Intambara ya Ukraine: Russia ntiyera de, ariko ntimaramazwa no kwerekana ico iri - Lavrov

Steve RosenbergUmwanditsi mukuru wa BBC mu rurimi rw'ikirusiya, Moscow
Kuva igisirikare c’Uburusiya giteye Ukraine, haraciye hafi amezi ane, ibihumbi n’ibihumbi vy’abasivire baramaze kwicwa, ibisagara bitari bike navyo bicika umunyota, mu gihe imiriyoni z’abanya-Ukraine nabo bataye izabo.
Ariko ejo ku wa kane, umushikiranganji w’imigenderanire Sergei Lavrov yarandavye mu maso ambwira ko ibintu bitari uko abantu bibaza.
Ati: “Twebwe ntitwateye Ukraine”.
“Twatangaje igikorwa kidasanzwe ca gisirikare kubera ata yindi nzira twari dusigaje yo gusigurira Uburengero ko kurondera kwinjiza Ukraine muri OTAN/NATO cari icaha”.
Kuva Uburusiya buteye Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2), umushikiranganji Lavrov ni gake yari amaze guha ikiganiro ibinyamakuru vyo mu bihugu vy’Uburengero.
Asubiramwo amajambo avugwa na Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) ko muri Ukraine harimwo aba-Nazi.
Abategetsi b’Uburusiya bakunze kuvuga ko igisirikare cabo kiriko “kirakura ivyiyumviro vy’iki-Nazi” mu gihugu.
Lavrov aherutse guteza uburakari igihe agerageza gusigura amajambo yafashwe nk’ibitutsi ku mukuru w’igihugu ca Ukraine, nawe akaba ari Umuyahudi, mu kuvuga mu buryo bw’agasuzuguro ko Adolf Hitler yari afise “amaraso y’Abayahudi”.
Namusubiriyemwo icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’ikigwati ca Yahidne mu ntara ya Chernihiv muri Ukraine, kivuga ko “abantu 360, harimwo abana 74 na batanu bafise ubumuga, bahatiwe n’ingabo z’Uburusiya kumara imisi 28 yose bari mu vyumba vyo mu kuzimu kw’ishure rimwe .... Nta tuzu twa surwumwe twarimwo, nta n’amazi...abatama 10 muri bo barapfuye”.
Nca ndamubaza nti: “None uko ni kwo kurwanya Abanazi”?
Yishuye ati: “Birababaje cane, ariko abaserukira ibihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu, harimwo umukuru w’ishami rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu, Umunyamabanga mukuru wa ONU n’abandi baserukira ONU, bariko baraterwa igitsure n’Uburengero”.
“Uburusiya ntibwera de. Uburusiya buri ico buri. Kandi ntitumaramazwa no kwerekana ico turi”.
Lavrov w’imyaka 72, amaze imyaka 18 aserukira Uburusiya ku rwego mpuzamakungu, ariko we n’umukobwa wiwe barafatiwe ibihano n’ibihugu vyo mu Burengero.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimwagiriza ko abandanya ashikiriza amajambo y’ibinyoma mu kuvuga ko Ukraine ari yo ibasotora, kandi ko ari we abazwa igitero c’Uburusiya nk’umwe mu bagize Inama Nkuru y’igihugu ijejwe umutekano.

Niho rero nahava ndamubaza ibijanye n’imigenderanire y’Uburusiya n’Ubwongereza. Iki gihugu kiri ku rutonde rw’ibihugu vy’abansi b’Uburusiya, nca mvuga ko kuvuga y’uko imigenderanire ari mibi kwoba ari ukworosha ibintu.
Lavrov yishuye ati: “Sinibaza ko hoba hari iyindi nzira yoba isigaye kuko yaba [Umushikiranganji wa mbere Boris] Johnson canke [Liz] Truss, bompi bavuga amenya ngo ni ngombwa ko dukubita hasi Uburusiya, ni ngombwa ko dukora ibishoboka vyose Uburusiya bugapfukama. Bandanye, bikore rero!”.
Hari mu kwezi guheze igihe umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire yavuga ko umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin yariko yiteza urubwa we nyene ku rubuga mpuzamakungu, kandi ko “dutegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira atsindwe muri Ukraine”.
Mbajije Lavrov ingene abona Ubwongereza ubu, yavuze ko “bwasubiriye guta inyungu z’abanyagihugu mu kaga ku nyungu z’abanyaporitike”.
Narongeye ndamubaza ivyerekeye Abongereza babiri baherutse gucirirwa urubanza rwo gupfa n’abategetsi b’akarere gashaka kwiyonkora bashigikiwe n’Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine.
Ndamubwiye ko mu maso y’ibihugu vy’Uburengero Uburusiya ari bwo bubazwa ibizobabako vyose, yishuye ati: “Jewe amaso y’ibihugu vy’Uburengero nta na kimwe ambwiye. Jewe ndajwe ishinga n’amategeko mpuzamakungu. Nk’uko amategeko mpuzamakungu abivuga, abacangero ntibafatwa nk’abarwanyi”.
Nishuye ko aba bagabo bari basanzwe mu gisirikare ca Ukraine kandi ko batari abacangero, hanyuma Lavrov aca avuga ko ivyo bitegerezwa kwihwezwa na sentare.
Yahavuye yagiriza BBC ko idashira ahabona ukuri ku vyamye bishikira abasivire bo mu turere turi mu minwe y’abarwanyi dushaka kwiyonkora mu buseruko bwa Ukraine, “aho abasivire bari bamaze imyaka umunani baterwa amabombe n’ingabo za Kyiv”.
Nashimangiye ko mu myaka itandatu yose iheze, BBC yavuganye incuro nyinshi n’abategetsi bo mu turere dushaka kwiyonkora isaba uruhusha rwo kwinjira kugira ngo yibonere ivyariko biraba. Igihe cose twabigerageje baratwimye uruhusha.
Uburusiya bwagiriza Ukraine ihonyabwoko. Ariko mu 2021, abasivire umunani barishwe mu turere turi mu minwe y’inyeshamba, nk’uko bivugwa n’abategetsi b’ubutere twegamiye Uburusiya dutangaza ko twigenga, hamwe rero n’abandi indwi mu mwaka w’imbere y’aho. Navuze ko mu gihe ubwicanyi ubwo ari bwo bwose ari akaga, ubu bwobwo ntibwabaye ihonyabwoko.
Navuze nti nimba koko harabaye ihonyabwoko, abategetsi b’uturere dushaka kwiyonkora twa Luhansk na Donetsk bari kwumva ko bikenewe ko baduha uruhusha tukinjira. Namubajije nti “kubera iki batwankiye?”.
Yishuye ati: “Ntavyo nzi”.










