Israel v Irani: Trump ati 'manika amaboko' Khamenei nawe ati 'urugamba ruratanguye'

Ahavuye isanamu, Reuters/Getty Images
Mu gihe Israel na Irani bibandanya biterana ibisasu, Donald Trump n'indongozi y'ikirenga ya Irani, Ayatollah Ali Khamenei, bateranye amajambo ku mbuga hwaniro.
Ng'ibi bimwe mu vyo babwiranye mu masaha 24 aheze.
Ejo ku wa kabiri, Trump yaciye ku rubuga rwiwe Truth Social avuga ko ubu bagenzura "ikirere cose ca Irani".
Yabandanije agabisha Khamenei ati: "Turazi neza aho uyu bita 'Indongozi y'Ikirenga' yinyegeje. Biroroshe kumutora, ariko aho ari aratuje – ubu nibura ntawe turiko turarondera".
Ashimangira ko "ukwihangana kugenda kugabanuka", Trump yamugabishije ubwa nyuma: "KUMANIKA AMABOKO ATA GISABWE!"
Nta kimenyetso na kimwe cerekana ko ibi vyoba bigiye gushika.
Ku ruhande rwiwe, mu rukurikirane rw'ubutumwa ku rubuga rwa X, ku makonte yiwe mu ndimi zitandukanye, Khamenei yavuze ati Irani "ntizokwigera na rimwe yemera kumvikana n'Abanyasiyoni".
"Nta kigongwe tuzokwigera twumvira aba Banyasiyoni", niko bumwe mu butumwa buvuga. Mu bundi butumwa butandukanye n'ubwo, yagize ati "urugamba ruratanguye".
Ni mu gihe kuri uno musi ugize gatandatu kuva intambara itanguye, Israel yakoze ibindi bitero kuri Irani, Irani nayo ikishura mu kurasa ibisasu vya misire kuri Israel.
Mu bucagucagu, humvikanye ibiturika ku mugwa mukuru wa Irani Tehran.
Amakuru avuga ko ibitero vya Israel vyaguye ku ruganda rukomeye ruhingura ibisasu vya misire hamwe no kw'ishure rifitaniye isano n'ishami rya gisirikare rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (IRGC).
Amasaha make imbere y'aha, igisirikare ca Israel cari casavye abanyagihugu baba mu karere ka District 18 ko ku mugwa mukuru Tehran ko bakura meza, aha hakaba harimwo ababa mu mazu ya gisirikare hamwe no mu burere burimwo amazu y'uburaro.
Muri Israel naho, inzamba zo kugabisha ibitero vyo mu kirere zasamiranye incuro zibiri, mu gihe Irani ivuga ko yarashe igisasu cayo co mu bwoko bwa Fattah-1, kinyaruka gusumba ijwi, gusa ntibiramenyekana nimba hari abapfuye canke bakomeretse.
IRGC ni yo ivuga ko yarashe iki gisasu ku gisagara ca Tel Aviv muri Israel, mw'ijoro ryakeye.
Mu gitero ca Irani co ku wa 1 Gitugutu (10) 2024 kuri Israel, ibisasu bitari bike vyo muri ubu bwoko vyararashwe kuri Israel. Ariko biboneka ko ari bwo bwa mbere hakoreshejwe iki gisasu ca Fattah muri iyi ntambara y'ubu.
Iki gisasu ca misire co mu bwoko bwa Fattah cashizwe ahabona ubwa mbere mu 2023 kandi indongozi y'ikirenga wa Irani, Ali Khamenei, we nyene ubwiwe ni we yacihereye izina.
IRGC yacise "igisasu kije gukubita Israel", hanyuma umusi cashirwa ahabona, ku mugwa mukuru Tehran hamanitswe icapa kinini gifise amajambo yo mu gihebureyi avuga ngo: "imisegonda 400 gushika i Tel Aviv".
Ikimenyeshamakuru Press TV gisubiramwo ibivugwa na IRGC ko iki ari "igihe gikomeye", ivuga ko iraswa ry'ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Fattah ari "intango y'iherezo" ry'ubuhinga "buhayagizwa cane" bwa Israel bwo kwivuna ibisasu vya misire.
Trump ariko 'araba ko yokwinjira' mu ntambara ariko abo bari kumwe ntibavyemera bose - CBS
Ni mu gihe ejo ku wa kabiri Trump yagiranye inama muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) n'abajenama biwe mu vyo umutekano ku bijanye n'iyi ntambara ya Israel na Irani.
Ariko araba ingene yokwinjira mu bitero vya Israel ku bigo vya nikleyeri vya Irani, niko amasoko atanu azi ivy'iki kibazo yabibwiye ikimenyeshamakuru CBS gikorana na BBC muri Amerika.
Iki kibazo cari mu vyategerezwa kwigwa muri iyo nama. Aya masoko ya CBS avuga ko abajenama ba hafi cane ba Trump batarashobora kuvyumvikanako.
Ni mu gihe kandi na bamwe mu bahinga bafise ubwoba bwo kubona Amerika yinjiye muri iyi ntambara.
Dr Dara Conduit, umushakashatsi akongera akaba n'umwigisha kuri kaminuza ya Melbourne muri Australia, yavugiye ku muhora wa BBC News ko ivyo kwinjira muri iyi ntambara ari "iciyumviro giteye ubwoba".
Ukwinjira muri iyo ntambara kwa Amerika "kwotuma Irani ihindura ukungene iriko irarwana ino ntambara", niko Conduit avuga.
"Vyotuma ivy'uko Irani yokwisubirako bipfa", niko avuga, akongerako y'uko bishobora kuba ngombwa ko Irani ikora ibitero ku matungo ya Amerika mu Buseruko bwo Hagati.
Eka na Michael Oren yahoze aserukira Israel muri Amerika avuga ko afise ubwoba ko Irani ishobora gukwegera Washington (ubutegetsi bwa Amerika) muri iyi ntambara mu gukora igitero ku bwato bwa Amerika canke ku kigo cayo.
Oren avuga ko muri Maison Blanche hari bamwe badakeneye kubona Amerika yinjira mu yindi ntambara mu Buseruko bwo Hagati.
Yabwiye ikiganiro Today ca Radio 4 ko Irani yibaza y'uko ari nka hamwe yotera Amerika vyotuma "Trump aterwa igitsure muri Maison blanche, hanyuma Perezida Trump na we agatera igitsure Israel" hanyuma ikaja mu biganiro kugira ngo intambara ihagarare.
"Uku niko abanya-Irani bashobora kuba biyumvira", niko Oren avuga. "Ni bwo bwoba mfise".
Oren avuga ko Israel ikeneye kubandanya ibitero vyayo, akongerako ko ubu atari co gihe co guhagarika intambara, nk'uko bamwe muri Amerika babivuga.
"Kubera iki hoba umuntu ashaka ko duhagarika? Kubera iki hoba umuntu atipfuza kubona Irani icubijwe biboneka?"
Iran ivuga ko yatewe, kandi ko ifise uburenganzira bwose bwo kwivuna.
Ari nka hamwe Abanyamerika bofata ingingo yo kwinjira mu ntambara mu buryo butaziguye, hari ubwoba ko bishobora gutuma iba intambara y'akarere kose, Irani ikaba imaze kugabisha ko ishobora gukora ibitero ku matungo ya Amerika mu karere, mbere n'imihari ikoreshwa na Irani muri ako karere, harimwo iyo muri Iraki na Yemen, na yo ikinjiramwo.













