Amakuru avuga ko North Korea yashoboye kugerageza misire inyaruka gusumba ijwi incuro zitanu

Ikinyamakuru KCNA kivuga ko iki gisasu "cagemye neza" ikibanza cari categuwe kiri ku birometero 700

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ikinyamakuru KCNA kivuga ko iki gisasu "cagemye neza" ikibanza cari categuwe kiri ku birometero 700

Korea ya Rugugu yashoboye kugerageza igisasu ca misire kinyaruka gusumba ijwi incuro zitanu (missile hypersonique/hypersonic missile) ejo ku wa gatatu, iri rikaba ari ryo gerageza rya mbere rikomeye ikoze uno mwaka, nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru ca reta.

Ikinyamakuru KCNA kivuga ko iki gisasu "cagemye neza" ikibanza cari categuwe kiri ku birometero 700.

Iki ni igisasu c'ubu bwoko kigize kabiri, kikaba gishobora kumara umwanya muremure kitarabonwa n'ivyuma bijejwe kugenzura ibica mu kirere (radars) gusumba izindi misire ziterwa kure (missiles ballistiques/ballistic missiles).

Iki gisasu kigeragejwe mu gihe indongozi y'iki gihugu Kim Jong-un yari yatangaje ko yiyemeje gukomeza ubuhinga bwo kwivuna abansi bwa Pyongyang (umugwa mukuru wa Korea ya Ruguru).

Mw'ijambo ry'umwaka mushasha yashikirije, Kim yavuze ko Pyongyang izobandanya ikomeza ubushobozi bwayo bwo kwivuna umwansi kubera ibintu bibandanya biba nabi mu bijanye na gisirikare mu karere ka Korea (kagizwe na Korea y'Epfo, na Korea ya Ruguru).

Mu mwaka uheze, Korea ya Ruguru yaragerageje vya misire bitari bike, inyuma y'aho ibiganiro hagati yayo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe na Korea y'Epfo bihagarariye.

Pyongyang yarinjiye mu gitigiri gito c'ibihugu, harimwo Amerika n'Ubushinwa, mu kugerageza guhingura ibisasu vya misire binyaruka gusumba ijwi.

Abajejwe gucungera imbibe b'Ubuyapani nibo babanje kubona ibi bisasu vyariko bigeragezwa, imbere yo kwemezwa n'abategetsi bajejwe kwivuna abansi ba Séoul (umugwa mukuru wa Korea y'Epfo).

KCNA ivuga ko iri gerageza ryemeje bimwe mu bikigize, nk'ubuhinga bwo kugenzura iguruka ryaco (contrôle de vol/flight control) hamwe n'ubushobozi bwo gukora mu gihe c'ubukonje.

Ibisasu binyaruka gusumba ijwi mu bisanzwe bigendera hafi gusumba ibindi bisasu birasa kure, bikaba bishobora gusiga ijwi incuro zirenga zitanu - bisiguye umuvuduko ungana n'ibirometero hafi 6200 kw'isaha.

Ankit Panda, umuhinga wo mu kigo Carnegie Endowment for International Peace, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko iki gisasu cageragejwe kidasa neza na neza n'ikindi cageragejwe mu kw'icenda kw'umwaka uheze - kizwi kw'izina rya Hwasong-8 - ariko hari bike vyompi bihuriyeko.

Iyi misire nshasha yashizwe ahabona ubwa mbere mu birori vyo kwerekana ubushobozi bwo kwivuna abansi vyabereye i Pyongyang mu kw'icumi mu 2021.

Pyongyang igerageje iki gisasu mu gihe ihanganye n'ikibazo c'ubukene bw'imfungurwa giturutse ku ngingo zo kuzibira coronavirus zagize ingaruka mbi ku butunzi bwayo.

Mu nama irangiza umwaka, Kim yavuze ko igihugu kiri mu "rugamba rukomeye rwo gupfa no gukira", yongerako y'uko intumbero nyamukuru muri uno mwaka ari uguteza imbere ubutunzi n'imibereho y'abanyagihugu.

Ariko n'aho iri muri izi ngorane, Korea ya Ruguru nta kintu na kimwe cerekana ko iriko iragabanya akariro mu mugambi wayo wo guhingura ibirwanisho, ikavuga ko bikenewe ku mvo z'umutekano wayo.

Amerika itera akamo Korea ya Ruguru guhagarika umugambi wayo wo guhingura ibirwanisho, mbere n'imigenderanire hagati ya Pyongyang n'ubutegetsi bwa Perezida Joe Biden gushika ubu ikaba irangwa n'icuka kibi.