Fordo: Menya kino kigo ca nikleyeri ca Irani 'gishobora gusamburwa n'igisasu ca Amerika gusa'

Mu misozi ya kure cane iri mu bumanuko bw'umugwa mukuru, Tehran, hanyegejeyo ikigo kidasanzwe ca nikleyeri ca Irani gisukura uranium – ikigo Israel iriko irondera gusambura.
Israel ishobora kuba yarashoboye kwiganza mu kirere ca Irani, ariko ikigo ca nikleyeri c'ahitwa Fordo – kizwi ko kiri kure cane mu kuzimu gusumba umuhora wo mu kuzimu uhuza Ubwongereza n'Ubufaransa - ibirwanisho vya Israel vyarananiwe no kugishikira.
Amerika yonyene ni yo izwi ko ifise igisasu rutura gishobora gusambura Fordo, ibishobora guhindura bikomeye intambara yo mu buseruko bwo hagati ari nka hamwe Trump yoramuka afashe ingingo yo kukirekura.
Turabire hamwe iki kigo co mu kinyegero Irani ivuga ko gifise intego ya gisivire ariko Israel nayo ikavuga ko kigeramiye ukubaho kwayo.
Ikigo ca Fordo gisukura uranium ni nyabaki?

Ahavuye isanamu, Laboratoire
Iki kigo kiri ku birometero vyababa 96 mu bumanuko bwa Tehran, ni ikigo gitunganya uranium kiri mu karere k'imisozi hafi y'igisagara ca Qom.
Fordo yubatswe hasi cane mu misozi y'urutare igoye kandi yitaruye yo mu buraruko bwa Irani.
Nk'ikigo cubatswe mu buryo bwo kwirinda ibitero vyo mu kirere, amabombe asanzwe ntashobora kugishikira kubera aho giherereye mu kuzimu.
Mu ntango, Fordo rwari uruzitane rw'imigende yo mu kuzimu yakoreshwa n'ishami rya gisirikare ry'ingabo zidasanzwe zijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (Islamic Revolutionary Guard Corps, IRGC), ariko Irani yagiye kwemera ko ifise iki kigo mu 2009 inyuma y'uko ibisata vy'igendereza vy'Uburengero bigishiriye ahabona.
Iki kigo kizwi ko gifise imiyoboro nyamukuru ibiri ifise amamashini (centrifuges) yo gutunganya uranium, hamwe kandi n'uruzitane rw'imigende mitomito.
Kirinzwe n'uruzitiro rufise irembo rimwe ricungerewe cane.
Bivugwa ko hari imigende itandatu yo mu kuzimu yinjira kuri iki kigo mu kuzimu.
Hejuru ku butaka, hari inzu imwe ndende gusa igishigikiye hamwe n'ibarabara rishikana ku kindi kigo co kwifashisha.
None koko Fordo ntishobora gusamburwa?
Ikigo ca Fordo gitesheje umutwe Israel ku buryo budasanzwe kubera inyubakwa zaco ziri kure cane mu kuzimu.
Kugira ngo gishobore gusamburwa, ni uko giterwa igisasu rutura gishobora kwinjira kure cane mu kuzimu.
Bizwi ko Israel ifise ibirwanisho nk'ibi ariko ntibishobora kurenga ku metero cumi.
Ariko Amerika irafise igisasu gishobora kubishikako: igisasu kizwi nka GBU-57 Massive Ordnance Penetrator (MOP), gipima 13.000kg.
Uburemere bw'igikono c'iki gisasu ca MOP bugituma gishobora kumena kikinjira muri beto (béton) gushika ku metero 18, canke gushika ku metero 61 mw'ivu risanzwe imbere y'uko giturika, nk'uko bivugwa n'abahinga b'ikigo Janes c'igendereza rya gisirikare.
Ariko n'aho bokoresha iki gisasu ca MOP, nta cizere kihari ko cosambura iki kigo ca Fordo, kuko imigende yaco bivugwa ko iri hagati y'imetero 80 na 90 musi y'ubutaka.
Aha ni kure cane ugereranije n'ikindi kigo co mu kuzimu ca Irani ca Natanz gisukura uranium, abahinga bavuga ko kiri ku metero zababa 20 musi y'ubutaka.
Israel iramaze gutera iki kigo ca Natanz kandi abahinga bavuga ko "cononekaye cane nimba kitasenyuwe".
Vice-Amiral Mark Mellett yahoze ari umukuru w'ingabo z'igihugu ca Irlande, yabwiye BBC Verify, igisata ca BBC kijejwe gukora amakuru ashingiye ku matohoza yimbitse, ko ubushobozi bw'ibi bisasu bwo gushobora kubomora ikigo nka Fordo buzovana n'ubukomezi bw'imigende yo munsi y'ubutaka.
"[Irani] ishobora kuba izi ubukomezi bw'ubu bwoko bw'ibisasu. Ishobora kuba izi ivyo ikeneye kugira ngo yikingire ibi bisasu. Rero ikibazo ni, ubwo [ikigo ca Fordo] coshikirwa n'igisasu nk'iki?"
Ikimenyetso kimwe cerekana ko Amerika ishobora kuba iriko iritegurira gukoresha MOP kuri Irani, ni irungikwa ry'indege zayo rwihishwa B-2 zitera ibisasu i Diego Garcia, ikigo c'ingabo zirwanira mu kirere kiri ku birometero 3.700 uvuye muri Irani, gusa B-2 ishobora kuyishikira.

Ahavuye isanamu, Reuters
B-2 ni yo ndege y'intambara yonyene ya Amerika ishobora kwikorera ibi bibombe vya MOP vy'imetero 6.2.
B-2 zitandatu zabonetse ku kigo ca Diego Garcia mu ntango z'ukwa kane, ariko ntibizwi neza nimba hari izikiriyo kuko zitaboneka mu mashusho y'ibigendajuru ya vuba.
Mareshari Greg Bagwell - yahoze ari icegera c'uwujejwe ibikorwa vy'igisirikare c'Ubwongereza kirwanira mu kirere - yabwiye BBC Verify ko B-2 zokworoherwa mu bitero vyazo mu gihe zoba zivuye i Diego Garcia gusumba kure cane igihe zoba zivuye ku bigo vyazo muri Amerika.
Ariko yongerako ati: "Aha si ukuvuga ko vyoba ibitero vy'igihe kirekire kuri ibi bigo biri mu myobo. Bishobora gufata nka kimwe canke bibiri gusa kugira ngo zishike ku ntego yazo".
None Amerika izokwinjira muri iyi ntambara?
Amerika isanzwe ifasha mu gukorora ibisasu vya misire birashwe na Irani kuri Israel mu kwihora, ivuga ko nta ruhara rutaziguye iragira mu gitero na kimwe kuri Irani.
Ariko umwihwezo wa BBC Verify werekana ko Amerika ifise kuba iriko yitegura kugira uruhara runini muri iyi ntambara.
Mu misi mike iheze, indege 30 za gisirikare zarimuwe ku bigo vyazo muri Amerika zirungikwa i Bulaya.
Nyinshi muri izi ni izo mu bwoko bwa KC-135 zikoreshwa mu gutanga igitoro ku ndege ziri mu kirere zirasa zikongera zigatera amabombe.
Justin Bronk, umuhinga mukuru ku kigo c'abahinga Royal United Services Institute, avuga ko irungikwa ry'izi ndege "ryerekana cane" ko Amerika iri mu nteguro zihutirwa zo "gushigikira intambara z'urutavanako" mu ndwi ziri imbere.
Mw'ijambo yashikirije ku wa gatanu muri Maison Blanche, Perezida Donald Trump yavuze ko yari acihweza nimba Amerika yokwifatanya na Israel mu bitero kuri Irani, aho yavuze ko ukwihanganira iki gihugu kwamaze kurangira.
"Ndashobora kubikora canke sindabikore. Nshatse kuvuga ko ata wuzi ico ngiye gukora", niko yabwiye abanyamakuru.










