Bishasha muri Israel - Hamas: Amahoro na Hamas 'ntashoboka' – umuhanuzi wa Netanyahu

Ibihomoka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Mark Regev, yahoze aserukira Israel mu Bwongereza ubu akaba ari umuhanuzi w'umushikiranganji wa mbere wa Israel, avuga ko amahoro na Hamas ari ibintu "bitajana".

Mu kiganiro Newshour ca BBC co ku mugoroba w’ejo ku wa mbere, Regev yavuze ati: "Nta mahoro ashoboka na Hamas kandi barabivuze ku mugaragaro”.

Asa n’uwariko afatira ku majambo ya Taher El-Nounou, umuhanuzi wa Hamas mu bijanye no kumenyesha amakuru – aho mu ntango z’uku kwezi yabwiye ikinyamakuru New York Times ko uno muhari wizeye ko intambara na Israel "izokwamaho ku mbibe zose".

Ati: "Kandi ni co gituma abanyagihugu ba Israel bari hamwe ijana kw’ijana mu kuvuga bati ‘turanse kubandanya tubana n’aka karere k’iterabwoba ko mu bumanuko’. Kandi dutegerezwa kuvuga ivya kazoza Hamas itariho”.

Abajijwe nimba Israel izofata mu mugongo isanurwa rya Gaza yasambutse cane mu bitero vy’amabombe ya Israel vyo kwihora, Regev avuga ko amafaranga igihugu ciwe gitegekanya gukoresha ari ayo cane cane gusanura uturere two mu bumanuko bwa Israel.

Yongerako y’uko yiteze ko abafatanyabikorwa mpuzamakungu batari bake bazokwemera gufata mu mugongo utwigoro two gusanura Gaza.

Ati: "Si ngombwa ko Israel ari yo itanga amafaranga…iyi si intambara twatanguje canke twipfuje, nk’uko ubizi. Hamas ni yo itegerezwa kubazwa izi ndyane”.

Ni mu gihe abantu benshi bariko bibaza nimba ikiringo c’agahengwe, congerejwe imisi ibiri muri Gaza, gishobora gucira inzira ihagarikwa ry’intambara mu kiringo kirekire.

Agahengwe kongerejwe kazorekuza Abanya-Palestina batatu kuri buri mpfungwa ya Israel irekuwe

Agahengwe kongerewe imisi ibiri kagiye kurekuza abandi banya-Palestina bapfungiwe mu mabohero ya Israel kuri buri mpfungwa y’iki gihugu izorekurwa muri Gaza.

Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu bivuga ko vyaronse urutonde rw’impfungwa zitezwe kurekurwa uno musi, kandi ko imiryango yabo yariko irabimenyeshwa.

Abaraye barekuwe bose hamwe ni 11, abagore babiri n’abana icenda hamwe n’imiyabaga, bose bari banyurujwe muri ca gitero co ku wa 07 Gitugutu (10).

Abababa 170 ni bo bagipfungiwe muri Gaza ariko Hamas ivuga ko atari yo ifise abo bose, ibi bigashobora kutorohereza utwigoro two kurekuza ababangamiwe gusumba abandi.

Muto cane muri aba bafashwe bunyagano ni uruhinja rw’amezi cumi.

Abategetsi ba Amerika bavuga ko bazobandanya bakora uko bashoboye kugira ngo aka gahengwe kongerezwe gushika bose barekuwe.

Ku ruhande rw'Abanya-Palestina, impfungwa 33 zari mu mabohero ya Israel ni zo zarekuwe, bikaba bitumye igitigiri c’Abanya-Palestina bamaze kurekurwa bose hamwe kigera kuri 150 kuva impande zompi zitanguye guhana hana impfungwa, hari ku wa gatanu w’indwi iheze.

Muri Gaza, aka gahengwe katumye hatangwa imfashanyo y’ubutabazi, ariko abategetsi b’ishirahamwe ONU bavuga ko hagikenewe vyinshi.

Umwotsi wabonetse mu kirere ca Gaza

Habonetse umwotsi waduga mu kirere ca Gaza mu gitondo co kuri uno wa kabiri.

Amakuru avuga ko imihari imwe y’Abanya-Palestina, itari izi ko agahengwe kongerejwe, ishobora kuba yarashe ingabo za Israel.

Ejo ku wa mbere, impande zompi zemeranije ko agahengwe kongerezwa amasaha 48 (imisi ibiri).