Ku ncuro ya mbere kuva Israel itanguje intambara, indongozi y'ikirenga ya Irani yagiye inyeguruka

Ibirori vyo kwakira Ayatollah Ali Khamenei vyacishijwe ku mboneshakure ya Irani

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ibirori vyo kwakira Ayatollah Ali Khamenei vyacishijwe ku mboneshakure ya Irani
    • Umwanditsi, Ghoncheh Habibiazad
    • Igikorwa, BBC News mu rurimi rw'Igiperise
    • Umwanditsi, Ruth Comerford
    • Igikorwa, BBC News

Indongozi y'ikirenga ya Irani Ayatollah Ali Khamenei yiyerekanye ku mugaragaro kuva intambara hagati ya Irani na Israel itanguye, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya reta.

Imboneshakure y'igihugu yerekanye amashusho yiwe aramutsa abari bagiye gusenga ku musigiti mu birori vy'ejo ku wa gatandatu, umusi umwe imbere y'isabukuru ry'aba-Shia, Ashura.

Khamenei yaheruka kuboneka igihe yatanga ubutumwa hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo mu gihe c'intambara na Israel, yatanguye ku wa 13 Ruheshi (6) ikaba yahitanye intwazangabo nkuru nkuru mu gisirikare ca Irani hamwe n'abahinga mu vya nikleyeri.

Israel yakoze igitero giturumbuka ku bigo vya nikleyeri n'ivya gisirikare muri Irani, ari naho Irani nayo yaca yihora mu gukora ibitero vyo mu kirere kuri Israel.

Mu gihe c'iyi ntambara na Israel yamaze imisi 12, Khamenei yabonetse incuro zitatu ku mboneshakure mu butumwa yashikiriza hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo, ivyatumye abantu biyumvira ko yari yinyegeje mu nzu yo mu kuzimu (bunker).

Ejo ku wa gatandatu, inyeguruka rya Khamenei ni ryo ryari ryiganziye amakuru yatangazwa n'ibinyamakuru vyo muri Irani, aho amashusho yerekana abanyagihugu banezerewe no kumubona ku mboneshakure.

Khamenei aboneka ahindukira abwira umwe mu ndongozi nkuru y'idini Mahmoud Karimi, amuhimiriza "kuririmba ururirimbo rw'igihugu, O Iran". Uru ruririmbo rwerekana ubutwari rwaramamaye cane muri iyi ntambara iheruka na Israel.

Imboneshakure y'igihugu ivuga ko aya mashusho yafatiwe ku musigiti wa Imam Khomeini wo muri Tehran, witiriwe uwatanguje intwaro y'iki gihugu yubakiwe kw'idini rya Isilamu.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Imboneshakure ya Irani yahamagariye abanyagihugu kurungika amavidewo yerekana ingene bakiriye ukwiyerekana ku mugaragaro kwa Khamenei.

Yiyerekanye ku mugaragaro mu gihe iki gihugu ciganjemwo Abasilamu b'aba-Shia bari mu gihe c'ikigandaro c'ukwezi kwa Muharram, gisanzwe citabirwa n'indongozi y'ikirenga.

Umusi mukuru wa Ashura uhimbazwa ku musi ugira 10 w'ukwezi kwa Muharram – uno mwaka uno musi ukaba ugwa ku wa 6 Mukakaro (7) – aho aba-Shia bibuka urupfu rwa Hossein, umwuzukuru w'Intumwa y'Imana Muhammad.

Ku wa 26 Ruheshi, mu butumwa bwafashwe kuri videwo bugacishwa ku mboneshakure y'igihugu, Khamenei yavuze ko Irani idashobora kumanika amaboko imbere ya Israel nk'uko Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabisaba.

Amerika yahavuye yinjira muri iyo ntambara mu gukora ibitero ku bigo vya nikleyeri vya Irani ku wa 22 Ruheshi.

Indege 125 z'igisirikare ca Amerika ni zo zagize uruhara muri iki gitero cakozwe ku bigo bitatu vya nikleyeri: Fordo, Natanz na Isfahan.

Irani ivuga ko abantu barenga 900 ari bo baguye muri iyi ntambara yamaze imisi 12.