Israel- Hamas: 'Iyo tujaniranya n'abasivire tuba twatsinze intambara ku musi umwe’ - uwari umushikiranganji wa mbere wa Israel

Ibibombe

Ahavuye isanamu, Reuters

Israel irasabwa n’amakungu - harimwo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, incuti pfa mpfe yayo – gukora ibishoboka vyose kugira ngo ntihagire abasivire benshi bicwa canke ngo bakomereke.

Abategetsi ba Hamas bavuga ko abantu nibura 16 248 bamaze kwicwa kuva intambara yadutse muri Gaza, hafi bitatu vya bine bakaba ari abagore n’abana.

Ashigikira imikenyuro y’intambara ya Israel, Naftali Bennett yahoze ari umushikiranganji wa mbere yabwiye BBC ko Israel ibandanya yerekana ukwihangana muri Gaza.

Ati: "Iyo dushaka kugirira nabi abasivire tuba twaratsinze intambara, tuba twatsinze intambara yose ku musi umwe gusa wa 8 Gitugutu [10]”.

"Twari gukubita amabombe Gaza mu rudavagi”.

"Yari kuba yabaye iya mbere yoroshe kw’isi yose ... [ariko] ntavyo twakoze".

Intambara z’urutavanako zirabandanya, IDF ivuga ko inzira yo guhunga yabaye ‘urubuga rw’intambara'

Biboneka ko ata gahengwe gushika ubu mu bumanuko bwa Gaza mu gihe ingabo za Israel zibandanya zigabisha abanyagihugu ku bijanye n’urugamba rwo guhiga Hamas - cane cane mu karere ka Khan Younis aho Israel ivuga ko abategetsi ba Hamas binyegeje.

Ku musi w’ejo, Khan Younis yabaye ikiririmbiro ry’intambara idasanzwe kandi ko abasivire bamenyeshejwe ko igiye kubandanya, nk’uko umuvugizi w’igisirikare ca Israel, Avichay Adraee, yabibwiye ibinyamakuru bikoresha ururimi rw’icarabu.

Igisirikare ca Israel kivuga ko kidashobora kwemera ko abasivire bakoresha ibarabara Salah al-Din – ibarabara nyamukuru rica muri Gaza yose ryakoreshejwe nk’inzira yo guhunga ku banyagihugu baba mu buraruko bwa Gaza.

Iri barabara ni “urubuga rw’intambara” kandi kurishikira ni “akaga gakomeye cane”, nk’uko Adraee yavyanditse ku rubuga rwa X, rwahoze rwitwa Twitter.

N'aho habaye kugabisha, ikivunga c'abakomeretse gituma ibitaro bikuru vyo muri Gaza y'ubumanuko birengerwa - abavuzi bavuga ko ivyumba vyarengewe n'ubwinshi bw'abarwayi usanga barambaraye hasi mu bidengeri vy'amaraso

Urugero intambara iriko mu bumanuko bwa Gaza rusigura ko abantu 600.000 bategerezwa guhunga, nk’uko bivugwa na ONU.

Igisirikare ca Israel kivuga ko catoye bumwe mu bubiko bunini bw’ibirwanisho vya Hamas

Ibirwanisho

Ahavuye isanamu, @AvichayAdraee/X

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igisirikare ca Israel kimenyesha ko catoye bumwe mu bubiko bunini bw’ibirwanisho vya Hamas mu buraruko bwa Gaza bigizwe n’ibisasu n’ibikoho vya muzinga, ibisasu ntezwantoke, amadrone n’ibiturika.

Umuvugizi wa IDF ajejwe kuvugana n’ibinyamakuru bikoresha icarabu, Avichay Adraee, avuga ko ibi birwanisho vyatowe hafi y’ivuriro n’ishure.

IDF ivuga ko yatoye ibisasu vya misire hamwe n’ibikoho vyo kubirasa biharurwa mu majana, ibisasu bitari bike vya misire bisambura ibimodoka vy’intambara bitamenwa n’amasasu asanzwe, ibibombe bitari bike, ibisasu vya misire biraswa kure “vyari bitegekanijwe kurekurirwa ku butaka bwa Israel”, hamwe n’ibisasu ntezwantoke bitari bike.

Ati: "Ibi birwanisho vyose vyafashwe n’ingabo, bimwe bikaba vyaturikijwe, ibindi navyo bikaba vyarungitswe ku mvo z’amatohoza”.

Avuga ko "ibi bikoresho vy’iterabwoba vyatowe hafi y’inyubakwa ziri mu turere dutuwemwo n’abasivire” iki kikaba “ikindi cemezo giteye isoni cerekana ko umuhari w’iterabwoba wa Hamas ukoresha abanyagihugu ba Gaza nk’inkinzo”.

Israel yatse viza (visa) umutegetsi mukuru wa ONU mu gihugu

Umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire Eli Cohen avuga ko Lynn Hastings, umuhuzabikorwa w’igisata ca ONU kijejwe ubutabazi mu turere twa Palestina, agiye kwakwa uburenganzira bwo kuba mu gihugu kubera ico Cohen avuga ko yanse kwiyamiriza Hamas.

Mu butumwa bwiwe aho yagiriza ishirahamwe ONU ko “rihengamye”, Cohen yanditse kuri X, yahoze yitwa Twitter, ati: "Umuntu atiyamirije Hamas ku bwicanyi bw’ubugome bw’abanya-Israel 1200, kw’inyuruzwa ry’inzoya n’abatama, ku bikorwa vy’agahomerabunwa vy’ihohotera no gufata ku nguvu, no ku gufata ababa muri Gaza ikabagira nk’inkizo, ahubwo akibanda ku kwiyamiriza Israel, igihugu ca demokarasi gikingira abanyagihugu baco, ntashobora kuba umukozi wa ONU kandi ntashobora kwinjira muri Israel”.

Israel ibandanya inegura ishirahamwe ONU ku kungene ryitwaye ku bitero vyo ku wa 07 Gitugutu (10) vyakozwe na Hamas.

Hastings aranegura bikomeye igitero ca Israel kuri Gaza akaba mbere afata iya mbere mu gusaba ko imfashanyo igenewe Gaza yokwongerezwa.

Ku wa mbere, itangazo rya Hastings ryavuga riti: "Ivya nkenerwa kugira ngo imfashanyo ishikire abanyagihugu ba Gaza ntabiriho. Eka mbere turi mu kubona ibintu bibi cane, aho ibikorwa vy’ubutabazi bishobora kutagira ico bishitseko”.

Uno mupfasoni avuga ko ubukene bw’amazi meza yo kunywa, isuku rike n’ugufungura nabi ari “ikimenyetso c’ingwara z’ivyaduka n’akaga mu gisata c’amagara y’abantu”.

Israel isaba amakungu kugira ico akoze kugira abantu 138 bafashwe bunyagano barekurwe

Umuvugizi w’igisirikare ca Israel Daniel Hagari yemeje ko hari abandi bantu 138 bafashwe bunyagano bagipfungiwe muri Gaza, aca atera akamo amakungu gukora ibishoboka kugira ngo barekurwe.

Hagari yabwiye abanyamakuru ati: “Igendereza ryacu ribandanya rikurikirana ikibazo c’abanyurujwe, kandi ndashobora kwemeza ata gushidikanya ko igihe cose bazoba bakiri mu minwe ya Hamas ubuzima bwabo buzoba bubangamiwe”.

“Buri musi, buri saha, buri munota, ibintu biba bikomeye".

Hagari avuga ko amakungu ari “ngombwa ko afata ingingo”, kandi ko ishirahamwe ritabara imbabare kw’isi Croix rouge ritegerezwa guhabwa uburenganzira bwo kubonana n’impfungwa.

Ati: “Ingabo z’igisirikare ca Israel zizokora ivyo zishoboye vyose kugira zibagarukane. Dusavye n’abandi kugira uko nyene”.

Abantu 110 bose hamwe mu banyurujwe mu bitero vyo ku wa 10 Gitugutu kuri Israel bararekuwe muri ca gihe c’agahengwe k’imisi indwi mu mpera za Munyonyo (11) hagati ya Israel na Hamas.