Tanzania: 'Guhungura impunzi z'Abarundi gihutihuti bishobora guteza ibibazo' - MSF

Ahavuye isanamu, UNHCR
Ishirahamwe ry'Abaganga Batagira Imbibe (Médecins Sans Frontières, MSF) rigabisha ko umugambi wo guhungura impunzi z'Abarundi zirenga 50.000 ziri mu makambi mu ntara ya Kigoma iri mu burengero bwa Tanzania ushobora guteza akaga.
Mw'itangazo yaraye isohoye nijoro ku wa mbere, MSF ivuga ko igikorwa co guhungura impunzi gitegerezwa gushira imbere umutekano, amagara meza n'icubahiro, ikaburira ko kwirengagiza ibi bishobora gutuma ubuzima bw'abantu buja mu kaga.
Muri Kigarama (12) 2025, reta ya Tanzania yavuze ko ishobora kwambura impunzi z'Abarundi uburenganzira bwo kwitwa impunzi, mu gihe itegekanya kwugara amakambi y'Abarundi imbere y'ukwezi kwa gatandatu uno mwaka.
MSF, ishirahamwe risanzwe rivura impunzi ziri mw'ikambi ya Nduta kuva mu 2015, ivuga ko impunzi nyinshi ari ba magara make, ko rero ibintu bishobora kuba nabi kuri bo mu gihe zohungurwa gihutihuti canke ntizishigikirwe uko bikwiye.
Muri kino gihe izi mpunzi zibandanya ziterwa igitsure mu kuzihatira guhunguka, MSF ivuga iti: "Impunzi zihanganye n'ukutamenya akari imbere, ubwoba, hamwe n'akaga ko gutakaza uburyo bwabo busanzwe bugoyagoya bwo kuronka ivyo bakeneye nk'ubuvuzi".
Nk'uko bivugwa n'igisata kijejwe impunzi mu bushikiranganji bw'intaro yo hagati muri reta ya Tanzania, impunzi zari muri iki gihugu gushika muri Kigarama 2025 zashika 238,956, harimwo Abarundi 152,019, Abakongomani 86,256 hamwe n'abandi bava mu bindi bihugu bashika 681.
Amashirahamwe ajejwe ubutabazi ntahengeshanya kuvuga ko uguhungura impunzi bitegerezwa gukorwa ku bushake, mu mutekano kandi mu buryo buteguwe neza, hakurikijwe amategeko mpuzamakungu.
MSF ivuga ko amareta ya Tanzania n'Uburundi ataco aravuga kuri izi mburi zayo.
Haraciye indwi zibiri impunzi z'Abarundi ziri mw'ikambi ya Nyarugusu mu karere ka Kasulu zitanguye kubomorerwa amazu, zibwirwa ko zitegerezwa gutahuka nk'uko bamwe mu bavuganye na BBC Gahuzamiryango babivuga. Eka no mw'ikambi ya Nduta iki gikorwa caratanguye.

Mu majambo yagiye abwirwa izi mpunzi, abategetsi ba Tanzania bagiye bazigabisha ko ari nka hamwe zitotahuka ku neza zishobora guhungurwa ku nguvu nk'uko vyagenze ku mpunzi zari mw'ikambi ya Mtabila mu 2012.
Hagati aho, muri Munyonyo (11) 2025 BBC gahuzamiryango yabajije Sudi Mwakibasi arongoye igisata kijejwe impunzi mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati muri Tanzania nimba bazozirukana mu gihe zokwanka gutahuka ku neza.
Yishuye ati: "Gushika ubu, ico turiko turakora ni ukubandanya tubumvisha ko botahuka, ariko ni ngombwa ko bamenya ko iyo igihugu kiguhaye indaro nk'impunzi, ni ngombwa kugishimira, aho gukora ibintu vyotuma haduka ugutanako impfane.
"Ni ngombwa ko impunzi zitahura ibi, zikamenya ko zakirijwe yompi, hanyuma zikerekana ishaka ryo gutahuka iwabo".

BBC Gahuzamiryango yabandanije isaba reta ya Tanzania gutanga insiguro ry'ibiriko biraba muri aya makambi, ariko ntibarashobora kwishura. Ku ruhande rwazo, impunzi ziri muri aya makambi zibona ko ibiriko biraba bifise intumbero yo kuzirukana.
Igihe abategetsi ba Tanzania, ab'Uburundi n'ab'ishami rya ONU rijejwe impunzi kw'isi, HCR bagendera amakambi ya Nyarugusu na Nduta, buramatari w'intara ya Kigoma, Simon Sirro, yateye akamo izi mpunzi ko zovavanura n'agatima ko kuzera inze bagatahuka kugira ngo bafashe kwubaka igihugu cabo.
Ku ruhande rwiwe, Jérémie Kekenwa, umukuru w'Ibiro vy'Ubuserukizi bw'Uburundi (Consul Général) i Kigoma, muri Tanzania, avuga ko ingingo yo guhungura izi mpunzi ikwiriye, akavuga kandi ko muri kino gihe Uburundi ari igihugu c'amahoro kandi gifise umutekano uhagije.
Kuva mu myaka ya 1990, intara ya Kigoma iri mu burengero bwa Tanzania yagiye yakira impunzi nyinshi zahunga indyane zagiye ziba mu Burundi no muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, aho yigeze kuba ifise amakambi ashika cumi.
Ubu hasigaye aya makambi abiri gusa, Nyarugusu iri mu karere ka Kasulu ikaba irimwo Abarundi n'Abakongomani, hamwe na Nduta iri mu karere ka Kibondo ihaye indaro Abarundi bahunze indyane za poritike zadutse mu 2015 mu Burundi.













