Israel – Hamas: intambara yo muri Gaza igiye kumara ‘amezi’, niko Israel ibwira Amerika

Yoav Gallant yabwiye Jake Sullivan ko intambara ya Israel muri Gaza 'izosaba umwanya utari muto'

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Yoav Gallant yabwiye Jake Sullivan ko intambara ya Israel muri Gaza 'izosaba umwanya utari muto'
    • Umwanditsi, Na Bernd Debusmann Jr
    • Igikorwa, BBC News, Washington

Intambara ya Israel muri Gaza ishobora gufata "amezi atari make ", nk’uko umushikiranganji w’iki gihugu ajejwe kwivuna abansi yabibwiye umuhanuzi w’umutekano wa Amerika Jake Sullivan.

Sullivan yashitse muri Israel ejo ku wa kane mu ntumbero yo kubonana n’umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu n’abandi bategetsi bakuru bakuru.

Mu ntango z’ino ndwi, Perezida Joe Biden wa Amerika yavuze ko Israel iriko iratakaza icizere c’amakungu kubera ibibombe ibandanya icucagira mu rudavagi kuri Gaza.

Muri ino ndwi nyene, ishirahamwe ONU ryagabishije ko ibintu vyifashe nabi cane muri Gaza.

Mu mubonano yagiranye na Sullivan ejo ku wa kane, umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi Yoav Gallant yavuze ati "Hamas ni umuhari w’iterabwoba wamaze imyaka irenga cumi wiyubaka kugira urwanye Israel".

Ati: "Barubatse imiyoboro n’inyubakwa musi no hejuru y’ubutaka kandi ntivyoroshe kubisambura. Bizofata igihe kitari gito – bizomara amezi atari make, ariko tuzotsinda, kandi tuzobisambura”.

Mu gihe Amerika yiyemeje kwama ishigikiye Israel mbere ikayirungikira imfashanyo za gisirikare ziharurwa mu mamiriyaridi, impungenge ni nyinshi ku bitigiri vy’abasivire bapfa bigenda vyiyongera.

Perezida Biden ahanganye kandi n’ababandanya bamusaba – harimwo na bamwe bo mu mugambwe wiwe – kurushirizaho gutera igitsure Israel kugira ngo ikorane ubwitonzi mu ntambara yayo muri Gaza.

Mw’ijambo rito ejo ku wa kane, umushingamateka w’umu-Democrat Alexandria Ocasio-Cortez yavuze ko ubwizigirwa bwa Amerika buri “mu kaga”, co kimwe “n’ubwizigirwa ku ntego yacu yo guhagararira uburenganzira bwa kiremwa muntu” biturutse kuri iyi ntambara yo muri Gaza hamwe no kwumva umengo “hari ibisabwa” kugira uburenganzira bwa muntu ku banya-Palestina bwubahirizwe.

Ati: "Ntidushobora gutanga aka karorero. Abantu bamaze kuhasiga ubuzima ni benshi cane. Ni co gituma ubu dutegerezwa kuja hamwe tugasaba ko intambara ihagarara”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kuri uwo musi nyene, umushikiranganji wa mbere Netanyahu yavuze mw’itangazo ko Israel “ishigikiwe cane” na Amerika yari iherutse kuzibira “igitsure c’amakungu ayisaba guhagarika intambara”.

Isubiramwo abategetsi babiri ba Amerika batavugwa amazina, CBS – imboneshakure yo muri Amerika ikorana na BBC – itangaza ko abategetsi ba Israel babwiye Amerika ko ibikorwa vya gisirikare vy’ubu bishobora kuzomara izindi ndwi zibiri canke zitatu, ariko ko bizokurikirwa n’ibitero vyihariye ku bibanza vy’abategetsi ba Hamas.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas muri Gaza buvuga ko abarenga 18.400 bamaze kwicwa n’ibibombe vya Israel kuva ku wa 07 Gitugutu (10), igihe Hamas itera muri Israel ikica abababa 1200.

Mu kiganiro n’abanyamakuru i Geneva ejo ku wa kane, umukuru w’ishami rya ONU rijejwe impunzi z’Abanya-Palestina (UNRWA) yavuze ko ibintu bibandanya biba nabi, haba ku basivire bari muri Gaza canke abashoboye kujabuka bakinjira mu Misiri.

Ati: "Twama duhura n’abantu benshi bamaze umusi, imisi ibiri canke itatu batarya”.