Afrika y’Epfo yitwariye Israel muri sentare mpuzamakungu iyagiriza ‘ibikorwa vya jenoside’

Gaza

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shuterstock

    • Umwanditsi, Daniel De Simone na Alys Davies
    • Igikorwa, i Johannesburg na Londres

Afrika y’Epfo yuguruje urubanza muri Sentare Mpuzamakungu ya ONU (Cour internationale de Justice/International Court of Justice, ICJ), aho yagiriza Israel ko iriko ikora “ibikorwa vya jenoside” muri Gaza.

Iyi sentare y’ishirahamwe ONU iremeza uru rubanza ku vyi Israel yagirizwa vyo guhonyanga ivyo yiyemeje mu masezerano yo kurwanya ihonyabwoko (Genocide Convention).

Israel iriyamiriza yivuye inyuma ibi birego, ikavuga ko ata shingiro bifise.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire buvuga buti: "Israel iriyamirije ibabaye ivyo bitutsi vy’amaraso vya Afrika y’Epfo”.

Sentare ICJ ifise icicaro i La Haye/The Hague mu Buholande, ni ishami rikuru rya ONU rijejwe amategeko. Itatura amatati hagati y’ibihugu ikongera igahanura ku bibazo mpuzamakungu bijanye n’amategeko.

Muri uru rubanza rwugurujwe muri ICJ, ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo bivuga ko iki gihugu ari ngombwa ko “kizibira kugira ntigahire ihonyabwoko riba”.

Itangazo ry’ibi biro rivuga riti: "Afrika y’Epfo irarajwe ishinga cane n’amahano abasivire barimwo atumwe n’ibitero vya Israel muri Gaza kubera inguvu z’umurengera iriko ikoresha mu rudavagi yongera yomora abanyagihugu”.

"Vyongeye, hari amakuru abandanya yerekana ko hari ivyaha mpuzamakungu, nk’ivyaha bikorerwa kiremwamuntu n’ivyo mu ntambara, biriko birakorwa, hamwe kandi n’amakuru avuga ibikorwa bishika kw’ihonyabwoko canke n’ivyaha bifitaniye isano na ryo…vyakozwe kandi bishobora kuba biriko birakorwa mu bwicanyi bubandanya muri Gaza”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uru rubanza ruri ku mpapuro 84 ruvuga ko “ibikorwa no kwirengagiza amategeko bikorwa na Israel bifise isura y’ihonyabwoko kubera bifise intumbero yo guhonya igice kinini c’ubwoko bw’Abanya-Palestina”.

Uru rubanza rusaba ICJ ko yosasa mu ndwi iza rugasaba kandi ko sentare yofata “ingingo mfatakibanza”, harimwo ko Israel ihagarika ibikorwa vyose vya gisirikare muri Gaza.

Lior Haiat, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Israel, avuga ko ibivugwa na Afrika y’Epfo ari ugushaka “gukoresha nabi cane kandi mu gasuzuguro ino sentare”.

Avuga ko Afrika y’Epfo “ikorana n’umuhari w’iterabwoba usaba ko igihugu ca Israel gifutwa”, kandi ko Hamas ari yo “ibazwa amahano Abanya-Palestina bo muri Gaza bariko barabona mu kubakoresha nk’inkinzo no mu kwiba imfashanyo y’ubutabazi ibagenewe”.

Haiat ati: "Israel yariyemeje gukurikiza amategeko mpuzamakungu hamwe no kuyisunga mu bikorwa vyayo, kandi ibitero vya gisirikare bikorwa ku muhari w’iterabwoba Hamas no ku yindi mihari y’iterabwoba ifashanya na Hamas.

"Israel yarerekanya neza ko abanyagihugu baba muri Gaza atari abansi, kandi irakora ibishoboka vyose kugira ntihagire abantu benshi b’inzirakarengane bahagwa, kandi irakora ibishoboka kugira ngo imfashanyo y’ubutabazi yinjire muri Gaza”.

Afrika y’Epfo isanzwe inegura bikomeye intambara ya Israel muri Gaza.

Mu ntango za Munyonyo (11), yaratumyeko abakora mu buserukizi bwayo bose kuva muri Israel. Mu kwihora, Israel yaciye itumako umuserukizi wayo i Pretoria.

Hejuru y’ibi, inama nshingamateka ya Afrika y’Epfo yaremeje integuro ihagarika imigenderanire yose na Israel, ariko reta ntaco iravuga ku mugaragaro.

CPI irakora amatohoza ikongera igahana abantu bagirizwa ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha bikorerwa kiremwamuntu. Israel ntiyemera CPI.

Intambara ya kino gihe hagati ya Israel na Hamas yavuye ku gitero ca Hamas co ku wa 7 Gitugutu (10) uno mwaka mu bumanuko bwa Israel cahitanye abababa 1200 – benshi muri bo bakaba bari abasivire – abababa 240 nabo baranyuruzwa.

Abantu barenga 21.500 baramaze kwicwa muri Gaza – benshi muri bo bakaba ari abana n’abagore – mu bitero vya Israel vyo kwihora kuri Gaza, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas.