Umugambi wa nikleyeri wa Irani utesheje umutwe Amerika ni nyabaki?

ikigo ca nikleyeri c'ahitwa Bushehr, hanze gato y'igisagara ca Bushehr muri Iran cafotowe muri Gitugutu (10) 2010.

Ahavuye isanamu, AP

    • Umwanditsi, Raffi Berg
    • Igikorwa, BBC News

Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Irani vyitezwe gutangura ibiganiro vya mbere kuri uyu wa gatandatu inyuma y'imyaka itari mike, mu ntumbero yo gushika ku masezerano mashasha ku mugambi wa nikleyeri wa Irani uteje impari.

Mu kiringo ciwe ca mbere nk'umukuru w'igihugu, Donald Trump yarakuye Amerika mu masezerano yari asanzwe ahari hagati ya Irani n'ibihugu rutura mu 2018, aca asubizaho ibihano mu vy'ubutunzi, ingingo yarakaje Irani.

Trump agabisha ko ashobora gutera Irani ari nka hamwe ibiganiro bitogira ico bishitseko.

Kubera iki Irani itarekuriwe gutunga ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara ?

Irani ivuga ko umugambi wayo wa nikleyeri ufise intumbero za gisivire gusa.

Ishimangira ko itariko irarondera guhingura ibirwanisho vya nikleyeri/ ruhonyanganda vy'ubumara, ariko ibihugu bitari bike – hamwe kandi n'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gukurikirana ibijanye n'imigambi ya nikleyeri, rizwi nka International Atomic Energy Agency (IAEA) – ntibiranyurwa.

Amakenga ku ntego za Irani yatanguye igihe iki gihugu caboneka ko gifise ibigo vya nikleyeri vyo mu kinyegero mu 2002.

Ibi vyasambuye amasezerano yo kuzibira ikwirakwira ry'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara yari ahari ico gihe, yari azwi nka Nuclear Non-Proliferation Treaty (NPT), yari yateweko igikumu na Irani hamwe n'ibindi bihugu hafi vyose.

NPT yemerera ibihugu gukoresha ubuhinga bwa nikleyeri mu ntumbero atari iza gisirikare – nko mu bijanye n'ubuvuzi, uburimyi n'umuyagankuba – ariko ntirekura ihingurwa ry'ibirwanisho vya nikleyeri.

Umugambi wa nikleyeri wa Irani uteye ku ntambwe nyabaki?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kuva Amerika yivumbuye mu masezerano yari asanzwe ahari – yari azwi nka Joint Comprehensive Plan of Action, JCPOA mu mpfunyapfunyo – mu 2018, Irani irarenga ku nshingano nyamukuru yari yiyemeje, mu kwihora ku ngingo yo gusubizaho ibihano.

Imaze kwubaka ibihumbi n'ibihumbi vy'ibigo vy'amamashini yo gusukura (centrifuges) mu ntumbero yo kwongereza urugero rw'ubutare bwa uranium, ikintu kibujijwe muri aya masezerano ya JCPOA.

Guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara bisaba urugero rugera kuri 90% rwa uranium itunganijwe. Mu masezerano ya JCPOA, Irani yari yemerewe gusa kugira uranium igera kuri kilogaramu (kg) 300 itunganijwe ku rugero rwa 3,67% - urugero ruhagije kugira haboneke inguvu za nikleyeri mu bikorwa vya gisivire hamwe no mu bikorwa vy'ubushakashatsi, ariko atari uguhingura ibibombe vya nikleyeri.

Ariko gushika muri Ntwarante (3) 2025, IAEA yavuze ko Irani yari itunze 275kg za uranium yari itunganijwe ku rugero rwa 60%. Ibi bisigura ko mu gihe yobandanya igashika ku rugero rwa 90% yoba ifise uranium ikwiye kugira ngo ishobore guhingura ibirwanisho vya nikleyeri vyababa bitandatu.

Abategetsi ba Amerika babona ko mu ndwi imwe gusa Irani ishobora guhindura iyo uranium kugira ngo ishobore guhingurwamwo ikirwanisho ca nikleyeri kimwe. Ariko, bavuga kandi ko ikirwanisho ca nikleyeri "kibayabaye" gishobora guhingurwa mu kiringo c'amezi atandatu canke adashika.

Kubera iki Trump yivumbuye mu masezerano ya nikleyeri yari ahasanzwe?

Ishirahamwe ONU, Amerika n'Ubumwe bwa Bulaya vyarafatiye Irani ibihano vyinshi mu vy'ubutunzi kuva mu 2010, kubera yikekwa ko yariko ikoresha umugambi wayo wa nikleyeri mu guhingura ikibombe ruhonyanganda c'ubumara.

Ibi bihano vyatumye Irani idashobora gushora igitoro ku masoko mpuzamakungu, vyongera bituma amatungo yayo afise agaciro k'imiriyaridi 100 z'amadorari y'Abanyamerika yari ifise hanze afatirwa.

Vyatumye kandi ubutunzi bwayo bugwa mu bibazo, agaciro k'ifaranga ryayo karakoroka ku rugero rutari bwigere rubaho, ivyatumye ibiciro biduga cane.

Mu 2015, Irani n'ibindi bihugu rutura bitandatu – Amerika, Ubushinwa, Ubufaransa, Uburusiya, Ubudagi n'Ubwongereza – vyarashitse ku masezerano ya JCPOA, inyuma y'ibiganiro vyamaze imyaka itari mike.

Uretse kugabanya ivyo Irani yari yemerewe gukora mu mugambi wayo wa nikleyeri, ano masezerano yatumye IAEA ironka ububasha bwo kwinjira mu bigo vya nikleyeri vya Irani kugira ngo igenzure ibibanza vyari biteye amakenga.

Ku rundi ruhande, ibi bihugu rutura vyemeye gukuraho ibihano vyari vyayifatiye.

Aya masezerano ya JCPOA yategerezwa kubandanya gushika ku myaka 15, aho izi nzitizi zari kuvanwaho.

Uno ni umukozi wo ku kigo ca Isfahan gihingura uranium muri Irani, yafotowe ku wa 3 Ruhuhuma (2) 2007.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Mu 2018, Donald Trump yarakuye Amerika muri aya masezerano, kandi yari inkingi ikomeye y'ayo.

Yavuze ko yari "amasezerano mabi" kubera atari aya burundu, kandi atatorera umuti ikibazo c'umugambi wa Irani wo guhingura ibisasu vya misire biraswa kure (missiles ballistiques), nka kimwe mu bindi bibazo yavuga ko bitari vyatorewe umuti.

Trump yaciye asubizaho ibihano vyari vyafashwe na Amerika nka bumwe mu buryo bwo gutera "igitsure gikwiye" Irani kugira ngo igondozwe maze yinjire mu bindi biganiro vyotuma haba ayandi masezerano mashasha yagutse.

Ingingo ya Trump yatewe n'uko hari ibihugu vy'incuti za Amerika vyo mu karere k'Ubuseruko bwo Hagati bitari bishigikiye aya masezerano, cane cane Israel.

Israel yavuga ko Irani yari ikibandanya n'umugambi wayo wa nikleyeri mu kinyegero, ikaba yagabisha ko Irani yari gushobora gukoresha amamiriyaridi n'amamiriyaridi y'amadorari yari kwegeranya muri ico kiringo yari yatezuriwe ibihano kugira ngo itsimbataze ibikorwa vyayo vya gisirikare.

None Amerika na Israel bishaka iki muri kino gihe?

Itangazo rya Trump ku biganiro na Irani risa n'iryatangaje Israel. Yari amaze igihe kirekire avuga ko azogira amasezerano "meza" gusumba aya JCPOA, nubwo gushika ubu Irani yanka gusubira kuganira kuri ayo masezerano.

Imbere y'aha, Trump yarigeze kugabisha ko, ari nka hamwe Irani itokwemera ayandi masezerano, "ishobora gucucagirwa amabombe".

Umuhanuzi wiwe mu vy'umutekano w'igihugu Mike Waltz avuga ko Trump ashaka ko Irani ihagarika "umugambi wayo wose" wa nikleyeri, akongerako ati: "Ivyo birimwo ugutunganya uranium, uguhingura ibirwanisho, hamwe n'umugambi wo guhingura ibisasu vya misire biraswa kure."

Nubwo Trump avuga ko hashobora kuba "ibiganiro bitaziguye", umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire, Abbas Araghchi, avuga ko ibi biganiro bizobera muri Omani bitazoba mu buryo butaziguye.

Avuga ko Irani yiteguye kuganira na Amerika, ariko Trump agategerezwa kubanza kwemera ko ata "nguvu za gisirikare" zizokoreshwa.

Perezida Donald Trump (i bubamfu) wa Amerika yarandikiye indongozi y'ikirenga wa (ya) Irani Ali Khamenei (i buryo) muri Ntwarante asigura ibijanye n'amasezerano mashasha.

Ahavuye isanamu, Reuters / Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Donald Trump (i bubamfu) wa Amerika yarandikiye indongozi y'ikirenga ya Irani Ali Khamenei (i buryo) muri Ntwarante asigura ibijanye n'amasezerano mashasha

Inyuma y'ivyatangajwe na Trump, umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yavuze ko amasezerano yonyene ashobora kwemerwa ari ayotegeka Irani kwemera guhagarika umugambi wayo wose wa nikleyeri.

Avuga ko ibi bisigura ngo: "Turinjira, dusenyure ibigo twongere dusambure ibikoresho vyose, tubikore duhagarikiwe na Amerika."

Ubwoba bukomeye bwa Israel ni uko Trump yohava arondera ico yerekana ko ari intsinzi yiwe ya diporomasi, bigatuma ashika ku masezerano adategeka Irani kumanika amaboko igaheba umugambi wayo wose wa nikleyeri.

Israel ifatwa ko itunze ibirwanisho vya nikleyeri, ikintu itemera canke ngo ihakane, mu gihe itateye igikumu ku masezerano ya NPT.

Ibona ko ari nka hamwe Irani, igihugu kitemera ko Israel ibaho nk'igihugu, yoramuka itunze ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara, koba ari akaga ku kubaho kw'iki gihugu gihanganye n'ibihugu vy'Abarabu bitari bike mu Buseruko bwo Hagati.

None Amerika na Israel birashobora gutera Irani?

Amerika na Israel, vyompi birafise ubushobozi bwo gucucagira ibibombe ku bigo vya nikleyeri vya Irani, ariko ni igitero kigoye kandi gishobora guteza akaga, gishobora no kugira ingaruka zitazwi neza.

Ibigo nyamukuru vya nikleyeri vyubatswe kure cane mu kuzimu, ibi bigasigura ko ibibombe vyonyene vyoshobora kubishikira vyoba ari ibibombe bikomeye cane bishobora gusambura ibigo vyo mu kuzimu. Mu gihe bizwi ko Amerika itunze ibi bibombe, ntibizwi nimba Israel nayo ibitunze.

Nta nkeka ko Irani nayo ishobora kwivuna, aha hakaba harimwo ibitero yokora ku matungo ya Amerika mu karere, no kurasa ibisasu vya misire muri Israel.

Kugira ngo igitero nk'iki gishoboke, bishobora kuba ngombwa ko Amerika ikoresha ibigo vyayo biri mu Kigobe c'Abarabu, hamwe kandi n'amato yikorera indege z'intambara.

Ariko ibihugu nka Qatar irimwo ikigo ca mbere kinini c'igisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere muri ako karere, birashobora kutemera kuyifasha gutera Irani, bitinya ko nayo yokwihora.