Biden avuga ko Israel itanguye gutakaza icizere c'amakungu kubera ibibombe ibandanya icucagira kuri Gaza

Biden ariko ashikiriza ijambomu birori

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Na Mike Wendling & Barbara Plett Usher
    • Igikorwa, BBC News

Umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden avuga ko Israel itanguye gutakaza icizere c'amakungu kubera "ibibombe icucagira mu rudavagi" kuri Gaza.

Aya majambo yiwe yabwiye abari mu birori vyo kwegeranya uburyo vyabaye ku wa kabiri yerekana ukuntu anegura bikomeye ubutegetsi bwa Israel.

Perezida Biden yamye ashigikiye iki gihugu atitangiriye itama kuva aho umuhari Hamas ukoreye ibitero vyawo ku wa 7 z'ukw'icumi.

Mu gihe ashimangira ko Israel ishobora kwizera ubufasha bwa Amerika, yanagabishije reta ya Israel atarya umunwa.

Yabwiye abatanga uburyo bwo kwiyamamariza ikindi kiringo mu matora yo mu 2024 i Washington ati : "Israel irashobora kwizera Amerika ku mutekano wayo, ariko ubu ifise abandi hampande ya Amerika. Irafise Ubumwe bwa Buraya (EU/UE), ifise Uburaya, ifise hafi isi yose.

"Ariko ubu itanguye gutakaza ubu bufasha kubera ukuntu iguma icucagira amabombe mu rudavagi".

Hagati aho, Biden yavuze kandi ko "gukubita Hamas ni ngombwa'' kandi ko Israel ifise ''uburenganzira bwose'' bwo kubikora.

Perezida Biden araterwa igitsure, cane cane n'abo mu mugambwe wiwe w'abaharanira Demokarasi (Democrats), asabwa guhagarika ibitero vy'igisirikare Israel.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Amajambo yiwe ahuye n'intego y'ubutegetsi bwiwe kuri ino ntambara, aho abategetsi basaba Israel ''gushira imbere ubuzima bwa kiremwa muntu'' no gutanga amabwirizwa atomoye yofasha abantu kwirinda imishamirano.

Abategetsi bakuru ba Amerika barerekana ko nabo batanezerejwe n'ukuntu igisirikare ca Israel kiriko kirihora.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu buyobowe na Hamas bwavuze ko abantu barenga 18.400 bamaze kwicirwa mu bitero vy'ibisasu kuva ku wa 7 z'ukw'icumi, igihe Hamas yaca mu ryahumye uruzitiro rwa Israel rwari rucungerewe cane ikica abantu 1.200.

Mw'itangazo ryo ku wa kabiri ku mugoroba, umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu yavuze ko Israel ''yashigikiwe cane'' na Amerika mu ntambara yo hasi no mu gikorwa cayo co gusambura Hamas no kugarukana abatwawe bunyagano.

Yasubiye kuvuga ko Washington yahagaritse ''igitsure c'amahanga casaba guhagarika ingwano".

Yavuze ati :"Ego, hari ukutumvikana ku '' bizokurikira inyuma y'ingwano na Hamas'' kandi ndizera ko tuzogera ku masezerano.''

Perezida Biden yagarutse ku vyo aba bategetsi bompi batumvikanako mu majambo yashikirijwe ku wa kabiri, akavuga ko Netanyahu ategerezwa "guhindura" reta yiwe co kimwe n'aho ahagaze ku kibazo co gushinga ibihugu bibiri mu ntumbero yo gutorera umuti indyane, ivyo abategetsi bo hejuru bo muri Amerika bamye bashigikira nk'inzira yofatwa inyuma y'intambara.

Iki cifuzo gishigikiwe n'amakungu kugira indyane zimaze imyaka mirongo zihere, kandi vyotuma habaho reta yigenga y'abanya-Palestina muri Gaza n'iyo mu karere ka Cisjordanie/West Bank gasanzwe kagenzurwa na Israel.

Biden ati: "Iyi ni reta igendera ku vyiyumviro vya kera ikomeye muri kahise ka Israel. Iyi reta ya Israel ntimworohereza na gato. Ntiyerekwa inyishu ishingiye kw'ishingwa ry'ibihugu bibiri".

Ivyiyumviro vyiwe birerekana ukutumvikana kuhari ku bijanye n'inzira yofatwa inyuma y'intambara. Netanyahu avuga ko adashigikiye akamo iterwa na Amerika ko gushira Gaza mu minwe y'Ubutegetsi bwa Palestine busanzwe butwara uduce tumwe tumwe tw'akarere ka Cisjordanie kari mu minwe ya Israel.

N'aho Biden yashikirije ano majambo yeruye, abategetsi bakuru ba Amerika babandanya berekana ko badashima ibikorwa vy'igisirikare ca Israel.

Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu Antony Blinken yavuze mu minsi iheze ko hari''igihushane'' ku vyo abategetsi ba Israel bavuga ku vyo gukingira abasivire muri Gaza n'ibiriko birabera ku rubuga rw'intambara.