Korea ya Ruguru yarashe mw’ibahari icikekwa ko ari misire iraswa kure

Ahavuye isanamu, KCNA via Reuters
Abategetsi ba gisirikare ba korea y’Epfo bavuga ko Korea ya Ruguru yarashe igisasu cikekwa ko ari misire iraswa kure (missile ballistique) ku nkengera y’ibahari, igisasu ca mbere kimenyekanye ko kigeragejwe kuva mu kwa gatandatu.
Ibi bibaye inyuma y’aho hari ubwato bwa Amerika burerura indege z’intambara buherutse gushika muri korea y’Epfo mu myimenyerezo rusangi ya gisirikare, hanyuma kandi imbere y’urugendo rutegekanywa rw’icegera c’umukuru w’igihugu Kamala Harris.
Seoul (umugwa mukuru wa Korea y’Epfo) ivuga ko iraswa ry’iki gisasu ari “igikorwa c’agasomborotso gakomeye”.
Ishirahamwe ONU rirabuza Korea ya Ruguru kugerageza ibirwanisho birasa kure hamwe n’ivy’ubumara.
Igisirikare ca Korea y’Epfo kivuga ko cabonye ico gisasu kirashwe hafi y’akarere ka Taechon kari ku birometeo birenga 100 mu buraruko bwa Pyongyang, umugwa mukuru wa Korea ya Ruguru.
Kivuga ko iki gisasu cagurutse gushika ku birometero hafi 600 kigendera ku burebure bw’ibirometero 60 mu kirere.
Mw’itangazo casohoye, kivuga kiti: "Igisirikare cacu cama citeguye kandi kiriko kirakorana mu buryo bwa hafi na Amerika, mu gihe gikomeza ibikorwa vya maneko no gucungera”.
Abajejwe gucungera inkengera y’ibahari b’Ubuyapani baremeza igerageza ry’iki gisasu, bakaba basavye amato “kuguma barikanuye”.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Ubuyapani Yasukazu Hamada avuga ko iki gisasu cageze ku burebure bwababa 50km mu kirere imbere y’uko kigwa mu mazi yo ku nkengera y’ubuseruko bwa Korea ya Ruguru, hanze y’igice c’inyanja cegukira Ubuyapani.
Soo Kim, umuhinga wo mw’ishirahamwe Rand Corporation, yabwiye AFP ati: "Ni uburyo bwa Korea ya Ruguru bwo kwerekana ko budakangwa n’urunani [ rwa Amerika].
Ubwato bwa nikleyeri bwa Amerika, USS Ronald Reagan, bwageze ku kivuko c’igisgara ca Busan kiri mu bumanuko ku wa gatanu, mu myimenyerezo rusangi izobera ku nkengera ya korea y’Epfo mu buseruko.
Igisirikare kirwanira mu mazi ca Korea y’Epfo kivuga ko iyi myimenyerezo ari “ku neza y’amahoro n’umutekano ku kigwa ca Korea”.
Umupfasoni Harris yiteze kugendera Korea y’Epfo mu misi iza mu rwego rw’urugendo muri ako karere, mu bizoba bimujanye hakaba harimwo no gushingura uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe.
Icuka kuri ico kigwa ca Korea cariyongereye mu mwaka uheze, aho Pyongyang yarashe ibisasu bitari bike vya misire ziraswa kure.
Igihe ashika ku butegetsi mu kwa gatanu, umukuru w’igihugu ca Korea y’Epfo, Yoon Suk-yeol, yariyemeje gufata ingingo zitoroshe kuri Korea ya Ruguru, atangaza n’ubucuti bwa hafi na Amerika.
Mu ntango za kuno kwezi, Korea ya Ruguru yaremeje itegeko riyiha uburenganzira bwo kwiyita igihugu gitunze ibirwanisho vy’ubumara, indongozi yayo Kim Jong-un akaba yamirira kure ibiganiro bijanye no gukura ibirwanisho vy’ubumara muri ico gihugu.
N’aho yafatiwe ibihano bikomeye, Pyongyang yaragerageje ibirwanisho bitandatu vy’ubumara hagati ya 2006 na 2017.











