Ingabo nkeya za Bulaya zashitse muri Groenland mu gihe Trump avuga ko Amerika ikeneye izi zinga

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Paul Kirby
Umurwi mutoya w'ingabo z'Ubufaransa washitse ku mugwa mukuru wa Groenland/Greenland, Nuuk, nk'uko bivugwa n'abategetsi, mu gihe ibihugu bitari bike vya Bulaya biriko birungika ingabo nkenke mu citwa igikorwa ca maneko.
Irungikwa ry'izi ngabo nkenke zirimwo iz'Ubudagi, Suède, Norvège, Finland, Ubuholande n'Ubwongereza, ririko riba mu gihe Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika abandanya ashimangira ko akeneye iri zinga risa n'iryigenga ryo mu karere ka Arctique ryegukira Danemark.
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa avuga ko uno murwi wa mbere w'ingabo zabwo vuba uzokwongererezwa inguvu "zo ku butaka, mu kirere no mu mazi".
Umwe mu bategetsi bakuru b'Ubufaransa mu bushikiranganji bw'imigenderanire Olivier Poivre d'Arvor abona ko irungikwa ry'izi ngabo ari ikimenyetso gikomeye ca poritike: "Iki ni igikorwa ca mbere…tuzokwereka Amerika ko OTAN/NATO ihari".
Poivre d'Arvor avuga ko izi ngabo za mbere z'Ubufaransa zarungitswe muri iryo zinga ari abantu 15, amasaha make inyuma y'uko abashikiranganji bajejwe imigenderanire ba Danemark na Groenland bahuriye i Washington muri Amerika mu mubonano n'icegera c'umukuru w'iki gihugu JD Vance ku wa gatatu.
Inyuma y'uwo mubonano, umushikiranganji wa Danemark ajejwe imigenderanire Lars Løkke Rasmussen yavuze ko bagiriraniye ibiganiro vyubaka, ariko ko hagisigaye "ukutumvikana gukomeye" hagati y'izi mpande zibiri, mu nyuma akaba yaraneguye umugambi wa Trump wo kurondera kugura Greenland.
Hagati aho, Trump abandanya yongereza akariro mu mugambi wiwe wo kwihagira Groenland, aho yabwiye abanyamakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu ciwe (Maison Blanche/White House) ati: "Turakeneye Groenland ku mvu z'umutekano w'igihugu".
Nubwo adashira ku ruhande ikoreshwa ry'inguvu, yavuze mw'ijoro ryo ku wa gatatu ko yibaza ko hari igishobora gukorwa na Danemark.
Ati: "Ingorane ihari ni uko Danemark ata kintu yokora mu gihe Uburusiya canke Ubushinwa vyoshaka kwigarurira Groenland, ariko ibintu vyose dushobora gukora birahari. Mwarabibonye mu ndwi iheze kuri Venezuela".
Nijoro ku wa kane, umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche Karoline Leavitt yabwiye abanyamakuru ko atibaza ko irungikwa ry'izindi ngabo za Bulaya muri Groenland bizogira ingaruka ku mugambi wa Trump kuri iri zinga ry'akarere ka Artique.
Yongeyeko ati: "Eka nta kinini bizohindura ku ntego yiwe yo kuronka Groenland".
Umushikiranganji wa mbere wa Pologne Donald Tusk avuga ko ata mugambi afise wo kwifatanya n'ibihugu vya Bulaya mu kurungika ingabo muri Groenland, ariko akagabisha ko igikorwa ca gisirikare ico ari co cose ca Amerika muri iri zinga "coba akaga ka poritike".
Yabwiye abanyamakuru ati: "Intambara canke igihugu ca OTAN cogerageza kwigarurira ubutaka bw'ikindi gihugu ca OTAN vyoba ari umuhero w'iyi si uko tuyizi – kandi tuzi ko mu myaka itari mike ari yo yatumye tuba mu mutekano".
Hagati aho, ubuserukizi bw'Uburusiya mu Bubirigi bwashikirije "impungenge zikomeye" ku biriko bibera mu karere ka Artique, aho yagirije OTAN ko iriko irondera gushingayo imizi mu buryo bwa gisirikare "ku vyitwazo bitagira mvura vy'uko igeramiwe na Moscou be na Pékin".
Gusa, ingabo za OTAN z'ibihugu vya Bulaya zarungitswe muri iri zinga ni nke cane, mu myimenyerezo rusangi yiswe, Operation Arctic Endurance.
Finland iriko irungika intwazangabo zibiri mu co yita igikorwa co kurondera kumenya ibiriko biraba, mu gihe ari igihe c'integuro.
Janne Kuusela, umukuru w'igisata kijejwe imigambi mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi, yabwiye BBC ati: "Ubu nta kintu na kimwe dushira ku ruhande, ariko nta kintu kidasanzwe turiko turategura".

Ahavuye isanamu, Reuters
Finland na yo nyene ni igihugu kiri mu karere ka Arctique, Kuusela akavuga ko intego ari ugufata mu mugongo umubanyi mu vyo kwivuna umwansi, kubera hari impungenge ko OTAN ata bubasha bukwiye ifise kuri Groenland
Ejo ku wa kane, Ubudagi bwarungitse i Nuuk indege yo mu bwoko bwa A400M irimwo ingabo 13, nubwo abategetsi bavuga ko zizoguma muri Groenland gushika ku wa gatandatu.
Abategetsi ba Danemark bajejwe kwivuna abansi bavuga ko bafashe ingingo bari kumwe na reta ya Groenland yo kwongereza ingabo muri iryo zinga mu gihe kiri imbere kugira ngo OTAN "ishinge imizi mu karere ka Arctique ku neza y'umutekano wa Bulaya n'akarere k'impande zompi z'ibahari Atlantike".
Mw'ijambo ry'umwaka mushasha yashikirije igisirikare c'Ubufaransa, Macron yavuze ko Abanyabulaya bafise inshingano zidasanzwe muri Groenland "kubera aka karere kegukira Ubumwe bwa Bulaya kandi kakaba akarere k'umwe mu ncuti zacu za OTAN".
Amerika isanzwe ifise ikigo ca gisirikare muri Groenland zishika 150 ubu, kandi ifise uburenganzira bwo kwongereza iki gitigiri mu masezerano isanzwe ifitaniye na Danemark. Ariko, utwigoro turiko turakorwa turongowe na Danemark dufatwa ko ari ukwereka intwaro ya Trump ko incuti zayo za Bulaya na zo nyene zifise ijambo ku mutekano w'akarere ka Artique n'akarere k'uburaruko bwa Atlantike.
Umushikiranganji wa mbere wa Suède avuga ko ku wa gatatu iki gihugu carungitse ingabo i Nuuk. Ingabo zibiri za Norvège, intwazangabo y'igisirikare c'Ubwongereza hamwe n'intwazangabo y'igisirikare c'Ubuholande kirwanira mu mazi na zo nyene zararungitsweyo.
Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza bivuga ko iki gihugu gisangiye impungenge na Perezida Trump ku "mutekano w'ako karere", kandi ko mu kurungika iyi ntwazangabo harimwo "ukwongereza imyiteguro, mu ntumbero yo gutesha igitero c'Uburusiya n'ivyo Ubushinwa bworondera gukora".
Ejo ku wa kane, umushikirangaji wa mbere wa Danemark, Mette Frederiksen, yavuze ko gukingira no gucungera umutekano wa Groenland ari ikibazo rusangi c'urunani rwose rwa OTAN.
Umushikirangaji wo kwivuna abansi wa Danemark Troels Lund Poulsen avuga ko intego ari ukurungikayo ingabo zogenda "zikuranwayo", mu ntumbero yo kugumana ingabo igihe cose kuri iri zinga, aho ibihugu vy'incuti vyokwama bikorera hamwe imyimenyerezo.
Danemark yamirira kure insiguro zitangwa na Trump mu kurondera kwigarurira Groenland. Ku wa gatatu, Rasmussen, umushikiranganji wayo ajejwe imigenderanire, yavuze ko ata "kintu kigeramiye" iri zinga kiva mu Burusiya canke mu Bushinwa conanira Danemark na Groenland, nubwo ku rugero kanaka asangiye impungenge na Amerika mu vy'umutekano.
Vyitezwe ko kuri uno wa gatanu intumwa za Amerika zirongowe n'Abademokarate zigendera Danemark mu biganiro n'abashingamateka b'iki gihugu.
Ku wa gatatu, Rasmussen n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Groenland barashikiririje ijambo hamwe inyuma y'ibiganiro na Vance n'umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio.
Uno mushikiranganji wa Danemark ajejwe imigenderanire yabwiye imboneshakure yo muri Amerika Fox News ati: 'Intumbero y'umukuru w'igihugu [Trump] iri ngaho. Ariko natwe dufise umurongo utukura. Ubu turi mu 2026, urashobora kugiriranira ubucuruzi n'abantu, ariko ntushobora gucuruza abantu".
Muri ino ndwi, umushikiranganji wa mbere wa Groenland, Jens-Frederik Nielsen, yavuze ko aka karere kari mu bibazo bikomeye vya politike mpuzamakungu, kandi ko mu gihe abanyagihugu biwe bosabwa guhitamwo, ko bohitamwo Danemark aho guhitamwo Amerika.
Ashimangira ati: "Groenland ntishaka kwegukira Reta Zunze Ubumwe [za Amerika]. Groenland ntishaka kurongorwa na Amerika. Groenland ntishaka kuba intara ya Amerika".










