Ukraine ishaka kwegeranya 'abasirikare umuliyoni' kugira yisubize ubumanuko bw'igihugu

Abasirikare bashasha ba Ukraine bariko baramenyerezwa n'ingabo z'Ubwongereza mu kigo ca gisirikare kiri i Manchester

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Abasirikare bashasha ba Ukraine bariko baramenyerezwa n'ingabo z'Ubwongereza mu kigo ca gisirikare kiri i Manchester

Ukraine itegekanya "abasirikare umuliyoni" bitwaje ibigwanisho yahawe na Otan mu kwisubiza ubumanuko bw'igihugu bwigaruriwe n'Uburusiya nk'uko bivugwa n'umushikiranganji wo kwivuna abansi.

Oleksii Reznikov avuga ko ukwisubiza uturere dukikuje inkengera z'ikiyaga cirabura ari ngombwa ku butunzi bw'ico gihugu.

Ariko ayo majambo asa nk'akamo ariko aratera gusumba umugambi nyezina nk'uko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC ari i Kyiv Joe Inwood.

Ayo majambo y'umushikiranganji wo kwivuna abansi ayavuze mu gihe Uburusiya buriko buratera intambwe mu kwigarurira akarere ko mu buseruko ka Donbas.

Igitero ku nzu y'amagorofa ku musi w'Imana cahitanye abantu boba bashika 18 - hakaba hari ubwoba ko abarenga 20 boba bari musi y'ibihomoke vy'iyo nzu.

Abajejwe gutabara baracarondera aboba bagihema ahari hubatswe iyo nzu y'amagorofa atanu i Chasiv Yar, hafi y'igisagara ca Kramatorsk, mu karere ka Donetsk Uburusiya bwibanze cane mu gutera.

Mu kiganiro ciwe yahaye ikinyamakuru Times, Reznikov yashimagije cane Ubwongereza kuba bwarabaye "kirumara" mu gufasha Ukraine kuronka ibigwanisho vya Otan vyo kwikingira ibitero vy'indege ivuye kuvyahoze bikoreshwa ku ntwaro ya kisoviete.

Yavuze ko itangwa ry'ibigwanisho rikwiye kwihutishwa.

Yagize ati: "Dukeneye ibindi vyinshi, vyihuta, kugira dukingire ubuzima bw'abasirikare bacu. Buri musi dutakaza abasirikare amajana n'amajana mu gihe turindiriye ibigwanisho bitera ibibombe."

Umushikiranganji wo kwivuna abansi yongeyeko ati: "Tugereranije dufise abantu 700.000 mu ngabo, dushizeko abacungera umutekano mu gihugu (National guard), abapolisi n'abacungera imbibe, turashika umuliyoni.

Ariko Dr Jack Watling, umushakashatsi wo mu rwego rwo hejuru mu kigo ca Royal United Services Institute, ntiyemera ivyo ico giharuro.

Watling yabwiye BBC ati: "Si umuliyoni w'abasirikare bakomeye bazogira ibitero vyo kwisubiza uturere twanyazwe.

"Mubisanzwe wogira ibikorwa vya gisirikare bitunguranye mu gihe ushaka kugira ibitero nk'ivyo, kubimenyesha rero ku mugaragaro bisa no kuvunira akagohe Uburusiya ngo burondere ubundi buryo bwinshi kugira bwitegurire ivyo bitero."