vyongerekana.
Nta kintu kizohagarika ubwo bubabare, atari itegeko rivuye muri iyi sentare."
Mu vyemezo vyashikirijwe muri iyo sentare, Afrika y'Epfo yavuze ko ibikorwa vya Israel "vyari bifise intumbero yo gusambura bamwe mu bagize abanye Palestine, umugwi w'abasangiye urukoba n'ubwoko".
Israel iza kwiregura kuri uyu wa gatanu, ariko iza yaramaze kumenyesha ko ibitero vyayo mu karere ka Gaza bifise ishingiro kuko vyishura ku gitero ca Hamas co kw'itariki 7 z'ukwezi kwa Gitugutu (10) cahitanye abantu benshi.
Ariko avugira muri sentare ku musi wa kane, umushikiranganji w'ubutungane wa Afrika y'Epfo, Ronald Lamola, yavuze ko ata gitero na kimwe "gishobora gutanga insiguro kw'ihonyangwa ry'amasezerano yo gukinga jenoside".
Israel yarashize umukono ku masezerano yo kugwanya jenoside yo mu 1948, avuga ivyerekeye jenoside no kwiyemeza kw'ibihugu kuyigwanya.
Ku musi wa kane, umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu yaranebaguye ico gihugu kuba carananiwe gutorera inyishu amabi yakorewe muri Syria no muri Yemen n'"abakorana na Hamas"
Yongeyeko ati:"Uyu musi twabonye isi icuritse. Israel iriko iragirizwa jenoside mu gihe iriko iragwanya jenoside."
Hagati aho, Reta zunze Ubumwe za Amerika, ivuga ko ata kimenyetso na kimwe irabona cemeza ivyo Afrika y'Epfo ivuga kuri Israel ko yagize jenoside.
Umuvugizi w'ibiro bijejwe umutekano mu biro vy'umukuru w'igihugu John Kirby agira ati:"Bariko barigwanako ku bageramiye ubuzima bwabo."
Mu 2022, iyo sentare yarategetse Uburusiya "guhagarika ubwo nyene ibitero vya gisirikare" kuri Ukraine, ingingo yirengagijwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku bw’amategeko mpuzamakungu, jenoside ni ugukora kimwe canke ibikorwa vyinshi hagamijwe kuzimanganya, wose canke igice, umugwi w’abenegihugu, w’ubwoko, w’urukoba canke w’idini.
Hari impande zarakaye cane hanze y’inyubakwa ya sentare mpuzamakungu, izwi nka Palais de la Paix/Peace Palace (Ingoro y’amahoro), aho igipolisi c’Ubuhorandi cariko kiragerageza kugumiza abashigikiye Israel n’abashigiye Abanya-Palestina bamwe bamwe bose ku ruhande rwabo.
Abantu amajana bazungagiza amabendera ya Palestina bari bakoraniye imbere ya sentare, basaba ko haba guhagarika intambara. Abashishikiye Israel nabo bari bashinze imboneshakure berekana amasanamu ya bamwe mu mbohe zigipfungiwe i Gaza.
Imigozi itukura n’iyera y’abaporisi yari yazungurukijwe imbere ya sentare kugira hubahirizwe umurongo ntarengwa ntarengwa muri ako kajagari kari hanze.
Vyari bitandukanye n’imbere muri sentare aho intumwa za Israel zariko zirumviriza abashingwamanza ba Afrika y’Epfo bagiriza ingabo z’ico gihugu gukora jenoside muri Gaza.
Vyitezwe ko intumwa za Israel nazo zisobanura uburenganzira bwayo bwo kwivuna hakurikijwe amategeko mpuzamakungu. Muri iyi ndwi umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu yavuze ko Israel ata mugambi ifise wo kwimura ubutakigaruka Abanya-Gaza, canke gusubira kwigarurira iyo ntara.
Bitandukanye na sentare mpuzamakungu mpanavyaha (ICC/CPI), sentare mpuzamakungu y’ubutungane (ICJ/CIJ) ntishobora gucira imanza abantu ku gatwe kabo ku vyaha nka jenoside, ariko ivyo ishikirije birafise uburemere muri ONU no mu mu zindi nzego mpuzamakungu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku wa gatatu, perezida wa Afrika y’Epfo Cyril Ramaphosa yavuze ati: “Kutemera iyicwa ry’abanya-Gaza n’ubu ribandanya, kwatumye nk’igihugu twitura sentare mpuzamakungu y’ubutungane (ICJ).
Umukuru wa Israel Isaac Herzog yavuze ko ivyo birego ari “ikibi kirengeje kandi birangwa no kutiyumvira neza’’.
Yavuze ko igisirikare ca Israel gikora ivyo gishoboye vyose mu bihe bigoye cane ku rubuga kugira ntihabe ingaruka zitagambiriwe kandi ntihagwe abanyagihugu basanzwe’’.
Sentare mpuzamakungu ishobora guca vuba urwo rubanza rwashingishijwe na Afrika y’Epfo isaba ko Israel ihagarika ibitero vyayo – ariko ingingo ya nyuma ku kibazo c’uko Israel yoba iriko irakora jenoside yo ishobora gufata imyaka.
Afrika y’Epfo isanzwe inegura cane kuba igisirikare ca Israel carigaruriye Gaza, kandi umugambwe uri ku butegetsi , African National Congress (ANC), ufise kahise karekare ko gufata mu mugongo ikibazo c’Abanya-Palestina.
Ukibonamwo ibisa n’urugamba wagize rwo kurwanya apartheid, poritike y’ivangura n’ikumirwa ryakorewe Abirabura aribo benshi bo muri Afrika y’Epfo bakarikorerwa na reta ya banyamuke b’abazungu, gushika aho habereye amatora ya demokarasi mu 1944.
Muri Gaza, abantu barenga 23.350 – bagwiyemwo abagore n’abana – baramaze kwicwa, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bw’amagara mu butegetsi bwa Hamas, kuva intambara itanguye inyuma y’igitero co ku wa 7 Gitugutu (10), umunsi Hamas yagaba igitero muri Israel. Ico gihe hishwe abantu bashika 1,200 – cane cane b’abanyagihugu basanzwe – abandi 240 bagenda batwarwa bunyago kugirwa imbohe.










