Ukraine: Zelensky yagiriza Russia 'ubugome' kubera igitero cya Odesa

Abajejwe kuzimya imiriro baciye banyarukira ahaguye ibi bisasu vya misire muri Odesa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abajejwe kuzimya imiriro baciye banyarukira ahaguye ibi bisasu vya misire muri Odesa

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yagiriza Uburusiya “ubugome” inyuma y’igitero ca misire ku kivuko ca Odesa.

Amasezerano yari gutuma intete za Ukraine zishorwa hanze – yari yateweko igikumu amasaha make imbere y’iki gitero – ubu yahagaze.

Moscou ntaco iravuga kuri iki gitero mu gihe Kyiv ivuga ko imyiteguro ibandanya kugira ngo isubire ishore hanze intete zayo n’aho vyagenze uko.

Ariko ejo ku wa gatandatu, Perezida Zelensky yavuze ko vyerekana ingene Moscou idashobora kwizerwa ko ishobora kwubahiriza aya masezerano.

Avuga ko azokora uko ashoboye kwose gushika aronke ibirwanisho vyo gukingira ikirere bishobora kumanura ibisasu vya misire muri kazoza.

Ukraine ni igihugu kiri mu vya mbere bishora intete hanze, ariko kubera iyi ntambara, amatoni yababa imiriyoni 20 y’intete aracugaraniwe mu bivuko, akaba adashobora gusohoka kubera ingabo z’Uburusiya. Ibi vyatumye haba ubukene bw’imfungurwa ibiciro na vyo biraduka muri Afrika isanzwe izeye Ukraine n’Uburusiya ku ntete z’ingano.

Mu masezerano yo ku wa gatanu, Uburusiya bwemeye ko butazotera ibivuko bibitswemwo intete zishorwa hanze.

Ariko, amasaha makeya gusa inyuma yo gutera igikumu kuri ano masezerano, ibisasu bibiri vya misire zo mu bwoko bwa Kalibr vyatewe ku kivuko ca Odesa, nk’uko bivugwa n’ibiro vya gisirikare mu bumanuko bwa Ukraine. Ibindi bisasu bibiri vya misire vyarakorowe n’igisata kijejwe gukingira ikirere, nk’uko ibi biro bibimenyesha.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibi biro bimenyesha ko iki gitero ataco cononye kuri ico kivuko.

Iki gitero cariyamirijwe cane. Umunyamabanga ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Antony Blinken yagirije Uburusiya ko buriko butuma ikibazo c’imfungurwa kw’isi cunyuka, anavuga ko iki gitero “gitera amadidane akomeye” ku cizere c’uko uburusiya bushobora gukurikiza aya masezerano.

Ejo ku wa gatandatu yavuze ati: "Uburusiya butegerezwa guhagarika aka gasotoro kandi bushire mu ngiro amasezerano yerekeye intete za Ukraine yateweko igikumu”.

Kremlin gushika ubu ntaco irashikiriza ku mugaragaro ku vyerekeye iki gitero, ariko reta ya Turukiya, ari nayo yatumye aya masezerano ashikwako, ivuga ko abategetsi b’Uburusiya bahakana uruhara rwabo.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi Hulusai Akar avuga ati: "Tuvuganye n’Uburusiya, Abarusiya batubwiye ko ivy’ico gitero ata kintu na kimwe bakiziko kandi ko bariko barihweza neza iki kibazo”.

Mu yandi makuru, umushikiranganji wa mbere wa Hongrie, Viktor Orban , yavuze ko Ukraine idashobora gutsinda Uburusiya.

Mw’ijambo yashikirije mu nama ihuza ibihugu bigendera ku mico ya kera, yavuze ko ikintu conyene gishobora kurangiza iyi ntambara ari ibiganiro hagati ya Washington na Moscow.

Umushikiranganji wa mbere Orban, asanzwe adahuza n’abandi bategetsi b’Ubumwe bwa Bulaya kuri iyi ntambara, avuga ati: "Hakenewe iyindi nzira ishobora gushira imbere ibiganiro hakugerageza gutsinda iyi ntambara”.

Umushikiranganji w’Ubumwe bwa Bulaya ajejwe imigenderanire Josep Borrell avuga ko iki gitero ku kivuko ca Odesa cerekana ingene Uburusiya busuzugura amategeko mpuzamakungu.

"Gutera ikibanza gikomeye gicishwako intete zishorwa hanze umusi umwe inyuma y’aho aya masezerano atereweko igikumu muri Istanbul ni ibintu bidashobora kwihanganirwa”, niko yanditse kuri Twitter, akongera y’uko Ubumwe bwa Bulaya “bwiyamirije bwivuye inyuma” iki gitero.

Eka n’umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres ariyamiriza yivuye inyuma iki gitero, akavuga ko gushira mu ngiro aya masezerano yerekeye intete za Ukraine ari ngombwa ko ashirwa m,u ngiro.