Kim Jong-un avuga ko Korea ya Ruguru yiteguye gukoresha inguvu za nikleyeri

Kim avuga ko gukomeza igisata co kwivuna abansi ca Korea ya Ruguru ari "igikorwa cihutirwa"

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Kim avuga ko gukomeza igisata co kwivuna abansi ca Korea ya Ruguru ari "igikorwa cihutirwa"

Korea ya Ruguru iriteguye gukoresha inguvu zayo za nikleyeri mu kwirwanako, nk’uko indongozi yayo Kim Jong-un abivuga.

Mw’ijambo yashikirije mu birori vyo kwibuka Intambara ya Korea, Kim yongeyeko y’uko igihugu ciwe “citeguriye bihagije intambara ya gisirikare iyo ari yo yose” na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, nk’uko bishikirizwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta, KCNA.

Aya majambo ashikirijwe mu gihe hari amakenga ko Korea ya Ruguru yoba iriko irategura kugerageza ikindi gisasu ca nikleyeri ku ncuro igira indwi.

Mu kwezi guheze, Amerika yagabishije ko Pyongyang (umugwa mukuru wa Korea ya Ruguru) yashobora kugerageza iki gisasu umwanya uwo ari wo wose.

Korea ya Ruguru yaheruka kugerageza igisasu ca nikleyei mu 2017. Ariko, icuka kibi kibandanya ciyongera muri iryo zinga rya Korea.

Intumwa idasanzwe ya Amerika muri Korea ya Ruguru Sung Kim avuga ko Korea ya Ruguru imaze kugerageza ibisasu vya misire bitari bike muri uno mwaka – 31 ugereranije na 25 yagerageje mu mwaka wose wa 2019 uzwi ko ari wo mwaka yaherukirako kugerageza ibirwanisho vyinshi.

Mu kwa gatandatu, Korea y’Epfo yaciye yihora mu kugerageza ibisasu umunani vyayo vya misire.

N’aho intambara ya Korea yabaye hagati ya 1950 na 1953 yarangiye habaye amasezerano y’agahengwe, Korea ya Ruguru ifata ko aya masezerano ari intsinzi yayo kuri Amerika. Ibirori vyo kwibuka intsinzi bihimbazwa buri mwaka n’amadefire ya gisirikare, intambo n’imiriro y’umunezero.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw’ijambo ryiwe yashikirije mu guhimbaza uwo musi, Kim yavuze ko ivyago vya nikleyeri biterwa na Amerika bisaba ko Korea ya Ruguru ishika ku “gikorwa cayo cihutirwa” co gukomeza urwego rwo kwivuna abansi.

Yongerako y’uko Amerika ifata ukutari ko imyimenyerezo ya gisirikare, aho iyifata nk’agasomborotso.

Kim kandi asa n’uwuvuga ku makuru avuga ko Korea y’Epfo iriko irarondera kunagura integuro yo kwitanga igitero ca nikleyeri gishobora gukorwa na Korea ya Ruguru, mu gutegura ibitero vyo kwikingira mu gihe horamuka himirije igitero.

Iyi nteguro izwi nka "Kill Chain", yateguwe ubwa mbere imyaka cumi iheze, isaba ko haba ibitero vyo kwitanga misire za Pyongyang kandi mu gihe vyoshoboka n’abategetsi bayo bakuru.

Bamwe mu bahinga baragabisha ko ibi bifise inkurikizi zavyo kandi ko bishobora gutuma haba ugusiganwa mu kwegeranya ibirwanisho.

Muri ibi birori vyo kwibuka intsinzi, Kim avuga ko reta n’igisirikare vya Perezida Yoon Suk-yeol wa Korea y’Epfo bishobora “kuzimanganywa” mu gihe yoramuka akoze ibitero vyo kwitanga Korea ya Ruguru.

None Korea ya Ruguru yoba 'iri mu kwinjira mu ntambara'?

Umwihwezo wa Rupert Wingfield-Hayes, BBC News

Amajambo ya Kim Jong-Un yo kugabisha ko akarere ka Korea gashobora kuba “kari mu kwinjira mu ntambara” ni ibintu biteye ubwoba cane. Ariko amajambo ya Korea ya Ruguru akunze kuba ayo guturira, cane cane ku bakeba bakomeye.

Ibi vyerekana ingene ubutegetsi bwa Korea ya Ruguru bushavuriye umukuru w’igihugu mushasha wa Korea y’Epfo Yoon Suk-yeol.

Kuva afashe ubutegetsi mu kwa gatanu, Perezida Yoon yashikirije poritike nshasha ikaze yo kwirwanako. Izoshobora guha uruhusha ingabo za Korea y’Epfo gukora ibitero vyo kwitanga Korea ya Ruguru, mu gihe Seoul izoba ibona ko ishobora guterwa na Pyongyang ikoresheje ibirwansiho vya nikleyeri.

Iyi nteguro izwi nka "Kill Chain" ishobora kwemerera Korea y’Epfo gukora ibitero vyo kwitanga vya misire n’ivy’indege ku nyungu za Korea ya Ruguru, harimwo n’ibigo vy’intwazangabo n’igenzura vya gisirikare vya Korea ya Ruguru.

Mu yandi majambo, kugerageza kwica Kim Jong-Un we nyene.

Pyongyang ntiyishimiye kandi ingene Washington yigize sindabibazwa kuva Perezida iden asubiriye Donald Trump.

Ibi vyose bishobora kwerekana ko turiko tugana ahantu dushobora kubona Korea ya Ruguru yunyuye ibintu n’ibigirankana.

Ubu abantu bose biteze ko Pyongyang igiye gukora igerageza ry'igisasu ca nikleyeri gitererwa mu kuzimu ku ncuro igira indwi. Imyiteguro irabandanya kuva mu kwa gatatu ku kigo c’igerageza kiri ahitwa Punggye-ri.