Israel – Hamas: Intambara zisubiye gusutama kuva aho agahengwe karangiriye

Insiguro ya video, Intambara Israel-Gaza: Raba ingene ibisagara vya Gaza vyatewe amabombe

Akanya gato inyuma y’aho agahengwe kari kamaze imisi indwi karangiriye, igisirikare ca Israel kivuga intambara n’umuhari Hamas yasubiye gutangura.

Mu ntango, aka gahengwe kari ak’imisi ine, ariko kakaba karongerejwe incuro zibiri.

Buri ruhande rwagiriza urundi ko ari rwo ntandaro y’iyi ntambara isubiye gutangura.

Akanya gato imbere y’uko aka gahengwe karangira, humvikanye inzamba zo kugabisha mu bumanuko bwa Israel, aho igisirikare ca Israel kivuga ko cakoroye igisasu ca rokete catewe kivuye muri Gaza.

Ni mu gihe ibinyamakuru vyegamiye Hamas bitangaza ko humvikanye ibibombe n’inkoho mu buraruko bwa Gaza.

Itororokanirizo ry’amakuru Reuters hamwe n’imboneshakure Al Jazeera bisubiramwo ibi binyamakuru vyegamiye Hamas bivuga ko amabombe n’amasasu vyumvikanye mu buraruko bwa Gaza, cane cane mu buraruko bushira uburengero bw’igisagara ca Gaza.

Umunyamakuru wa Al Jazeera, Tareq Abu Azzoum Azzoum, ari mu gisagara ca Khan Younis mu bumanuko bwa Gaza avuga ko indege z’intambara hamwe na zimwe zitagira abadereva z’igisirikare ca Israel zabonetse mu kirere ca Gaza.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwa Hamas buvuga ko indege z’intambara za Israel zacucagiye ibibombe ku turere tutari duke twa Gaza.

Umuvugizi w’ubu bushikiranganji avuga ko abantu 32 biciwe muri ibi bitero mu masaha atatu ya mbere kuva aka gahengwe karangiye.

Mu butumwa yacishije kuri Telegram, uno muvugizi w’ubu bushikiranganji avuga ko abantu batari bake bakomerekeye muri ibi bitero vya Israel.

Netanyahu avuga ko Hamas yahonyanze amasezerano mu kwanka kurekura abandi bantu bari mu minwe yayo

Mu mwanya uheze, umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yavuze ko Hamas yanse kurekura abandi bantu yanyuruje, akavuga ko ari ihonyangwa ry’ibiri mu masezerano y’agahengwe.

Avuga ko Hamas itarekuye abagore bose yafashe bunyagano nk’uko yari yavyemeye, kandi ko muri kano gatondo yateye Israel ikoresheje vya muzinga.

Mw’itangazo ryacishijwe ku mbuga hwaniro, ibiro vyiwe bivuga ko Israel igihagaze ku nshingano zayo zo kubohoza abanyurujwe na Hamas bose, gufuta burundu umuhari Hamas hamwe no “gukora ibishoboka vyose kugira ngo Gaza ntizosubire na rimwe kubangamira abanyagihugu ba Israel”.

Hamas yemeza ko Israel yahonyanze amasezerano y’agahengwe mu kuzibira igitoro cinjira muri Gaza

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Isoko ryegereye abahagarariye amasezerano y’agahengwe ryabwiye BBC ko Hamas yemeza ko Israel yahonyanze amasezerano y’agahengwe mu kutemerera ibitoro kwinjira mu buraruko bwa Gaza.

Iri soko ryongerako y’uko Hamas idashaka kurekura Abanya-Israel bapfungiwe muri Gaza, nk’abagore n’abana, nk’uko ano masezerano abitegekanya.

Gushika ejo ku wa kane, abantu 110 ku bababa 240 bari banyururijwe muri Gaza ni bo barekuwe kuva aka gahengwe gatanguye, hari ku wa 24 Munyonyo (11), mu gihe Israel nayo yarekuye impfungwa z’Abanya-Palestina 240.

Ibitero vya Hamas kuri Israel ku wa 07 Gitugutu (10) vyahitanye abantu 1200. Kuva ico gihe, ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara y’abantu muri Gaza buvuga ko abantu barenga 14.000 bishwe mu bitero vya Israel vyo kwihora, harimwo abana bababa 6000.

Izi ntambara zisubiye kwaduka zishobora gutuma ibintu vyunyuka muri Gaza, mu gihe havugwa ubukene bw’ivya nkenerwa.

Hari utwigoro tubandanya two kurondera ingene aka gahengwe kobandanya, aho abegereye abahagarariye ibiganiro bavuga ko Misiri na Qatar, ibihugu vyafashije mu gushika ku masezerano ya mbere y'agahengwe, bikiriko biragerageza kuraba ko hoshikwako ayandi masezerano.