Iran 'iriko irasenyura' igipolisi kijejwe inyifato kubera imyiyerekano

Ahavuye isanamu, Getty Images
Na Siavash Ardalan & Marita Moloney
BBC Persian
Umushikirizamanza mukuru w’igihugu avuga ko igipolisi kijejwe inyifato, ari naco kijejwe kwubahiriza itegeko rya Islam rijejwe inyambaro muri Irani, kiriko kirasenyurwa.
Amajambo ya Mohammad Jafar Montazeri, n’aho ataremezwa n’ibindi bisata, yashikirijwe mu birori vyariko biba ejo ku wa Mungu.
Irani imaze amezi atari make mu myiyerekano yaturutse ku rupfu rw’umugore yari akiri muto yapfiriye mu gasho.
Mahsa Amini yari yapfunzwe n’igipolisi kijejwe inyifato camwagiriza ko yahonyanze amabwirizwa ajanye no kwitwikira.
Montazeri yari mw’ikoraniro ry’amadini igihe abazwa niba igipolisi kijejwe inyifato kiriko kirasamburwa.
Yavuze ati: "Igipolisi kijejwe inyifato ntaco gisa gisana n’ubutungane kandi carugawe kuva aho catanguriye”.
Iki gipolisi kigenzurwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, ntikigenzurwa n’ubutungane.
Ku wa gatandatu, Montazeri yabwiye kandi inama nshingamateka ya Irani ko ibwirizwa ritegeka abagore kwambara wa mwambaro wa hijab rigiye kwihwezwa.
Ariko n’aho igipolisi kijejwe inyifato kiriko kirasamburwa ntibisigura ko iri tegeko rimaze imyaka mirongo rizoca rihinduka.
Imyiyerekano irongowe n’abagore, yiswe “imigumuko” n’abategetsi, ikwiragiye muri Irani kuva Amini yari afise imyaka 22 apfiriye mu gasho ku wa 16 z’ukw’icenda, inyuma y’imisi itatu ahagaritswe n’igipolisi kijejwe inyifato ku mugwa mukuru Tehran.
Urupfu rwiwe rwabaye intandaro y’aka kaguma ariko kandi rwaje rukurikira uburakari bwari busanzwe mu gihugu butewe n’ubukene, ubushomeri, ubusumbasumbane, akarenganyo n’igiturire.
‘Impinduka nizo tubona'
Mu gihe vyokwemezwa, isamburwa ry’igipolisi kijejwe inyifato ryoba ryerekana ko ubutegetsi bwemeye impinduka ariko nta cemeza ko ico conyene coba kimaze kugira ngo imyiyerekano ihagarare, aho abari muri yo bagiye baturira ibitambara vyo kwitwikira mu mutwe.
Mu kiganiro Newshour ca BBC, umugore umwe w’umunya-Irani yavuze ati: "Kubona reta yafashe ingingo yo gusenyura igipolisi kijejwe inyifato ntibisigura ko imyiyerekano ihagaze.
"N’aho reta yovuga ko kwambara hijab ari ku gushaka kw’umuntu ntibihagije. Abanyagihugu barazi ko ata kazoza ka Irani igifise reta nk’iyi ku butegetsi.
“Tugiye kubona ingene abanyagihugu b’ingeri zitandukanye za Irani, baba ba ntahompagaze canke abakigendera ku mico ya kera, baza gushigikira abagore bariko bararwanira uburenganzira bwabo”.
Uwundi mugore nawe ati: "Twebwe, abari mu myiyerekano, ntitukirajwe ishinga na hijab. Tumaze imisi 70 dutembera tutayambaye.
"Tubona impinduka. Hijab niyo yabaye intango kandi nta kindi dushaka kindi atari urupfu rw’umukuru w’igihugu atwaza umukazo n’ihinduka ry’ubutegetsi”.
Ibinyamakuru vya reta ya Irani vyahakanye amakuru avuga ko igipolisi kijejwe inyifato kiriko kirasaburwa, nk’uko bivugwa na CNN.
Imboneshakure ya reta Al-Alam yoba yatangaje ko ibinyamakuru vyo mu mahanga vyerekana ko amajambo ya Montazeri avuga ko "Irani yasubije umugongo inyuma ku kibazo ca hijab n’ukwicisha bugufi, kandi ko vyavuye ku migumuko iheruka”.
"Ariko nta mutegetsi n’umwe wa Irani aratangaza ko igipolisi kijejwe inyifato casambuwe”.
Umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken avuga ko ari nka hamwe Irani yosambura igipolisi kijejwe inyifato coba ari “ikintu ciza” anashimagiza “ubutwari budasanzwe bw’urwaruka rwa Irani, cane cane abagore, bafashe iya mbere muri ino myiyerekano”.
Blinken avuga ati: "Nimba ubutegetsi hari ukuntu bwishuye ibisabwa muri iyo myiyerekano, iki coba ari ikintu ciza”.
Kuva habaye impinduka za ki-Islam mu 1979 muri Irani, iki gihugu cagiye kigira integuro zitandukanye z’“igipolisi kijejwe inyifato”, ariko ikiriho ubu – kizwi nka Gasht-e Ershad – nico nyamukuru muri kino gihe kijejwe guhagararira ikurikizwa ry’itegeko rya Islam rijejwe inyifato muri Irani.
Catanguye gukizura mu 2006 mu ntumbero yo kwubahiriza ibwirizwa rigenga inyambaro, ritegeka abagore kwambara impuzu ndende rikabuza kwambara ikaburuta, amajinisi (jeans) atabaguye hamwe n’izindi mpuzu zifatwa ko zitiyubashe.










