Amerika yateye bombe ku bibanza vya nikreyere muri Iran

Trump ari muri 'Situation room'

Ahavuye isanamu, THE WHITE HOUSE

Amerika yeteye ibibanza bihungurirwamwo nikreyere muri Iran ikoresheje indege zo mu bwoko bwa B-2.

Prezida wa Amerika Donald Trump avuga ko ico gihugu cagize ibitero mu bibanza bitatu nihingurirwamwo nikreyere muri Iran, harimwo Fordo, Natanz na Esfahan.

Fordo 'ntikibaho', ni ko Trump yanditse mu butumwa bwiwe yashize ku rubuga ngurukanabumenyi rw'iperereza.

"Turahejeje ibitero vyacu vyashitse kuvyo vyarondera ku bibanza bitatu vya nikreyere muri Iran, harimwo Fordo, Natanz na Esfahan. Indege zakoze ivyo bitero ubu zamaze kuva mu kirere ca Iran", ni ko yanditse ku rubuga rwa Truth Social.

Trump yongeyeko ko "amabombe akwiye" yatewe i Fordo kandi indege zose ziriko ziragaruka muri Amerika.

Indege z'intambara za B-2, ari zo zonyene zifise ubushobozi bwo gutwara amabombe ashobora kurasa ikibanza gihingurirwamwo nikreyere muri Iran musi y'ubutaka, vyavugwa ko vyavugwa ko zimuriwe mw'izinga rya Amerika rya Guam, bituma haba urukurukuru ko izo ndege zishobora gukoreshwa mu bitero vya Amerika kuri Iran.

Ubutumwa bwa Trump kuri Iran - Emera kuganira canke mwitege ibindi bitero

Ubutumwa bwa Trump ku butegetsi bwa Iran bwari bugufi, bworoshe kandi butaziguye: Nimuze ku meza y'ibiganiro, canke haze ibindi bitero.

"Mu gihe ivyo batobikora, ibitero bizokurikira bizoba bikomeye gusumba," ni ko yavuze. "Kandi biroroshe."

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu gihe hariko harategurwa ivyo bitero, Trump yarasubiyemwo rimwe na rimwe - ata guca iruhande - ko ashaka ko ibiganiro bibandanya.

N'ubu inzira y'ibiganiro avuga ko yuguruye, ariko ubutegetsi bwa Iran bukaba buri ku gitsure co gusubira guterwa.

"Hashobora kuba amahoro, canke habe akaga gakomeye kuri Iran nk'uko turiko turabibona muri iyi misi umunani iheze," ni ko yavuze.

Trump ntiyavugiye ku mugaragaro ugushobora guhindura ubutegetsi muri Iran. Mu kibanza c'ivyo, yavuze ko Amerika yemera ko igikorwa ico gihugu cakoze carangiye. Ariko ni mu gihe - mu gihe gusa - Iran yokwitaba ibiganiro.

Amerika yarimuye ibikoresho vyinshi vya gisirikare vyari muri ako karere, ibibonwa ko, nk'uko Trump avyemeza, Amerika yiteguriye gufata ingingo zihuta cane mu gihe abishatse.

Umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire yashimagije cane prezida wa Amerika Donald Trump.

Gideon Sa'ar yavuze ko Trump yanditse izina ryiwe mu ndome z'inzahabu mu bitabo vya kahise, ashimagize "ingingo y'ubutwari" yo gukora ivyo bitero, nk'uko yavyanditse ku rubuga rwiwe rwa X.

Iran iragabisha ku 'ngaruka z'igihe kirekire'

Seyed Abbas Araghchi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Araghchi yongeyeko ko Amerika "yarenze ku mategeko" y'ishirahamwe mpuzamakungu Onu nk'igihugu kigize akanama ka k'iryo shirahamwe kajejwe umutekano kw'isi.

Umushikiranganji w'imigenderanire ya Iran n'amakungu, Seyed Abbas Araghchi yeteye ivyatsi ivyo bitero vya Amerika, avuga ko "bibabaje" yongerako mko Iran ifise "uburyo bwose bwo kugwanira ubwigenge bwayo".

"Ivyabaye mu gitondo uyu musi birababaje kandi bizogira ingaruka z'igihe kirekire. Ni ngombwa ko buri gihugu kiri mu bigize ishirahamwe mpuzamakuru camirira kure iyi nyifato mbi cane, itisunze itegeko na rimwe kandi y'ubugizi bwa nabi," ni ko yanditse ku rubuga X.

Araghchi yongeyeko ko Amerika "yarenze ku mategeko" y'ishirahamwe mpuzamakungu Onu nk'igihugu kigize akanama ka k'iryo shirahamwe kajejwe umutekano kw'isi.

Ibitero vyo kwihora

Misire ya Iran itumberejwe muri Israel

Ahavuye isanamu, Reuters

Abantu 16 ni bo bakomerekeye mu bitero Iran yagize muri Israel nk'uko bimenyeshwa n'abajejwe gutabara vyihuta.

Iran yagize ibitero mu bibanza vyinshi muri Israel harimwo ikibuga c'indege ca Ben Gurion, nk'uko bitangazwa n'imboneshakure ya Iran.

Abandi bavuga ko mu hatewe harimwo ibibanza vyo gufasha, ibitangirwamwo amategeko ya gisirikare n'igenzurwa hamwe n'ikigo c'ubushakashatsi ku binyabuzima.

Iminyamakuru vya reta bivugako Islamic Revolutionary Guard Corps (IRGC) yamenyesheje ko ivyo bitero vyakozwe hifashishijwe misire zishika kure.