Irani yerekanye ko ishobora kwivuna bikomeye, Netanyahu we arondera ko ubutegetsi bwayo busenyuka

Insiguro ya video, Raba igihe Tel Aviv yaterwa ibisasu vya misire

Inyuma y'umupfunda w'ibisasu vya misire vyarashwe na Israel ku bigo vya nikleyeri n'ivya misire muri Irani ku musi w'ejo ku wa gatanu, Irani nayo yarekuriye kuri Israel za ndege zitagira abadereva (drone) n'ibisasu vya misire biraswa kure, ivya mbere vyarashwe mu gatondo Israel ikavuga ko yabisamiye mu kirere.

Ariko mu masaha yitereye yo ku mugoroba -mu gihe inzamba zo kugabisha zariko zisamirana mu gihugu – ibirere vya Yeruzalemu n'izindi ntara vyaruzuye ibishirira kubera ibisasu vya misire Irani yariko irarasa muri Israel.

Mu gisagara ca Tel Aviv, habonetse umwotsi mwinshi humvikana n'ibiturika, bikaba vyabaye ngombwa ko abanyagihugu binyegeza nk'uko bari babitegetswe.

Iran yaraye yerekanya ko – nubwo inguvu zagabanutse ugereranije n'umwaka umwe canke ibiri iheze – ko ifise ubushobozi bwo kwihora kuri iki gitero ca Israel kitari bwigere kibaho.

Abantu barenga 20 ni bo baraye bakomerekeye muri iki gitero ca misire ca Irani, nk'uko bivugwa n'ikigo c'ubutabazi ca Israel, Magen David Adom (MDA).

Imbere y'ubucagucagu kandi, hasubiye kwumvikana inzamba zo kugabisha, amamiriyoni n'amamiriyoni y'abanyagihugu ba Israel bacanacanako mu bibanza vyo kwinyegeza, mu gihe Irani yari irekuye uwundi mupfunda w'ibisasu vya misire.

Humvikanye urwamo rw'ibisasu vyariko bisamburirwa mu kirere, ariko kandi n'ibiturika bikumvikana, ibi bikerekana ko hari ivyashoboye guca mu myanya y'intoke.

Imbuga hwaniro zerekanya amasanamu y'inyubakwa y'uburaro hagati muri Israel yononekaye cane kubera igitero ca misire.

MDA ivuga ko abantu babiri bishwe muri iki gitero.

Abajejwe ubutabazi ba Israel ahabereye igitero c'igisasu ca misire kiraswa kure kikabomora amazu amwe amwe y'uburaro

Ahavuye isanamu, ABIR SULTAN/EPA-EFE/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Abajejwe ubutabazi ba Israel ahabereye igitero c'igisasu ca misire kiraswa kure kikabomora amazu amwe amwe y'uburaro

Ibihomoka biranyanyagiye mw'ibarabara, bikikuje imiduga yamenaguritse hafi y'ikiboneka nk'inzu yasenyutse igice. Amakuru ya mbere avuga ko hari abahababariye.

Ku ruhande rwaco, igisirikare ca Israel, Israel Defense Forces (IDF), kivuga ko kibandanya n'ibitero vyo mu kirere ku bibanza vya Irani.

Mu butumwa buto yacishije ku rubuga rwa Telegram buriko na videwo yerekana ibi bitero vyo mu kirere, IDF ivuga ko "[igisirikare ca Israel kirwanira mu kirere] kibandanya gutera ibibanza mu ntumbero yo gutuza iterabwoba ryova muri Irani".

IDF ivuga kandi ko igisirikare ca Israel kirwanira mu kirere cakoroye indege zitajamwo abadereva zitari nke mu turere twa Judea n'ikiyaga (mer) Morte.

Umutegetsi w'ikirenga wa Irani, Ali Hosseini Khamenei, ararahira akarengwa ko Israel izokwishura iki gitero cayo mu buryo bukomeye.

Israel irondera ko ubutegetsi bwa Irani busenyuka

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uretse intumbero Israel itangaza yo gusenyura ico yita iterabwoba rigeramiye ukubaho kwayo mu gusambura ubushobozi bwa Irani bwo guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara biciye mu bitero vyayo vyo ku wa gatanu, Benjamin Netanyahu afise intumbero yagutse kuruta - guhindura intwaro i Tehran.

Hano, yizeye ko ibi bitero bitari bwigere bibaho bishobora gutanguza uruhererekane rw'ibikorwa bishobora gutuma haduka imigumuko yo gusenyura ubutegetsi bw'iki gihugu c'ubutegetsi bwa Kisilamu.

Mw'itangazo yasohoye ku mugoroba w'ejo ku wa gatanu, yavuze ko "Hageze ko abanyagihugu ba Irani baja hamwe, mukarwanira ubwigenge bwanyu mu kwikurako iyi ntwaro mbi y'agacinyizo".

Abanyagihugu benshi ba Irani ntibishimiye ukungene ubutunzi bwifashe, batagira ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro vyabo, uburenganzira bw'abagore bugahonyangwa, co kimwe n'ubw'inkehwa.

Iki gitero ca Israel kirabangamiye koko ubutegetsi bwa Irani.

Ibi bitero vya Israel vyaguyemwo umukuru w'ishami rya gisirikare rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu bwa Irani (Iranian Revolutionary Guard Corps, IRGC), umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare, hamwe n'inzindi ntwazangabo nkuru nkuru nyinshi za IRGC, kandi iki gitero ca Israel ntikirahagarara.

Hampande y'aba bategetsi bakuru ba gisirikare bishwe, ikigo ca Natanz gitunganya ubutare bwa uranium hamwe n'ikigo ca nikleyeri ca Isfahan vyarakubiswe, hicwa kandi n'abahinga b'ivya nikleyeri bababa 60.

Ku muhingamo w'ejo ku wa gatanu, Irani yarihoye, aho iri shami rya gisirikare IRGC ryatangaje ko ryakoze ibitero "ku bigo bitari bike vya gisirikare n'ivy'ingabo zirwanira mu kirere".

Ibintu vyaciye vyunyuka ubwo nyene inyuma y'ibi bitero vy'ibisasu vya misire vya Irani vyo kwihora, aho Netanyahu yagize ati "Akataraza kari mu nyuma".

"Ubutegetsi ntibuzi ikiriko kirabutera, n'ikizobutera".

Israel ishobora gutera abandi bategetsi ba Irani.

Netanyahu ashobora kuba ariko araharura ko ibi bitero n'igandagurwa ry'aba bategetsi bishobora guhungabanya ubutegetsi kandi bikugurura inzira y'imigumuko y'abanyagihugu.

Ibi ni vyo yizeye ubu, nta kintu na kimwe cerekana ko ibi bishoboka canke aho bishobora kuganisha. Ahubwo ni ukwigerezako kudasanzwe, gushobora kugenda neza canke nabi.

Abafise ububasha bwinshi muri Irani ni abantu bagenzura ingabo n'ubutunzi, kandi ubutegetsi bwinshi buri mu maboko y'abategetsi ba IRGC n'izindi nzego zimwe zimwe zitatowe.

Ntibakeneye gutegura itembagazwa ry'ubutegetsi kuko basanzwe ari bo babufise, ahubwo bashobora gutwara Irani mu nzira y'intambara gusumba.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yari amaze imyaka itari mike yipfuza iki gitero ku wo abona ko ari umwansi rutura, atari uwa Israel gusa, ahubwo w'isi yose.