Menya Valery Zaluzhny, intwazangabo iyoboye igitero ca Ukraine co kwivuna umwansi

Jenerali Zaluzhny ntabwo yigeze akora mu gisirikare c’Abasoviyeti kandi yaririnze ubuyobozi bw'igisirikare c’Abasoviyeti

Ahavuye isanamu, Igisirikare ca Ukraine

Insiguro y'isanamu, Jenerali Zaluzhny ntabwo yigeze akora mu gisirikare c’Abasoviyeti kandi yaririnze ubuyobozi bw'igisirikare c’Abasoviyeti
    • Umwanditsi, Oksana Torop, Svyatoslav Khomenko & Kateryna Khinkulova
    • Igikorwa, BBC World Service

Igitero ca Ukraine cari kirindiriwe mu ntumbero yo kubohoza ubutaka bwo mu buseruko n’ubumanuko bw’igihugu bwigaruriwe n’Uburusiya mu mezi 18 aheze, kiriko kirabandanya.

Umuntu adasanzwe mu nteguro n’ishirwa mu ngiro ry’iki gikorwa ni Jenerali (Gen) Valery Zaluzhny, umukuru w’igisirikare ca Ukraine w’imyaka 49.

Mu gihe ata bintu vyinshi vyari bizwi kuri we gushika ubu bwa vuba, ubwamamare bwiwe ubu bubangabanganywe n’ubwa Perezida Volodymyr Zelensky.

Gen Zaluzhny, canke "Valera wacu" nk’uko abagenzi hamwe n’abo bahoze bigana bakunze kumwita, yagenywe nk’umukuru w’igisirikare ca Ukraine mu kw’indwi 2021.

Abamuzi neza bavuga ko igenwa ryiwe, ryavuye kuri Perezida Zelensky ubwiwe, ryamutangaje nawe nyene, co kimwe n’abandi batari bake babonye umengo asimvye intambwe zitari nke mu gushika kuri urwo rwego.

Zaluzhny yari asanzwe azwi nk’intwazangabo ifise ishaka kandi igezweho, ariko kandi nk’umuntu adashima kwishira hejuru yakunda kwijajurira n’abari musi yiwe kandi adafise ubwibone.

Mu mezi indwi, yisanze arongoye urugamba rw’igisirikare ca Ukraine cari gitewe n’umwansi.

Gushika ku wa 26 Ruhuhuma (2) 2022, ni ukuvuga inyuma y’imisi ibiri gusa igitero gitanguye, vyari vyamaze kugaragara ko ingabo z’Uburusiya zariko zirananirwa no “kwigarurira Kyiv mu misi itatu”, nk’uko mu ntango vyaboneka ko ari vyo vyagira bibe.

Ariko ibintu vyagumye birimwo igipfungu, abategetsi ba Ukraine nabo bagatera akamo abanyagihugu kutagira ubwoba. Ingabo z’Uburusiya zariko zirasatira mu buraruko, mu buseruko no mu bumanuko bwa Ukraine, ziboneka ko zari zigeramiye umugwa mukuru.

Ibisigarira vy'ibimodoka vy'intambara vy'Uburusiya vyasambuwe biri mu micungararo ya Kyiv, aho ingabo za Gen Zaluzhny zakubitiye iz'Uburusiya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibisigarira vy'ibimodoka vy'intambara vy'Uburusiya vyasambuwe biri mu micungararo ya Kyiv, aho ingabo za Gen Zaluzhny zakubitiye iz'Uburusiya
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ikintu cari mu mitwe y’abategetsi batari bake ba Ukraine kwari ugutangura kubomora ibiraro biri hafi ya Kyiv ku ruzi runini rwa Dnipro, kugira ngo ingabo z’Uburusiya zibure ingene zijabuka ziva ku ruhande rw’ubuseruko ngo zinjire ku ruhande rw’uburengero bw’uru ruzi, ari naho hari icicaro ca reta hamwe n’ibindi bintu nyamukuru.

Baraterefonye Gen Zaluzhny bamubaza ico abivugako.

"Nta kintu na kimwe cotuma dukora ibi bintu”, niko bivugwa ko yabishuye, ico gihe akaba yari mu nzu yo mu kuzimu ari kumwe n’izindi ntwazangabo zo hejuru.

"Uku kwoba ari uguhemukira abasivire n’abasirikare basigaye ku ruhande rw’ubuseruko”.

BBC yahawe amakuru asa n’aya n’abantu babiri babigizemwo uruhara, akerekana ko ariko ibi vyagenze.

Hari izindi ngingo nyinshi zikomeye zakurikiye, mbere gushika mu ntango z’ukwa kane 2022, ingabo za Ukraine zasubije inyuma igisirikare c’Uburusiya mu buraruko no mu buseruko bwa Kyiv.

Valery Zaluzhny, umunya-Ukraine yavukiye mu muryango wari mu gisirikare c’Abasoviyeti, yigeze kwumvikana igihe kimwe avuga ko igihe cose yari yiyemeje kwitandukanya n’ubuyobozi bw’igisirikare c’Abasoviyeti bwari burengeje urugero.

Igihe yinjira ishure rya gisirikare hagati y’imyaka ya 1990, Ukraine yari yamaze kuronka intahe yo kwikukira.

Mu gihe ibitabo vyiwe mw’ishure rya gisirikare bishobora kuba bihera mu gihe c’ubutegetsi bw’Abasoviyeti, yarize ic’ari co intambara.

Mu 2014, yagenywe kuba icegera c’umukomanda mu karere k’ubuseruko bwa Ukraine ahariko habera intambara n’inyeshamba zirondera kwiyonkora zishigikiwe n’igisirikare c’Uburusiya.

Abagenzi biwe twaganiriye bavuga ko kuva atangura amabanga yiwe yama arondera kwubaka imigenderanire ishingiye ku kwizigirana hagati ya we n’abari musi yiwe, kandi agashima kubaha ububasha bwo gufata ingingo.

Uwahoze yungirije Zaluzhny, mbere yari kumwe na we mu misi ya mbere y’igitero c’Uburusiya, Lyudmyla Dolhonovska, yabwiye BBC ko yasinzira gake kandi ko yama avugana n’intwazangabo zari ku rugamba.

Uyu mukenyezi ati: "Yarahamagara kenshi abajenerali biwe, ariko ibiyago vyama igihe cose bishimikiye ku gushira umutima mu nda”.

Abahinga babona ko ukwiyorosha kw’abakuru ba gisirikare ba Ukraine maze intwazangabo ntoya zigashobora gufata ingingo ku rubuga rw’intambara vyababereye akarusho imbere y’igisirikare c’Uburusiya kigendera gusa ku mategeko ava hejuru.

Amasoko amwe amwe ava mu gisirikare ca Ukraine arashika kure mbere mu kuvuga ko aba bakomanda bashobora kwifatira ingingo bo nyene ku rugamba ari bo soko ry’intambwe z’igisirikare ca Ukraine muri ino ntambara, mu gihe Zaluzhny akwiye gushimirwa gusa kuba yarabarekeye uburenganzira bwo kwifatira ingingo.

Mu gihe intambara zibandanya, Perezida Zelensky yagize uruhara rudasanzwe mu kuguma atera intege abanyagihugu mu butumwa yama ashikiriza buri joro imisi yose.

Yarerekanye ishusho y’ubutegetsi bukomeye, mu gihe yabananije atera igitsure ibihugu vy’incuti abisaba imfashanyo y’amafaranga n’iya gisirikare.

Gen Zaluzhny yari arajwe ishinga no gutumbereza integuro za gisirikare.

Inyuma y’intambwe zikomeye zatewe mu ci riheze no mu ntango z’iremba, ingabo za Ukraine zashoboye kubohora uturere tutari duto tw’ubutaka bwa Ukraine mu buseruko no mu bumanuko.

Uyu mugaba w’ingabo yabaye incungu y’igihugu, n’aho aboneka gake mu bantu, ndeste akaba adakunze kwemera gutanga ibiganiro.

Izina ryiwe ryahavuye ryitiranywa n’ubutwari, mbere ukumenyekana kwiwe kukaba kwavyaye utujajuro n’imvugo zihinyitse.

Ehe imwe muri izi mvugo: "Iyo Zaluzhny ariko aca mu cumba c’umwijima, ntiyatsa amatara, ahubwo azimya umwijima”.

Ukumenyekana kwa cane kwiwe kwageze ku rugero rw’urwa Zelensky, mbere ba gateranya batanguye kuvuga ko hashobora kuba hari icuka kibi hagati yabo.

Hari abavuga ko Zelensky yashobora gusubiriza Zaluzhny mu kibanza c’umukuru w’ingabo, canke mbere Zaluzhny akinuba ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu muri poritike.

Gushika ubu, nta na kimwe kiraba.

Gen Zaluzhny na Perezida Zelensky

Ahavuye isanamu, Ibiro vy'Umukuru w'igihugu ca Ukraine

Isoko ryo mu biro vy’umukuru w’igihugu ryabwiye BBC ko "Perezida Zelensky ata mwanya afitiye amajambo nk’aya y’ishari mu gihe ikimuraje ishinga gushika kuri 102% ari ukuronderera Ukraine imfashanyo za gisirikare mu ncuti zayo”.

Aba bagabo bompi baboneka ko bishimiye kureka umwe umwe wese agakora akazi kiwe.

Gen Zaluzhny yabwiye ikinyamakuru Time Magazine mu kwa gatandatu kw’umwaka uheze ko atacirirwa asigurira Perezida Zelensky integuro zose za gisirikare.

"Ntagikeneye gusigurirwa ibijanye n’igisirikare kurusha uko akeneye kumenya ibijanye n’ubuvuzi canke no kwubaka ibiraro".

Abihweza ibintu n’ibindi muri poritike hamwe n’abahinga mu bijanye n’imibano babwiye BBC ko ukumenyekana cane kwa Zaluzhny ari ikintu gisanzwe muri kino gihe abanya-Ukraine bakeneye uwubatera intege. Barerekana kandi aka kantu k’ubuntu kamurimwo.

Igihe kimwe yaritavye ubugeni bw’ubusirikare vyari vyabaye ngombwa ko yunguruza urubanza rwiwe kubera yari yarungitswe ku rugamba muri Bakhmut.

Uyu musirikare yahavuye ahabwa akaruhuko gatoya kugira ngo aronke amahirwe yo kurongora umukunzi wiwe.

Igihe hariko haravugwa cane amakuru y’igitero rutura ca Ukraine co kwivuna umwansi, abandika amakuru ya gisirikare ku mbuga hwaniro baciye batangura gukwiragiza ibihuha hagati mu kwa gatanu ko Gen Zaluzhny yari yakomeretse cane, canke mbere ko yishwe.

Ibi vyasubiwemwo n’umukuru w’igendereza ryo hanze ry’Uburusiya Sergei Naryshkin yavuze ati: "Mu bisanzwe, dufise amakuru yose yerekeye amagara y’umukuru w’igisirikare ca Ukraine ariko ntayo tuzoshira ahabona”.

Koroneri (Col) Anatoly Shtefan yegereye Gen Zaluzhny, yavuze ko mu gihe abategetsi bo hejuru b’igisirikare ca Ukraine bashinyaguriza ibi bihuha - bavuga ko vyerekana “urugero rwo hejuru rw’ubusazi bw’Uburusiya muri propaganda yabwo” – vyaboneka ko abanya-Ukraine nabo nyene bari batanguye kugira ubwoba.

Mu ntango z’ukwa gatandatu, ubushikiranganji bwa Ukraine bujejwe kwivuna abansi bwasohoye amasanamu atari make ya Gen Zaluzhny yitavye ibirori vya gisirikare i Kyiv.

Koroneri Anatoly Shtefan yasohoye ifoto ari kumwe na Gen Valery Zaluzhny kugira ahagarike ibihuha

Ahavuye isanamu, Col Anatoly Shtefan

Insiguro y'isanamu, Koroneri Anatoly Shtefan (iburyo) yasohoye ifoto ari kumwe na Gen Valery Zaluzhny kugira ahagarike ibihuha

Gushika ubu, izina rya Valery Zaluzhny mu banyagihugu ba Ukraine rifise ikibanza nk’incungu, ariko hamwe n’uko abantu batari bake bafise ivyizigiro kuri uno mugaba w’ingabo, kazoza kiwe gashobora kutazokworoha.

N’aho Ukraine yoshobora kwikurako umwansi, Ukraine izohura n’ikibazo gikomeye, nk’uko umuhinga mu bijanye n’imibano Oleksiy Antypovych abivuga, hanyuma Zaluzhny agashobora guhitamwo kwikuramwo poritike.

"Biraboneka cane ko inyuma y’intambara Ukraine azohura n’ikibazo gikomeye c’ubutunzi, niba atari ugusenyuka burundu. Kizoba ari ikindi gihe gitandukanye”.

Umuhinga mu vya poritike Mykola Davydiuk yemeza ko mu gihe umugaba w’ingabo yokwinjira muri poritike,bishobora kumugendera neza.

"Mu gihe Zelensky ari umutegetsi atigeze aheba abanya-Ukraine, Zaluzhny ni we yabarwaniye. Ni amajambo yihuta kwumvikana kuri we kandi ni bwo butumwa abanyagihugu bakeneye”.