Ukraine: Amerika ivuga ko Irani ubu ari yo ya mbere ifashe mu mugongo Uburusiya mu vya gisirikare
Na Elsa Maishman & Sam Hancock
BBC News
Imigengeranire hagati y’Uburusiya na Irani yahavuye ivamwo ubucuti bwuzuye bwa gisirikare, nk’uko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibivuga.
Uburusiya buha Irani imfashanyo ya gisirikare itari bwigere iboneka, nk’uko bivugwa n’umuhanuzi w’igihugu mu vyo umutekano wa Amerika, John Kirby.
Amerika yarabonye ivyegeranyo vyerekana ko ibi bihugu vyompi biriko birihweza ingene bihingurira hamwe za ndege zitagira abadereva (drones) zizokoreshwa mu ntambara, nk’uko abivuga.
Amadrone ya Irani aherutse gukurikiranirwa hagufi, aho Ukraine yagiriza Uburusiya ko bwayakoresheje mu ntambara, Australia nayo igafata ibihano kuri iki kibazo.
Ico gihugu co mu burasirazuba bwa hagati cabanje guhakana ko ata drone n’imwe carungiiye Uburusiya, ariko mu nyuma kivamwo kiremera ko hari amwe caburungikiye imbere y’igitero muri Ukraine.
Kirby avuga ko ugufashanya hagati ya Irani n’Uburusiya mu guhingura ama-drones kuzoba ari akaga kuri Ukraine, ibihugu bibanyi vya Irani hamwe n’amakungu.
Avuga ati: "Uburusiya buriko burarondera ingene bukorana na Irani mu bisata vyo guhingura ibirwanisho, inyigisho”.
Yongerako y’uko Amerika ifise ubwoba ko Uburusiya butegura “guha Irani ibikoresho vya gisirikare bigezweho”, birimwo za kajugujugu n’ibikoresho vyo gukingira ikirere.
Ati: "Irani yabaye igihugu ca mbere gishigikiye Uburusiya gisirikare…. Uburusiya bukoresha amadrone ya Irani mu gutera ibibanza vy’amasoko ntanganguvu, ivyatumye amamiriyoni y’abanyagihugu ba Ukraine babura umuyagankuba, uburyo bwo kwishusha n’ibindi vya nkenerwa.
“Abanyagihugu ba Ukraine uno musi bariko barapfa kubera ibikorwa vya Irani”.
Kuri aya majambo ya Kirby, umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire James Cleverly avuga ko Irani yabaye kimwe mu bihugu bishigikiye cane Uburusiya gisirikare kandi ko ubucuti hagati y’ibi bihugu ari akaga ku mutegako w’isi yose.
Avuga ko aya "masezerano y’akaga" hagati y’ibi bihugu bibiri yatumye Irani irungikira Uburusiya amajana n’amajana y’amadrone.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ati: "Mu kuyisubiriza mu ndumane, Uburusiya buha ubutegetsi bwa Irani ubufasha mu vya gisirikare n’ubuhinga, ibi bikazotuma ivyago vyiyongera ku ncuti zacu mu burasirazuba bwo hagati n’umutekano kw’isi”.
Avuga ko Ubwongereza bubona kumwe na Amerika ko ubufasha bwa gisirikare Irani iha Uburusiya bushobora kwiyongera mu mezi ari imbere, mu gihe Uburusiya buriko buragerageza kwegeranya ibirwanisho vyinshi, harimwo amajana ya za misire ziraswa kure.
Ukraine yagiriza Irani guha Uburusiya amadrone “y’ubwiyahuzi” aherutse gukoreshwa mu bitero bitari bike akica abantu nibura umunani ku wa 17 Gitugutu (10).
Inyuma yo guhakana ibi, Irani yahavuye yemera ko yarungikiye Uburusiya “igitigiti gito” c’amadrones, “amezi atari make” imbere y’intambara yo muri Ukraine.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko iki ari ikinyoma kandi ko Ukraine yakorora amadrone ya Irani hafi cumi buri musi.
Kuri uno wa gatandatu, Australia yatangaje imigambi ifise yo gufatira ibihano bijane n’amafaranga abanya-Irani batatu hamwe n’umurwizatunga wa Irani nyene kubera bahaye Uburusiya amadrone yakoreshejwe mu gutera Ukraine.
Penny Wong, umushikiranganji wa Australia ajejwe imigenderanire, yanditse urwandiko rwacishijwe mu kinyamakuru Sydney Herald ruvuga ruti: "Guha amadrone Uburusiya vyerekana uruhara Irani ifise mu gutera umutekano muke kw’isi yose. Uru rutonde rurerekana ko abo bose baha uburyo Uburusiya bazobona inkurikizi”.
Yatangaje izindi ngingo zafatiwe abantu 19 n’amashirahamwe abiri, harimwo igipolisi ca Irani kijejwe inyifato gitoteza abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta inyuma y’urupfu rwa Mahsa Amini , umugore w’imyaka 22 aherutse gupfira mw’ibohero.
Mu yandi makuru avugwa muri Ukraine, Perezida Zelensky avuga ko Uburusiya bwagize umunyota igisagara ca Bakhmut, inyuma y’amezi atari make y’intambara rutikiza nganda mu karere ka Donbas kari mu buseruko bwa Ukraine.










