HCR ntishigikiye ibomorwa ry'amazu mu makambi y'impunzi z'Abarundi muri Tanzania

Inzu yabomowe

Ahavuye isanamu, Impunzi

Ishami rya ONU rijejwe impunzi kw'isi HCR rishimangira ko ibikorwa vyose vyo gutahukana impunzi bitegerezwa kuba ku bushake, mu mutekano kandi agateka kazo kubahirijwe.

Ishikirije ibi igihe BBC yayibaza ico ivuga ku bikorwa vyo kubomora amazu y'impunzi z'Abarundi ziri mw'ikambi y'i Nyarugusu muri Tanzania bibandanya, mu ntumbero yo kuzihatira guhunguka, nk'uko zozo zibibona.

Kuva mu ntango z'indwi iheze, abo mu nzego z'umutekano za Tanzania bariko barabomora amazu yo ku ruhande rw'impunzi z'Abarundi ziri mw'ikambi ya Nyarugusu. Irimwo impande zibiri, rumwe rw'abakongomani n'urundi rw'abo Barundi.

Reta ya Tanzania ntaco iravuga ku ntego y'ibi bikorwa, mbere n'utwigoro twa BBC two kurondera insiguro yavyo ntaco turashikako.

Abarongoye HCR muri ico gihugu nabo baturungitse ku biro vya HCR ku rwego rw'akarere ka Afrika y'Ubuseruko, Afrika yo hagati n'Ihembe rya Afrika.

Navyo, mw'itangatazo rigufi vyarungikiye BBC Gahuzamiryango bivuga ko HCR ibandanya isaba reta ya Tanzania kubandanya yubahiriza amategeko ngenderwako ajejwe gukingira impunzi hamwe n'ivyo bumvikanye mu nama nyabutatu hagati ya reta ya Tanzania, reta y'Uburundi na HCR no ku rwandiko rusangi rwo ku wa 25 Munyonyo 2025, ruvuga ko "ingingo zose zo guhunguka zitegerezwa gufatwa ku bushake kandi ata gahato".

Itangazo ribandanya riti: "UNHCR yariyemeje kubandanya ikorana na reta kugira ngo ibikorwa vyo guhimiriza impunzi gutahuka biranguke hakurikijwe ibihe vyumvikanyweko kandi hakurikijwe amategeko ngenderwako ajanye no gukingira impunzi kandi agateka kabo kubahirijwe".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

HCR ko idashigikiye uburyo bwose bwo guhatira impunzi gutahuka, harimwo kuzibomorera amazu n'ibindi bikorwa bitabereye.

Hagati aho, mu misi iheze reta ya Tanzania yari yahaye impunzi z'Abarundi ziri mw'ikambi ya Nyarugusu hamwe n'iziri mw'ikambi ya Nduta ikiringo ntarengwa co kuba ziyandikishije kugira ngo zitahuke mu Burundi, atari uko naho hafatwe izindi ngingo.

Ni inyuma y'uko mu ntango za Munyonyo hari hamanitswe intonde muri aya makambi zasaba abari kuri zo bose kuba bamaze gufata ingingo yo kwiyandikisha imbere y'itariki 30 Munyonyo (11) 2025 kugira ngo batahuke mu Burundi.

Ico gihe, Sudi Mwakibasi arongoye igisata kijejwe impunzi mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati ya Tanzania yabwiye BBC Gahuza ko ata mugambi reta yari ifise ko kuzirukana, ko ahubwo hari mu ntumbero yo kuzihimiriza ngo ziyandikishe kugira ngo zihunguke.

Ariko gusa yavuze ko impunzi bizogaragara ko ata mvo n'imwe ihari yo kubandanya zikingiwe n'amategeko mpuzamakungu zizokwakwa uburenganzira bwo kwitwa impunzi hanyuma zisubizwe mu Burundi hakurikijwe urutonde ruzoshingwa.

Abajijwe nimba ata mugambi wo kuzobahungura ku nguvu na rirya hari abaterekwa umugambi wo gusubira mu Burundi, bakaba bafise ubwoba bwo guhungurwa ku nguvu, Mwakibasi ntiyashimye kwemeza ikizokurikira.

Ati: "Sinshimye kugira ico mvuze kuri iki kuko gushika ubu ico dukora, ni ukubandanya tubahimiriza gutahuka, ariko ni ngombwa kumenya ko iyo igihugu catanze ubuhungiro, si vyiza ko haza kwadukamwo impari canke ukwidogeranira.

"Ni vyiza ko impunzi zimenya ko zakirijwe yompi hanyuma zikerekana ishaka ryo gusubira iwabo mu gihe ibintu bimeze neza mu gihugu cabo…ubu imvo zo kubandanya bitwa impunzi ntazikiriho".

Hagati aho, impunzi ziriko zirabomorerwa amazu nta kindi zibona atari inzira yo kuzirukana.

"Mu kuzibomora baza batubwira ngo ni duhunguke tugende iwacu, ngo hariyo amahoro. Badutegeka kwiyandikisha, kandi ngo tuvuge ko twiyandikishije ku bushake.

"Ni ukuvuga urinze uja muri 'departure' [ikigo abahunguka barindiriramwo] ukavuga uti jewe ngiye kubera mumbomoreye inzu, baca bafata i'form' [urupapuro wuzuza] yawe bagaca bayigutera. Bagomba y'uko uvuga uti' jewe niyandikishije ku bushake", niko umwe mu mpunzi iba muri iyo kambi yabwiye BBC gahuzamiryango.

Hagati aho, kubomora amazu y'izi mpunzi birabandanya, aho ababomorerwa bavuga ko basigara mu kangaratete.

Ibiharuro vya UNHCR vyo gushika ku wa 31 Gitugutu 2025, vyerekana ko ikambi ya Nduta irimwo Abarundi bababa 55.800, nayo Nyarugusu ikaba irimwo abababa 10.000.

Reta ya Tanzania itegekanya ko ikambi ya Nduta izokwugarwa mu kwa gatatu kw'uyu mwaka, nayo uruhande rw'impunzi z'Abarundi ziri muri Nyarugusu rukazokwugarwa mu kwa gatandatu.