Iran yanyonze umuntu wa mbere yari mu myiyerekano ku caha co ‘kwanka Imana’

Ahavuye isanamu, @Vahid/Twitter
Iran itangaza ko yanyonze umuntu wa mbere yagiriwe n’icaha co kuba mu myiyerekano iheruka irwanya reta.
Mohsen Shekari yanyonzwe mu gatondo ko kuri uno wa kane inyuma y’aho sentare y'igihugu imukubitiye intahe mu gahanga ku caha co “kwanka Imana”, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyegamiye reta.
Yagirijwe ko yari “umugumutsi” yazibiye ibarabara rikuru ku mugwa mukuru Tehran ku wa 25 Nyakanga (9) yongera akomeretsa n’imbugita umunywanyi w’umurwi wa gisirikare, Basij.
Umwe mu baharanira agateka ka muntu avuga ko yagiriwe n’icaha mu “rubanza rw’amanyanga”.
Mahmood Amiry-Moghaddam, umukuru w’ishirahamwe rya Iran riharanira agateka ka zina muntu rifise icicaro muri Norvège, Iran Human Rights, yanditse kuri Twitter ko ivyo kunyonga abari mu myiyerekano bishobora gutangura gukorwa buri musi mu gihe abategetsi ba Iran batobona “ingaruka nyazo vuba bwango ku rwego mpuzamakungu”.
Ubucamanza bwa Iran gushika ubu butangaza ko abantu 11 baciriwe igihano c’urupfu ku ruhara bagize mu myiyerekano yatanguye hagati mu kw’icenda inyuma y’urupfu rwa Mahsa Amini, umugore w’imyaka 22 yari yahagaritswe n’igipolisi kijejwe inyifato kimwagiriza ko yari yambaye “nabi” hijab yiwe, canke ca gitambara co kwitwikira mu mutwe ku ba-Islam.
Iyi myiyerekano irongowe n’abagore iramaze gukwirakwira gushika mu bisagara 160 mu ntara 31 zose z’igihugu, ikaba iboneka ko ari co kibazo gikomeye gihanze ubutegetsi bwa ki-Islam kuva mu mpinduka zo mu 1979.
Abategetsi ba Iran bayifata ko ari “imigumuko” ikokezwa n’abansi b’igihugu bari mu mahanga, baca bategeka inzego zijejwe umutekano “kuyihasha ata kigongwe”.
Gushika ubu, abantu 475 bari muri iyo myiyerekano baramaze kwicwa, 18.240 nabo barapfungwa, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Activists' News Agency (HRANA). Rivuga kandi ko abajejwe umutekano 61 bamaze kwicwa.










