Ukraine: Putin abwira ba nyina b’abasirikare b’Uburusiya ko asangiye akababaro nabo

Bamwe muri aba bagore bari bambaye ibitambara vyirabura ku mutwe – ikimenyetso c’ikigandaro.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bamwe muri aba bagore bari bambaye ibitambara vyirabura ku mutwe – ikimenyetso c’ikigandaro.

 "Dusangiye umubabaro namwe", niko Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yabwiye umurwi w’abagore ba nyina b’abasirikare b’Uburusiya bari mu ntambara - bamwe muri bo bakaba barishwe – muri Ukraine.

Mw’ijambo ryiwe ryacishijwe mu binyamakuru vy’Uburusiya, yavuze ati: "Nta kintu na kimwe cosubirira umuhungu wawe”.

Abenshi muri abo bagore bari mu mihari yegereye Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu w’Uburusiya). Abanegura ubutegetsi bwiwe bavuga ko abari muri iyo nama bacaguwe mu bwitonzi.

Mu Burusiya, abatavuga rumwe nawe ku gitero yakoze kuri Ukraine bagenda biyongera.

Mu gihugu cose, abagore bafise abana babo bari mu gisirikare baridoga ku mugaragaro ko abahungu babo bariko bararungikwa ku rugamba ata nyigisho zihagije bahawe kandi ata n’ibirwanisho n’imyambaro bikwiye bafise, cane cane mu gihe igihe c’ubukonje burenze urugero cageze.

Bamwe bagiriza igisirikare c’Uburusiya ko abo carungitse ku nguvu cabashize “ku risongoye”, inyuma yo gutsindwa bikomeye ku rugamba mu misi iheze.

Abasirikare bababa 100.000 b’Abarusiya n’abandi bababa 100.000 ba Ukraine baramaze kwicwa canke gukomereka kuva intambara itanguye ku wa 24 Ruhuhuma uno mwaka, nk’uko bivugwa n’intwazangabo nkuru yo mu gisirikare ca Amerika, Mark Milley.

Mu bintu bidahuse biribonekeza, mu kw’icenda Kremlin yavuze ko hari amakosa yakozwe mu gikorwa co kwegeranya abasirikare b’integabizoza.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu nama y’ejo ku wa gatanu ku muhana iwe hafi ya Moscou, Putin yerekanywe yicaye ku meza ndende ari kumwe n’umurwi w’abavyeyi 17. Bamwe muri bo bari bambaye ibitambara vyirabura ku mutwe – ikimenyetso c’ikigandaro.

Putin yavuze ati: "Nshaka ko mumenya ko jewe ubwanje, hamwe n’abategetsi bose b’igihugu, twifatanije umubabaro namwe”.

Yabwiye umugore umwe ko umuhunu wiwe “yashitse ku ntego yiwe”, ati kandi “ntiyapfiriye ubusa”.

Putin avuga ko yari yashatse kubonana n’aba bavyeyi imbona nkubone kugira ngo yiyumvire we nyene iryo bagona ku bijanye n’ingene ibintu bimeze ku rubuga rw’intambara.

Yamenyesheje kandi ko igihe cose yama avugana n’abasirikare b’Uburusiya bari ku rugamba, aho avuga ko ari “intwari”.

Umukuru w’igihugu kandi asaba aba bagore kwima amatwi “amakuru y’ibinyoma” ku vyerekeye intambara ku mboneshakure canke ku mbuga hwaniro.

Mu gihe kuronka amakuru yizewe ku kungene ibintu bimeze muri Ukraine bigoye kubera Kremlin igenzura ibica mu binyamakuru, abantu benshi bahisemwo kuzunguruka iri genzura baciye ku buhinga bwa VPN kugira ngo baronke amakuru.

Mu cegeranyo c’iyi nama casohowe na Kremlin haciye amasaha make, abatari bake muri abo bagore basanze bari mu mihari yegereye Putin.

Aba bagore bava mu turere dutandukanye tw’Uburusiya, nk’uko iki cegeranyo kibivuga, harimwo n’imiburiburi umwe yavuye mu karere kitangaje ko ari igihugu cigenga kw’izina rya Repubulika ya Luhansk mu buseruko bwa Ukraine, Moscou iherutse gutangaza ko yihagiye mu mezi aheze.

Umunywanyi w’umuhari Front populaire panrusse/All-Russia People's Front wegamiye Kremlin, na we nyene niho yari ari, co kimwe n’uwundi wo mu muhari uzwi nka Combat Brotherhood usanzwe wegeranya imfashanyo kugira zihabwe abasirikare b’Abarusiya.

Umushingamateka wo mu mugambwe uri ku butegetsi mu Burusiya, United Russia, na we nyene yari muri iyo nama, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru bimwe bimwe vyegamiye uruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.