North Korea yagerageje igisasu ca misire kinini gusumba ivyo imaze kugerageza vyose kuva 2017

Kim Jong-un

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Indongozi ya Korea ya Ruguru, Kim Jong-un, yaragendeye uruganda ruhingurirwamwo ibirwanisho mu ndwi iheze

Korea ya Ruguru yagerageje ikivugwa ko ari igisasu ca misire kinini gusumba ibimaze kugeregezwa vyose kuva mu 2017.

Korea ivuga ko ibikorwa vyo kugerageza iyi misire vyabaye isaha imwe n'iminota 52 z'agatondo (7:52) mu masaha yo muri ako karere kuri uno wa Mungu, ku nkengera za Korera ya Ruguru mu buseruko.

Ubuyapani, Korea y'Epfo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyose biriyamiriza iri gerageza rigize indwi muri kuno kwezi gusa.

Ishiramahwe ONU ryarabujije Korea ya Ruguru kugerageza misire zirasa kure n'ibirwanisho vya nikleyeri, mbere rikaba ryaranayifatiye ibihano bikomeye.

Ariko iki gihugu kiri muri Aziya y'ubuseruko cama gihonyanga iyi ngingo ikibuza ibi bikorwa, mbere n'indongozi yaco Kim Jong-un yariyemeje gukomeza igisata co kwivuna abansi c'ico gihugu.

Inama nkuru ya Korea y'Epfo ijejwe kwivuna abansi yavuze ko iki gisasu catewe kuri uyu wa Mungu ari igisasu kirasa kure giciriye hagati (Intermediate-range ballistic missile, IRBM), gishobora kuba ari co gisasu ca misire gisumba ibindi vyose bimaze kugeragezwa kuva mu kwa cumi na rimwe 2017.

Abategetsi b'Ubuyapani n'aba Korea y'Epfo bavuga ko iyo misire yageze ku burebure bw'ibirometero 2000 (2000km) uja hejuru, kikaba cakoresheje iminota 30 kugira gishike aho cari categuriwe ku burebure bw'ibirometero 800. Caguye mw'ibahari y'Ubuyapani (Mer du Japon/Sea of Japan).

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zisaba Korea ya Ruguru "kwirinda ibikorwa vyo guhungabanya umutekano", ni mw'itangazo ryasohowe n'ibiro vya gisirikare vya Amerika biri mu karere ka Pasifike ( Indo-Pacific Command).

Korea igerageje ibisasu vya misire incuro indwi muri kuno kwa mbere

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Korea igerageje ibisasu vya misire incuro indwi muri kuno kwa mbere

Uku kwezi kwa mbere kwabaye ukwezi kuranzwe n'ibikorwa bitari bike vya Korea ya Ruguru mu mugambi wayo wo guhingura no kugerageza ibisasu vya misire, aho ibitari bike vyatewe mw'ibahari.

Umukuru wa Korea y'Epfo, Moon Jae-in, avuga ko urukurikirane rw'ibi bikorwa vy'igerageza ry'ibisasu rwibutsa icuka kibi caduze mu 2017, igihe Korea ya Ruguru igerageza ibirwanisho vya nikleyeri bitari bike ikanatera ibisasu vya misire birasa kure, harimwo bimwe mbere vyaciye hejuru y'Ubuyapani.

Mu 2018, Kim yatangaje ko yari ahagaritse kugerageza ibirwanisho vya nikleyeri canke ibisasu vya misire birasa kure (Missiles balistiques intercontinentaux/intercontinental ballistic missiles, ICBM).

Ariko kuva mu 2019, uyu mutegetsi wa Korea ya Ruguru ntacubahiriza iyo ngingo yari yafashe.

Amerika yarafatiye ibindi bihano Korea ya Ruguru mu ntango z'uku kwa mbere, inyuma y'igerageza ry'ibisasu vya misire yari yakoze. Ibiganiro hagati y'ibi bihugu vyarahagaze kuva Perezida Joe Biden wa Amerika ashitse ku butegetsi.