Iran ntirota yitaba ibiganiro vya Nikreyere ibitero bidahagaze

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Rachel Muller-Heyndyk
- Igikorwa, BBC News
Iran yavuze ko itazosubira mu biganiro vyerekeye umugambi wa nikreyere mu gihe iriko iraterwa, inyuma y'amasaha make umushikirangani wa Israel ajejwe kwivuna abansi agabishije ko hagikuba intambara "ndende" n'ico gihugu kigendera ku matwara ya Islam.
Umushikiranganji w'imigenderanire Abbas Araghchi yarabonanye n'abaserukira ibihugu vya Buraya i Geneve aho bamusavye bashimitse gusubira kugira utwigoro two kuganira na Reta zunze Ubumwe za Amerika ibijanye n'umugambi w'ico gihugu wa nikreyere.
Mugenzi we wa Israel, Eyal Zamir, yashikirije ijambo kuri video avuga ko igihugu ciwe cokwitegura "ku ntambara ndende" yongera agabisha ko "hagiye kuba ibihe bigoye mu misi iri imbere".
Intambara zabandanije mw'ijoro aho igisirikare ca Israel camenyesheje ko cakoze ibindi bitero ku bubiko bwa misire muri Iran inyuma y'aho ico gihugu na co gitereye misire hagati mu gihugu ca Israel.
Ibiturika vyumvikanye hagufi y'igisagara ca Israel, Tel Aviv. Inkuru zivuga ko igorofa yahiye hagati mu gihugu ca Israel bivuye ku bisigarira vy'ibisasu.
Ibinyamakuru vya reta ya Israel bivuga ko ibitero kandi vyatumbereye ahari ikigo ca nikreyere mu gisagara ca Isfahan.
Araghchi yavuze ko Iran yiteguriye gusubira mu biganiro mu gihe gusa "ibitero" vya Israel bihagaze.
Yitezwe kwitaba ibiganiro vyerekeye iyo ntambara i Istanbul bizobahuza n'abaserukira ishirahamwe ry'ibihugu vy'abarabu muri iyi mpera y'indwi.
Avuga ashimitse ko, umugambi wa nikreyere wa Iran ari uwo amahoro, kandi ko ibitero vya Israel bihonyanga amategeko mpuzamakungu. Yongeyeko ko, Iran izobandanya "gukoresha uburenganzira bwayo mu kwivuna".
Yagize ati:"Ndabivuge ntaciye ku ruhande ko ubushobozi bwa Iran bwo kwivuna budashobora kuganirwako."
Uwuserukira Israel muri Onu yagirije Iran kugira "umugambi wa geniside" ko rero babageramiye, yongerako ko Israel itazohagarika gutera ku nyubakwa za nikreyere gushika igihe "zisambuwe".
Mu kiganiro n'ikinyamakuru co mu Budagi Bild, casohotse kuri uyu wa gatandatu, umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire, Gideon Saar, yavuze ko Israel imaze gusubiza inyuma intambwe umugambi wa nikreyere wa Iran wari uteyeko gushika n'imiburiburi ku myaka ibiri.
Yongeyeko ko ibitero bibandanya.

Ahavuye isanamu, Reuters
Prezida wa Amerika Donald Trump avuga ko Iran "igihe ntarengwa" c'indwi zibiri kugira ntihabe ibitero vyo mu kirere vya Amerika, avuga ko ashobora gufata ingingo imbere y'uko iyo misi 14 yihaye ku musi wa kane irangira.
Trump yabwiye abamenyeshamakuru ati:"Ndabahaye igihe kandi novuga ko indwi zibiri zoba ari ikiringo ntarengwa."
Ico atumbereye, nk'uko yabivuze, "n'ukuraba nimba abantu basubiza agatima mpembero".
Prezida wa Amerika yamiriye kure kandi ibiganiro vyabaye hagati ya Araghchi n'abashikiranganji b'imigenderanire b'ibihugu vy'Ubwongereza, France, Ubudagi n'ishirahamwe ry'Ubumbwe bwa Buraya, EU/UE.
Trump yagize ati:"Iran ntikeneye kuganira n'Uburayi. Bakeneye kuganira natwe. Uburaya ntibuzoshobora kugira ico bufashije muri ibi."
Umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire, David Lammy, yavuze ko Amerika "yatanze akanta gato" ko gutorera ibibazo vyo mu burasirazuba bwo hagati "ziteye akaga kandi zikomeye cane."
Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire, Jean-Noel Barrot yavuze ko abo bashikiranganji basavye umushikiranganji wa Iran "gusubira mu biganiro n'impande zose, harimwo na Amerika, batarinze kurindira ko ibitero bihagarara".
Barrot yongeyeko ko hadashobora kubaho "inyishu iramye iciye mu nguvu za gisirikare ku kibazo c'umugambi wa Iran wa nikreyere" kandi anagabisha ko ari bibi gusumba "gushaka guhindura ubutegetsi" muri Iran.
Israel kandi yasubiriye guterwa na Iran ku musi wa gatanu aho igisirikare c'ico gihugu kivuga ko misire 20 ari zo zatumberejwe ku nyubakwa ya Haifa.
Umugore umwe w'umunya Israel yapfuye azize ingwara y'umutima, ashikana igitigiri c'abanye Israel bamaze gupfa ku 25 kuva iyo nambara itangura.
Ingabo za Israel zivuga ko zateye ahabikwa izo misire hamwe n'utundi duce two mu burengero bwa Iran.
Mu mpera z'iyinga, Israel yarasambuye inyubakwa za gisirikare hamwe n'ibigwanisho, inica abategetsi bakuru mu gisirikare hamwe n'ahinga muvya nikreyere.
Mu musi w'Imana, umushikiranganji wa Iran ajejwe amagara y'abantu yavuze ko n'imiburiburi abantu 224 bamaze kwicwa, mu gihe umugwi uharanira agateka ka zina muntu uvuga ko abamaze gupfa bashikanye igitigiri ca 657 ku musi wa gatanu.
Iran yarateye misire nyinshi muri Idrael mu kwihimura kuri ivyo bitero vyo mu kirere.













