Ibikorwa vya Ukraine vyo kwikura umwansi kw’izosi vyatanguye, vyemezwa na Zelensky

Orgue de Staline

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Oliver Slow
    • Igikorwa, BBC News

Umukuru w’igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky asa n’uwemeza ko ca gitero co kwikura umwansi kw’izosi cari kimaze igihe kirekire kirindiriwe catanguye.

Ati: "Ibikorwa vyo kwivuna no kwirukana umwansi biriko birabandanya”.

Ariko yongerako y’uko adashobora gutanga amakuru aramvuye y’aho iki gikorwa kigeze.

Avuze aya majambo mu gihe intambara zibica bigacika mu bumanuko no mu buseruko bwa Ukraine.

Ingabo za Ukraine zivugwa ko zateye intambwe mu buseruko hafi y’igisagara ca Bakhmut be no mu bumanuko hafi ya Zaporizhzhia, zikaba zarakoze ibitero zikoresheje ibisasu biraswa kure ku bigo vy’Uburusiya.

Ariko kumenya ibibera ku rwasiro vy’ukuri ntivyoroshe, mu gihe impande zompi zitanga amakuru avuguruzanya: Ukraine ivuga ko itera intambwe Uburusiya nabwo bukavuga ko busubiza inyuma ibitero.

Hagati aho, mu ntara y’Uburusiya ya Kaluga - ihana urubibe n’uturere two mu bumanuko mu micungararo y’umugwa mukuru Moscou – buramatari Vladislav Shapsha yacishije ubutumwa kuri Telegram buvuga ko mu gaturuturu ko kuri uno wa Mungu indege itagira umudereva (drone) yakorokeye hafi y’ikigwati ca Strelkovk. BBC ntiyashoboye guhinyuza yo nyene aya makuru.

Mu kiganiro casohotse ku wa gatanu, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yavuze ko ingabo za Ukraine zishobora kuba zari zatanguye igitero cazo ariko ko capfuvye kandi ko zahatikiriye.

Mw’ijambo yavuze nijoro ku wa gatandatu ahejeje kubonana n’umushikiranganji wa mbere wa Canada Justin Trudeau, Perezida Zelensky yavuze ko amajambo y’umukuru w’igihugu c’Uburusiya “ashimishije”.

Avuga yigira nk’uwutazi Putin uw’ari we, Zelensky yamenyesheje ko ari ngombwa ko Uburusiya butahura ko ata “gihe kinini busigaje”.

Yavuze kandi ko abakomanda b’igisirikare ca Ukraine bahagaze neza, yongerako ati: “Ibi ni mubibwire Putin”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igihe yari muri uru rugendo rutamenyeshejwe, Trudeau yatangaje imfashanyo y’imiriyoni 500 y’amadorari ya Canada mu mfashanyo nshasha ya gisirikare kuri Ukraine.

Hagati aho, intambara ni urutavanako kuva mu misi mike iheze mu ntara ya Zaporizhzhia, nk’uko vyemezwa n’abategetsi b’Uburusiya, aho ingabo za Ukraine zivugwa ko ziriko ziragerageza guca inzira izishikana ku kiyaga Azov, ivyotuma ingabo z’Uburusiya zicibwamwo kubiri.

Ariko icizere c’ingabo za Ukraine co gutera intambwe gishobora kuburizwamwo n’imyuzure ikomeye cane mu bumanuko bw’igihugu inyuma y’aho urugomero rwa Nova Khakovka rubomorewe mu ndwi iheze.

Iyi myuzure yiziziye akarere Kangana n’ibirometero kwadarato (km2 )596 ku mpanze zompi z’uruzi Dnipro.

Mw’ijambo yaraye ashikirije nijoro ku wa gatandatu, Zelensky yavuze ko abantu 3000 bashoboye guhungishwa bakuwe mu ntara za Kherson na Mykolaiv zatewe n’iyi myuzure.

Umukuru w’intara ya Kherson Oleksandr Prokudin avuga ko amazi yamanutse isentimetero 27, ariko ko ibibanza birenga 30 biri ku ruhande rw’i buryo bw’uru ruzi bikiri mu myuzure, kandi ko amazu yari atuwemwo n’abantu yababa 4.000 akiri mu mazi.

OTAN n’igisirikare ca Ukraine bagiriza Uburusiya ko ari bwo bwaturikije uru rugomero, mu gihe Uburusiya na bwo bwagiriza Ukraine.

Iyi nyubakwa ituwemwo n'abantu muri Odesa yononekariye mu gitero ca drone c'Uburusiya

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Iyi nyubakwa ituwemwo n'abantu muri Odesa yononekariye mu gitero ca drone c'Uburusiya

Mu tundi turere, abantu batatu barapfuye abandi batari bake barakomereka mu gitero c’Uburusiya ku gisagara ca Odesa kiri mu bumanuko mw’ijoro ryo ku wa gatanu buca ari ku wa gatandatu.

Ibisigarira vya drone yarashwe vyateje umuriro ku nyubakwa ituwemwo n’abantu muri ki gisagara kiri ku mweha, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Ukraine.

Mu kindi gitero cabaye muri iri joro, Uburusiya bwateye ikibuga c’indege mu ntara ya Poltava iri hagati mu gihugu.

Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere kivuga ko igitero ca Odesa, camaze amasaha atandatu, carimwo ibisasu vya misire umunani n’amadrone 35, kandi ko cashoboye gukorora amadrone 20 na misire zibiri.