Israel-Gaza: Netanyahu yanse icipfuzo c'ishingwa ry'igihugu ca Palestine

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Mark Lowen, in Jerusalem, and Sean Seddon
- Igikorwa, BBC News
Benjamin Netanyahu yavuze ashimitse ko Israel itegerezwa kuguma icungera umutekano w'uturere twose twa Palestine.
Umushikiranganji wa mbere wa Israel avuga ko ivyo "bitandukanye" n'ishingwa ry'igihugu ca Palestine muri kazoza.
Ivyo yashikirije ku musi wa gatandatu bitandukanye n'igitsure ca Amerika kuri reta yiwe n'ibindi bihugu ko yokwemera ishingwa ry'igihugu ca Palestine.
Ku musi wa gatanu, Netanyahu na prezida Joe Biden baraganiriye kuri kazoza k'uturere twa Palestine kw'iterefone.
Ivyo umushikiranganji wa mbere aheruka kuvuga bigaragaza ukutumvikana hagati ya reta yiwe na Amerika ku kungene uturere Gaza na Cisjordanie igihe intambara ya Gaza izoba irangiye.
Amerika ibona ko reta ya Palestine iri iruhande ya Israel - izwi nka "inyishu y'ibihugu bibiri" - ari yo ishoboka ku mutekano w'igihe kirere.
Ariko muri iyi ndwi, ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika vyaremeje ko reta za Amerika na Israel "ata nkeka ko batabona kumwe ibintu".
Bavugana n'ibimenyeshamakuru inyuma y'aho abo bategetsi babiri bavuganiye kuri telefone incuro ya mbere mu kiringo nk'ico ukwezi, Biden yavuze ashimitse ko inyishu y'ibihugu ari yo nyishu ishoboka ku butegetsi bwa Netanyahu.
Yagize ati:"Hari ubwoko bwinshi bw'inyishu y'ibihugu bibiri. Hari ibihugu vyinshi biri muri Onu ... ariko bidafise igisirikare."
Ariko ku musi wa gatandatu Netanyahu yagwijije incuro zibiri aho yari ahagaze, kandi yamye ari ho ahagaze mu buzima bwiwe bwa politike akaba ari na vyo yasubiyemwo mu ntango y'iyi ndwi.
Itangazo ryasohowe n'ibiro ryiwe rigira riti:"Mu kiganiro bagiranye na prezida Biden, umushikiranganji wa mbere Netanyahu yasubiyemwo politike yiwe ko inyuma yo gusambura Hamas, Israel izobandanya icungera umutekano mu karere ka Gaza, kugira ako karere ntikazosubire kugeramira umutekano wa Israel, ibitandukaye n'abasaba ko haba igihugu ca Palestine cigenga."
Ku musi wa gatandatu kandi, ku rubuga rwa X - rwahora rwitwa Twitter - yavuze ko Israel itegerezwa "gucungera umutekano mu karere kose kari mu burengero bwa Jordanie", akarere karimwo na Cisjordanie Israel imaze igihe yarigaruriye.
Ayo majambo azosubiza hasi icizere c'abibaza ko intambara ya Gaza ishobora gutuma abategetsi ba Israel na Palestine basubira mu biganiro, bagasubira kuvyura umugambi w'amahoro.
Uko kuguma Netanyahu akumirwa n'amakungu bishitse mu gihe agenda atakaza icizere mu gihugu ciwe n'imyiyerekano kuri kazoza k'ingwati 130 zikiri mu minwe ya Hamas i Gaza.
Hamas yishe abantu 1.300 - benshi muri bo bakaba bari abasivire - inyuruza n'abandi 240 mu gitero co mu bumanuko bwa Israel itariki 7 z'ukwezi kwa cumi.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi, harimwo incuti z'abo batararekurwa, barakoraniye i Tel Aviv ku musi wa gatandatu, bahamagarira Netanyahu gushika ku masezerano yotuma abanyurujwe batahuka iwabo.










