Afrika y’Epfo yasavye CPI/ICC gukurikirana ibikorwa vya Israel – Ramaphosa

Ahavuye isanamu, Reuters
Afrika y’Epfo yashikanye reta ya Israel muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI/ICC) ku bikorwa vyayo mu ntambara yo muri Gaza, nk’uko vyaraye bitangajwe na Perezida Cyril Ramaphosa.
Perezida Ramaphosa ati: “Nka Afrika y’Epfo, turi kumwe n’ibindi bihugu bitari bike kw’isi, twabonye bikwiye ko twoshikana ibikorwa vyose vya reta ya Israel muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha. Twituye ino sentare kubera twemera ko hari ivyaha vyo mu ntambara biriko birakorwayo”.
Ntavuga ibindi bihugu biri kumwe na Afrika y’Epfo vyituye CPI ku bikorwa vya Israel.
Avuga kandi ko batashigikiye igitero Hamas yakoze muri Israel imbere yaho, ariko ko badashigikiye ivyo Israel ibandanya ikora, “babona ko CPI ikwiye gukorako amatohoza”.
CPI ni sentare mpuzamakungu ikora amatohoza ikongera igacira imanza abantu bagirizwa ivyaha vy’agahomerabunwa biraje ishinga amakungu, nk’ivyaha vyo mu ntambara n’ihonyabwoko.
Afrika y’Epfo ni kimwe mu bihugu bishigikiye cane Abanya-Palestina muri ino ntambara ibandanya hagati yabo na Israel.
Abategetsi batari bake b’iki gihugu barashigikiye batarya umunwa Abanya-Palestina, kandi kiranabamwo n’imyiyerekano yo gushigikira Abanya-Palestina.






