Intambara ya Ukraine: Umusirikare w'Uburusiya arapfunzwe na Wagner azira akaboregwe

Wagner

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Uwurongoye Wagner Yevgeny Prigozhin aramaze kwifatira mu gahanga incuro nyinshi abategetsi ba gisirikare b'Uburusiya

Abacangero ba Wagner bavuga ko ipfunze umusirikare mukuru w'Uburusiya, yagirizwa kurasa ku modoka ya Wagner muri Ukraine.

Muri Video, uwo musirikare asigura ko ivyo vyashitse igihe yari yaborewe, kubera urwanko yanka Wagner.

Imbere y'aho, umukuru w'uwo mugwi wa Wagner yavuze ko igisirikare c'Uburusiya cateze ibisasu vya mine mu mabarabara Wagner yakoresheje mu kuva mu gisagara ca Bakhmut.

Hasanzwe hari imishamirano hagati ha Wagner n'igisirikare ca reta y'Uburusiya, n'aho basanzwe bagwanira ku ruhande rumwe.

Uwurongoye abo bagwanyi bigenga, Yevgeny Prigozhin, yarifatiye mu gahanga ata guca iruhande abategetsi ba gisirikare b'Uburusiya, yidogera kudahabwa ibigwanisho igihe bariko baragwanira i Bakhmut, igisagara kiri mu karere ka Donetsk kari mu buseruko bwa Ukraine.

Abagwanyi ba Wagner ni bo barongoye intambara muri ako karere ku ruhande rw'Uburusiya, yabaye ndende ihitana n'abantu benshi.

Mu kwezi guheze, yaremeje ko yigaruriye burundu ico gisagara cose aca agishikiriza igisirikare c'Uburusiya.

Muri video yashizwe ku rubuga rwa Telegram rw'ibiro bijejwe kumenyesha amakuru vya Prigozhin, uwo musirikare aboneka ariko arabazwa kuri ivyo vyabaye.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Muri iyo video, avuga ko yarashe ku modoka ya Wagner mu gihe yari yaborewe, bivuye "ku bunyamaswa bwiwe bwite".

Yemeje kandi ko hagati y'abagenzi we 10 na 12 batse ibigwanisho abagwanyi ba Wagner, n'aho ivyo bitagaragara neza ko vyabaye ico gihe nyene.

Abajijwe igituma adakunda umugwi wa Wagner, yishuye ko "na we nyene ata vyo azi".

Imbere gato y'uko iyo video ija ahabona, Prigozhin yashize ahabona inyandiko ivuga ko imigwi ikorana n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya yateze imitego ya mine mu mabarabara mu nkengera ya Bakhmut, abagwanyi ba Wagner bakoresha mu kuva muri ico gisagara.

Abajijwe n'umumenyeshamakuru ivyemeza ko ubushikiranganji bw'imigenderanire bubifisemwo uruhara, Prigozhin yishuye mu gushira iyo video y'uwo musirikare apfunzwe ku rubuga.

Yanditse:"Ng'iki icemeza, nta gukekeranya na gato", n'aho uwo musirikare aboneka avuga kubindi bintu bidasa n'ivyo.

N'aho bigoye guhinyuza ivyo umugwi wa Wagner uvuga, ivyo bivugwa n'ikindi kimenyetso c'imigenderanire itameze neza hagati y'ico gisirikare c'abacangero, catakaje abantu benshi mu ntambara y'i Bakhmut, n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya.

Ku musi wa mbere, Prigozhin yarasubiriye kunebagura uburongozi bw'igisirikare c'Uburusiya, avuga ko abasirikare batakaje bimwe mu birindiro vyo mu micungararo ya Bakhmut, avuga ko ari "ibiterasoni".

Yateye akamo umushikiranganji wo kwivuna abansi Sergei Shoigu n'umukuru w'igisirikare Valery Gerasimov kuja ku rubuga rw'intambara kwifatanya n'abasirikare avuga ko, bagenda biyonjorora.