North Korea yarashe icikekwa ko ari igisasu ca kabiri ca misire mu misi itandatu

Ahavuye isanamu, EPA
Korea ya Ruguru yarashe icikekwa ko ari igisasu ca misire kirasa kure (missile balistique/ballistic missile), mu kiringo kiri musi y'indwi imwe kuva irashe igisasu ivuga ko ari misire inyaruka gusumba ijwi.
Korea y'Epfo ivuga ko yabonye iraswa ry'ico gisasu isaha imwe n'iminota 27 z'agatondo mu masaha yo muri ico gihugu kuri uno wa kabiri, ni ukuvuga isaha zitandatu n'iminota 27 z'ijoro (00:27) mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda.
Abajejwe gucungera imbibe mu Buyapani nabo nyene baravuga ko bamenye iraswa ry'iki gisasu, aho bavuga ko Korea ya Ruguru yarashe "ikintu gisa na missile balistique".
Ibi bibaye haciye umwanya muto ibihugu bitandatu bisohoye itangazo risaba Korea ya Ruguru guhagarika "ibikorwa vyayo bihungabanya umutekano".
Umukuru w'ibiro bikuru vy'ingabo za Korea y'Epfo (JCS) yagize ati: "Igisirikare cacu cabonye misile yikekwa kuba yarashwe na Korea ya Ruguru ku butaka yerekeza mu nyanja y'Ubuseruko". Abandanya avuga ko inzego zijejwe igendereza za Korea y'Epfo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziri mu matohoza yimbitse.
Iraswa ry'iki gisasu rije gushimangira icemezo indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un yafashe co gukomeza igisata co kwivuna abansi nka bimwe mu vyo ashira imbere muri uno mwaka wa 2022, nk'uko yashikirije mw'ikoraniro rikomeye ryo mu kw'icumi na kabiri.
Ejo ku wa mbere, abaserukira Amerika muri ONU, bari kumwe n'Ubufaransa, Irlande, Ubuyapani, Ubwongereza na Albania, barasohoye itangazo ryiyamiriza igisa n'igerageza ry'igisasu ca misire mu ndwi iheze.
Linda Thomas-Greenfield aserukira Amerika muri ONU avuga ati: "Ibi bikorwa vyongereza ivyago vyo guharura nabi bigashobora no kwunyura ibintu, kandi bikanabangamira umutekano w'akarere".
Ibi bihugu bitera akamo Korea ya Ruguru "kwirinda ibindi bikorwa vyo guhungabanya umutekano...ikinjira mu biganiro nyavyo bishikana ku ntumbero rusangi yacu yo kuhagarika burundu umugambi wo guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara".
Amerika ibandanya itera akamo Korea ya Ruguru guhagarika umugambi wayo wo guhingura ibirwanisho vy'ubumara, ni mu gihe imigenderanire hagati ya Pyongyang n'ubutegetsi bwa Perezida Joe Biden irangwa n'icuka kibi.
Korea ya Ruguru iragiriza kandi Korea y'Epfo gukoresha ka mwana wa mama ku bijanye n'ibikorwa vya gisirikare vyayo.
Korea y'Epfo iherutse kugerageza ubwa mbere igisasu ca 'missile balistique' kirasirwa mu nyanja, ikavuga ko ari nkenerwa mu ntumbero yo kwirinda "agasotoro" ka Korea ya Ruguru.










