Iran: Imyiyerekano yakomeye mu gihe igipolisi kibangamiye cane abari muri yo

Iran protest

Ahavuye isanamu, TWITTER

Insiguro y'isanamu, Abari mu myiyerekano bihereje amabarabara mu bisagara birenga 20 ku musi wa gatatu mw'ijoro

Muri Iran haraye ijoro rya mbere ry'imyiyerekano ikomeye kuva hadutse imyiyerekano y'abatavuga rumwe na reta mu ndwi zitandatu ziheze.

Abantu barenga ibihumbi mirongo ibiri barihereje amabarabara mu bisagara bikuru bukuru co kimwe no mu bindi bibanza aho imyiyerekano yaheruka gucureha.

Iyo myiyerekano yongerekanye inyuma y'aho abayirimwo bibuka imisi 40 iheze kuva umugore w'umu Kurd w'umunye Iran Mahsa Amini apfiriye mu gasho k'igipolisi , bituma haba imigumuko.

N'ibihe bikomeye kuri Republika ya Kiislam ya Iran kuva yagashingwa.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ryo muri Iran rifise icicaro muri Norvege rivuga ko n'imiburiburi abantu bashika 234, harimwo abana 29, bamaze kwicwa n'inzego zijejwe umutekano gushika ubu.

Abategetsi ba Iran bavuga iyo myiyerekano ari "imigumuko" yateguwe n'abanyamahanga.

Amasanamu yashizwe ku mbuga hwaniro kandi yagenzuwe neza na BBC ko ari yo, yerekana imyiyerekano yakwiragiye henshi ku musi wa gatatu mw'ijoro.

Ku mugwa mukuru Tehran, hacanywe umuriro mu mabarabara mu gihe abantu amajana n'amajana bari mu myiyerekano mw'ibarabara rikuru batera ivyivugo harimwo "Urupfu ku batwaza umukazo", bashaka kuvuga umutegetsi w'ikirenga wa Iran , ubu kimaze kuba icitabiro kimenyerewe kuri bose.

Ibindi bisagara nka Andimeshk na Borujerd mu burengero, na Lahijan hagufi y'ikiyaga Caspienne mu buraruko, na ho hasubiriye kwaduka imigumuko.

Iyo myiyerekano yasubiye kwaduka inyuma y'umusi umwe havuzwe ko igipolisi carashe ku bari mu myiyerekano i Saqqez, ahavuka Mahsa Amini yapfiriye mu gasho inyuma yo guhagarikwa n'igipolisi yagirizwa "kwambara nabi" igitambara co mu mutwe.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bari bakoraniye hamwe mu kwibuka imisi 40 iheze kuva apfuye. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu hamwe n'ababibonye bavuga ko abajejwe umutekano barashe amasase nyayo n'ivyuka bikoroza amosozi mw'isinzi ry'abantu mu gisagara. Igitigiri c'abahasize ubuzima ntikiramenyekana.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: BBC ntibazwa ibiva ku zindi mbuga.

Impera ya X ubutumwa

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umugore w'imyaka 27 yari mu myiyerekano i Karaj, hagufi ya Teheran yabwiye BBC Persian ati: "Abantu barashavuye cane. Turabarambiwe [abategetsi ba Iran].

"Ndashaka uburenganzira bwo kuhakanira aba bantu. Ndarushe no kuba atangana n'abandi. Kubera gusa ndi umugore. Abagabo bararushe n'iterabwoba ry'ubutegetsi. Ubu ni bwo bwa mbere muri kahise k'iki gihugu cacu tugiye hamwe tuvuganira ikintu kimwe ari co umugore, ubuzima no kwishira no kwizana."

Imyiyerekano yakwiye igihugu cose muri Iran inyuma y'aho umugore Amini w'imyaka 22 apfiriye itariki 16 z'ukwezi kw'icenda.

Yari amaze imisi itatu apfunzwe n'igipolisi kijejwe ukwigenza neza i Tehran hanyuma ata ubwenge amaze kwikubita hasi mu gasho aho yari apfungiwe.

Hari inkuru zivuga ko abapolisi bamukubise bakoresheje inkoni bahonda n'umutwe wiwe ku modoka, ariko igipolisi kirahakana ko yafashwe nabi ahubwo ko yazize ingwara y'umutima.

BBC n'ibindi bimenyeshamakuru vyigenga vyarabujijwe gukorera muri Iran, bituma bigorana guhinyuza inkuru zivuzwe n'ibinyamakuru vya reta hamwe n'izindi nkuru. Abategetsi kandi bagiye barakata internet, bituma abari mu myiyerekano badashobora kwandika ku mbuga hwaniro.