Intambara ya Ukraine yananiranye, niko umukuru w’igendereza abwira BBC

Ingabo za Ukraine zimaze amayinga atari make zihanganye n'ibitero vy'Uburusiya mu gisagara ca Bakhmut

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo za Ukraine zimaze amayinga atari make zihanganye n'ibitero vy'Uburusiya mu gisagara ca Bakhmut

Intambara ya Ukraine muri kino gihe yananiranye, kuko yaba Ukraine canke Uburusiya ata ruhande rutera intambwe iboneka, nk’uko bivugwa n’umukuru w’igisata kijejwe igendereza mu gisirikare, mu gihe Kyiv irindiriye ibirwanisho bigezweho bitangwa n’incuti zayo z’Uburengero.

Kyrylo Budanov yabwiye BBC ati: "Ibintu nta kigenda. Nta ntambwe iriko iraterwa”.

Inyuma y’aho ingabo za Ukraine zibohoreje igisagara ca Kherson kiri mu bumanuko muri Munyonyo (11), intambara hafi zose zikomeye ziri mu micungararo ya Bakhmut mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko.

Ingabo z’Uburusiya zisa n’izafashe ingingo yo kwivuna mu gihe igihe c’ubukonje gisa n’icagabanije ubukari bw’ibikorwa vya gisirikare vy’ingabo za Ukraine ku rwasiro rw’ibirometero 1000.

Budanov avuga ko Uburusiya “vyanse rwose” mu gihe zitakaza bikomeye, akemeza ko Kremlin yamaze gufata ingingo yo gutangura irindi himiriza ryo kurondera izindi ngabo.

Ariko, yongera ko y’uko ingabo za Ukraine zikibuze uburyo buziha ububasha bwo gusatira mu turere tutari duke.

Ati: "Ntidushobora kubanesha rwose. Kandi nabo nyene ntavyo bashoboye. Turacarindiriye n’igishika cinshi ibirwanisho bishasha, hamwe kandi n’ibirwanisho bigezweho”.

Mu ntango za kuno kwezi, inyuma y’aho igisirikare c’Uburusiya gitakarije bikomeye, abategetsi ba Ukraine baragabishije ko hashobora kuba ikindi gitero co ku butaka gishobora gukorwa na Moscou cinjiriye muri Biélorussie mu ntango za 2023.

Bavuga ko muri iki gitero hashobora kujamwo ivyo kugerageza, ku ncuro ya kabiri, kwigarurira umugwa mukuru Kyiv, kikazoba kirimwo ibihumbi mirongo vy’abasirikare b’integabizoza bari mu nyigisho muri kino gihe mu Burusiya.

Hagati aho, Budanov arahakana ko ata bikorwa Uburusiya buriko burakorera muri Biélorussie, birimwo no kwungururizayo ibihumbi vy’ingabo, akavuga ko ayo ari amayeri yo kurondera ingene Ukraine yokura ingabo ku rubuga rw’intambara mu bumanuko no mu buseruko ikazitwara mu buraruko.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Avuga ko mu misi iheze itereni yari yuzuye abasirikare b’Uburusiya yahagaze mu gace kegereye urubibe rwa Biélorussie na Ukraine hanyuma ikabasubirana inyuma bose haciye amasaha make.

"Babigize ku murango izuba riva, kugira ngo bose babibone, n’aho tutari kuba tubishaka”, niko avuga, akongerako y’uko ata kintu nyaco abona kibangamye ubu bwa vuba kivuye ku ngabo ziri muri Biélorussie.

"Gushika ubu, nta kimenyetso na kimwe ndabona c’imyiteguro yo gutera Kyiv canke uturere tw’uburaruko bavuye muri Biélorussie”.

Iki kiganiro na Budanov mu biro iwe i Kyiv kibaye imisi mike inyuma y’aho Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya agiriye urugendo ku mugwa mukuru wa Biélorussie, Minsk, ku ncuro ya mbere mu myaka irenga itatu. Urugendo rwiwe rwatumye abantu bibaza ko yoba yariko agerageza kwumvisha Perezida Alexander Lukashenko, incuti yiwe ya kera, ko yorungika ingabo za Biélorussie muri Ukraine.

Biélorussie irakoreshwa n’ingabo z’Uburusiya mu gutegura ibitero, ariko Budanov abona ko abanyagihugu ba Biélorussie batazoshigikira uruhara na rumwe rwayo muri iyo ntambara, mbere n’abihweza ibintu n’ibindi ntibabona ko igisirikare cayo kigizwe n’abantu 48.000 coba kivyiteguriye.

Ati: "Ni co gituma Perezida Lukashenko ariko afata ingingo zose kugira ngo igihugu ciwe ntikigwe mu kaga”.

Kuva zibohoje Kherson, ingabo za Ukraine zihanganye bikomeye n’iz’Uburusiya mu micungararo ya Bakhmut, mu ntambara yo mu myobo igereranywa n’intambara ya mbere y’isi yose. Ku Burusiya, kwigarurira ico gisagara vyotuma amayira Ukraine icishamwo uburyo ahungabana kandi bwoba bwugururiwe inzira yo gutera busatira amaja mu bindi bibanza bikomeye vya Ukraine mu buseruko, harimwo Kramatorsk na Sloviansk.

Jenerali-Majoro Kyrylo Budanov yabwiye BBC ko intambara yananiranye
Insiguro y'isanamu, Jenerali-Majoro Kyrylo Budanov yabwiye BBC ko intambara yananiranye

Iki gitero, nk’uko Mr Budanov abivuga, kirongowe n’umurwi w’abacangero b’Uburusiya Wagner. Uwawutanguje, Yevgeniy Prigozhin, abonwa ko ashaka kwigarurira iki gisagara nk’agashimwe ka poritike, mu gihe harangwa icuka kibi hagati y’abategetsi bakuru b’Uburusiya.

Hampande y’ibitero vyo ku butaka, Uburusiya bubandanya ibitero vy’indege vy’urutavanako kuva hagati muri Gitugutu (10), aho butera ibibanza bikomakomeye vya Ukraine bukoresheje ibisasu vya misire na za ndege zitagira abadereva (drones), ivyatumye amamiriyoni y’abanyagihugu ba Ukraine babura amazi n’umuyagankuba. Budanov avuga ko ibi bitero bisa n’ibishobora kubandanya, ariko akabona ko Uburusiya bushobora kugera ahantu bukagabanya akariro kubera ububiko bwa misire bugenda bugabanuka, amahinguriro yabwo nayo akaba adashoboye guhingura izikwiye.

N’aho Irani yahaye Uburusiya amadrone hafi yose akoreshwa mu bitero vyabwo, uyu mukuru w’igendereza avuga ko gushika ubu yanse guha Uburusiya amamisire, kuko izi neza ko ibihugu vy’Uburengero vyoca biyifatira ibihano, na rirya isanzwe hari ivyo yafatiwe kubera umugambi wayo wa nikleyeri kandi bikaba biyibangamiye.

Intambara ishobora kunanirana ubu, ariko Budanov nta nkeka afise ko Ukraine izoruhira kubohoza ubutaka bwose bwigaruriwe, harimwo na Crimée/Crimea, akarere Uburusiya bwigaruriye mu 2014. Abona ko Ukraine izoruhira gusubirana imbibe zayo zo mu 1991, igihe itangaza ukwikukira kwayo inyuma y’isenyuka y’icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti.